“Ijambo ry’Imana . . . Rifise Ubukuba”
1 Intumwa Paulo yanditse ati: “Ijambo ry’Imana [ni] rizima, rifise ubukuba.” (Heb. 4:12) Aho yashaka kuvuga iki? Ijambo ry’Imana canke ubutumwa dusanga muri Bibiliya, birashobora kugira akosho gakomeye ku bantu. Ubukerebutsi dusanga muri Bibiliya buri n’ububasha bwo guhindura ubuzima bw’umuntu bukaba bwiza. Impumurizo n’icizigiro butanga birakwegera abantu kuri wa Mutanzi w’Ubuzima, Yehova Imana. Ni ubutumwa bushobora gutuma abantu b’imitima nziraburyarya batangura kugendera mu nzira ijana mu buzima budahera. Ariko rero, kugira ngo twibonere izo ngaruka nziza, dutegerezwa gukoresha Bibiliya igihe dushingira intahe abandi.
2 Nusome Icanditswe Uko Akaryo Kose Kabonetse: Biragaragara yuko abamamaji benshi baretse ka kamenyero ko gukoresha Bibiliya iyo baramukije ku muhana. Vyoba ari ukwo bimeze kuri wewe? Kubera yuko abantu benshi basa n’abatagira umwanya munini wo kuganira, kumbure buhorobuhoro wagiye uragira akamenyero ko gutanga igisohokayandikiro gusa, canke kuvuga amajambo ari mu canditswe. Turaremesheje abamamaji bose kugira akigoro kadasanzwe ko gusoma n’imiburiburi umurongo umwe wo muri Bibiliya igihe bashikiriza inkuru nziza, gutyo bigatuma umuntu yibonera yuko ubutumwa dushikiriza buva mw’Ijambo ry’Imana vy’ukuri. Mu bisanzwe mu cibare cacu ahanini turashobora gusoma ivyanditswe bibiri canke bitatu. Raba neza gusa ko utarenza urugero ngo utebe aho hantu.
3 Naho abantu bake ari bo bafise akamenyero ko gusoma Bibiliya, muri rusangi iracubahwa. Mbere n’abantu bafise vyinshi bacurumbamwo, kenshi bozofata umunuta umwe canke ibiri yo kwumviriza ubutumwa busomwe mw’Ijambo ry’Imana ubwaryo. Igihe icanditswe kibereye gisomwe n’igishika maze kigasobanurwa mu ncamake, ubushobozi bw’ijambo rya Yehova burashobora gutuma haba ingaruka nziza ku wumviriza. Ariko none woshobora gute guhuza amajambo ntanguzakiyago yawe n’ugusoma umurongo wo muri Bibiliya?
4 Nubigerageze mu Gikorwa co Gutanga Ibinyamakuru: Umucungezi w’ingenzi umwe ahora yererwa mu gukoresha Ivyanditswe igihe agiye mu gikorwa co gutanga ibinyamakuru. Yitwaza Bibiliya ntoyi mu mupfuko. Amaze gushikiriza ibinyamakuru hamwe no guserura mu ncamake ibiri mu kiganiro, aca azingurura Bibiliya ata kugonanwa maze agasoma umurongo ujanye n’ico kiganiro. Ivyo vyogirwa nko mu kubaza mu buryo busanzwe ati: “Woba wiyumvira iki kuri uyo muhango uremesha?” maze mukabandanya mu gusoma icanditswe kinaka warobanuye.
5 Niwishingire umugambi wo gusomera uwumviriza wese umurongo umwe canke ibiri yo muri Bibiliya. Ubushobozi buvyurira ingiro bwayo burashobora kwugururira abantu batari bake inzira y’ukwiyegereza Imana.—Yoh. 6:44.