ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/03 rup. 12
  • Ijambo ry’Imana ni ukuri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ijambo ry’Imana ni ukuri
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • ‘Ijambo ry’Imana rirafise ububasha’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • “Ijambo ry’Imana . . . Rifise Ubukuba”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Woba uburanira Ijambo ry’Imana?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • ‘Nubandanye kugendera mu kuri’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 5/03 rup. 12

Ijambo ry’Imana ni ukuri

1. Ni amakuru ahambaye ayahe dusanga muri Bibiliya?

1 Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Ijambo ryawe ryose ripoperanirijwe mu kuri” (Zab. 119:160). Biciye kw’Ijambo ryiwe ryahumetswe, Yehova aratanga inyishu zishika ku nyota ku bibazo bihambaye kuruta vyerekeye ubuzima. Arahumuriza akongera agaha icizigiro abantu bari mu ngorane. Vyongeye, aratwereka ukuntu dushobora kumwiyegereza. Umugore umwe afise umutima wo gukenguruka yavuze ati: “Kwiga ukuri kwo muri Bibiliya bimeze nko kuva ahantu h’umwiza w’umuzitanya ukinjira mu cumba habona, harimwo umuco kandi hateye igomwe”. Woba wihatira kuyagira abandi ukuri kw’Ijambo ry’Imana igihe cose akaryo kabonetse?

2. Bibiliya iryohora gute ubuzima bw’abantu?

2 Ububasha bwo guhindura ubuzima no gukwegera abantu bo mu mihingo yose: Ukuri kwa Bibiliya kurafise ububasha bwo gukora ku mutima no guhindura ubuzima (Heb. 4:12). Umugore umwe akiri muto yitwa Rosa yari yarisutse mu bumaraya, akaborerwa akongera agafata ku biyayura umutwe, avuga ati: “Umusi umwe, igihe nari nihebuye birengeje, hari Ivyabona babiri bubakanye bambwiye ivyerekeye ukuntu Bibiliya ishobora kudufasha gutorera umuti ingorane turimwo. Naciye ntangura kwiga Ijambo ry’Imana, rikaba ryarankwegereye cane. Mu kwezi kumwe, nari maze kuronka inguvu zo gutangura kugira ubuzima bushasha butyoroye. Muri iki gihe, kubera ko mfise intumbero mu buzima, singikeneye kurinda gufashwa n’inzoga be n’ibiyayura umutwe. Ikindi, kubera yuko nashaka cane kuba umukunzi wa Yehova, nari niyemeje kubaho nisunga ingingo ngenderwako ziwe. Iyo ntaba nararonse ubukerebutsi ngirakamaro buva mw’Ijambo ry’Imana, ndazi neza ko ubu mba naramaze kwiyahura”.—Zab. 119:92.

3. Ni kubera iki tudakwiye kureka kubarira abandi ubutumwa bwa Bibiliya?

3 Mu buryo butandukanye n’ibindi bitabu vyinshi vyo muri iki gihe, Bibiliya irakwegera abantu bo ‘mu mahanga yose, mu moko yose, mu miryango yose no mu ndimi zose’ (Ivyah. 7:9). Imana igomba “kw abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ukuri” (1 Tim. 2:4). Ni co gituma tudakwiye kwigera twiyumvira yuko umuntu atazokwakira neza inkuru nziza kubera gusa ivyo yakuriyemwo. Ahubwo nyabuna, nushikirize ubutumwa bw’Ubwami abantu bose, ukoresheje Bibiliya igihe cose bishoboka.

4. Dushobora gute gukoresha Bibiliya igihe dushinga intahe?

4 Nukoreshe Ivyanditswe: Hari uturyo twinshi two gukoresha Bibiliya igihe turi mu busuku. Igihe ushikiriza ibinyamakuru, nugerageze gushiramwo n’icanditswe catanzwe muri bwa buryo tugirwa inama gukoresha. Igihe bashikiriza ibinyamakuru vyagenewe gushikirizwa mu kwezi, bamwebamwe basanga ari ngirakamaro ko mu majambo yo gutanguza ikiyago, basoma n’icanditswe bateguye neza. Igihe cose usubiye kugendera umuntu, nushikirize icanditswe kimwe canke birenga vyo muri Bibiliya kugira ngo ufashe uwo wasanze ku muhana kugenda arushiriza kugira ubumenyi ntagakosa. Igihe urongora inyigisho ya Bibiliya, ikiganiro cawe nugishingire ku vyanditswe nyamukuru. Igihe utari mu gikorwa co kwamamaza categekanijwe, nugumane Bibiliya hafi kugira ngo uyikoreshe akaryo ko gushinga intahe karamutse kizanye.—2 Tim. 2:15.

5. Ni kubera iki dukwiye kwihatira gukoresha Bibiliya mu busuku turangura?

5 Nimuze dufashe abandi kwungukira ku bushobozi bw’Ijambo ry’Imana ry’ukuri buvyura ingiro, mu gukoresha Bibiliya igihe cose akaryo kabereye kabonetse mu busuku turangura.—1 Tes. 2:13.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika