ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/03 rup. 7
  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • Guteza imbere ibijanye n’umurimo urangurwa mu rurimi runyamahanga
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Uburyo bwo kwamamaza inkuru nziza
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Abacungezi bo kuragira ubusho
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Nubungabunge ukwizera kwawe igihe ukorera mu mahanga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 1/03 rup. 7

Inyishu ku Bibazo Vyanyu

◼ Ni ryari vyoba bibereye ko hashingwa umugwi ukoresha ururimi runyamahanga?

Igihe icibare c’ishengero kirimwo abantu benshi bakoresha ururimi runyamahanga, abakurambere bakwiye gukora uko bashoboye kugira ngo baringanize igikorwa co kwamamaza muri urwo rurimi. (km-RU 3/98 rup. 3-4) Vyoshoboka ko abo bantu bakoresha urwo rurimi runyamahanga usanga bakwiragiye mu vyibare vy’amashengero yegeranye, ari abiri canke arenga. Muri ico gihe, umu(aba)cungezi w’umuzunguruko a(ba)zotanga ubuyobozi bukenewe, gutyo a(ba)be a(ba)fashije amashengero yegwa n’ico kibazo gusenyera ku mugozi umwe muri ico gikorwa c’ukwamamaza. Rimwe na rimwe, insiguro y’icese canke Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi yoshobora gutegekanywa kugira ngo barabe abantu bavuga urwo rurimi bashobora kwitaba amakoraniro uko bangana.

Umugwi ukoresha ururimi runyamahanga urashobora gushingwa igihe ibisabwa bikurikira bishitswa: (1) Igihe hariho abamamaji canke abashimishijwe batahura neza inkuru nziza muri urwo rurimi. (2) Igihe hashobora kuboneka umukurambere abishoboye canke umukozi w’ishengero abishoboye, kugira ngo ahagarikire yongere arongore n’imiburiburi ikoraniro rimwe rigirwa ku ndwi. (3) Igihe hari inama y’abakurambere yiteguriye gushigikira uwo mugwi. Ivyo bisabwa bimaze gushitswa, abakurambere bakwiye kubimenyesha ibiro vy’ishami kugira ngo uwo mugwi ushobore kwemerwa icese, hashobore gutangwa n’ayandi macishabwenge.

Imigwi itari mike itangurira ku Nyigisho y’Igitabu y’Ishengero igirwa ku ndwi ku ndwi. Mu nyuma, abakurambere boshobora kwemeza yuko hongerwako ayandi makoraniro, nk’akarorero, Ikoraniro ry’Icese be n’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Ikigabu No. 2, No. 3, na No. 4 vyo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi vyoshobora gutangirwa mw’isomero ry’inyongera, niba hari umukurambere canke umukozi w’ishengero abishoboye avuga urwo rurimi yoshobora gukora bwa wutanga impanuro. Ariko rero, uwo mugwi uzokwifatanya n’ishengero ku nsiguro ya kamere y’ivy’ukuvuga, ku nsiguro ncishabwenge, ku vyiyumviro bikurubikuru vyo mu gisomwa ca Bibiliya be no kw’Ikoraniro ry’Umurimo. Amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro na yo nyene yoshobora kuringanizwa ku bw’uwo mugwi.

Abari muri uwo mugwi bose bazokora bahagarikiwe n’inama y’abakurambere. Abakurambere bakwiye gutanga ubuyobozi buri ku burimbane kandi bakerekana ko bitwararika cane ivyo uwo mugwi ukeneye. Igihe umucungezi w’umuzunguruko agendeye ishengero, azotegekanya kandi kuzosohokana mu ndimiro n’abagize uwo mugwi kugira ngo abubake mu buryo bw’impwemu. Biciye ku muhezagiro wa Yehova, uwo mugwi ukoresha ururimi runyamahanga woshobora mu nyuma kuzocika ishengero.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika