ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/03 rup. 8
  • Imihezagiro iva ku busuku bw’ubutsimvyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imihezagiro iva ku busuku bw’ubutsimvyi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • Imigisha Iva ku Gikenurwa c’Ubutsimvyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Gukora ubutsimvyi birakomeza ubucuti dufitaniye n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Gukora Ubutsimvyi—Ni Uburyo bwo Gukoresha Umwanya Wacu n’Ubukerebutsi!
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Iki ni co gihe co kwamamaza!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 8/03 rup. 8

Imihezagiro iva ku busuku bw’ubutsimvyi

1, 2. Ni imihezagiro iyihe ifitaniye isano cane n’ubusuku bw’ubutsimvyi, kandi kubera iki?

1 “Ndazi yuko ata kindi gikorwa cari kumara akanyota nk’ugushikiriza abandi ukuri”. Ukwo ni ko umutsimvyi umwe yavuze. Uwundi na we yavuze ati: “Uko umusi wose urangiye, nsinzira agatiro karyoshe kandi umutima wanje uba wuzuye umunezero”. Ivyo abo batsimvyi bavuga ni na vyo bishikira abavukanyi n’abavukanyikazi bo mu mihingo yose bahonjeje imihezagiro iva ku busuku bw’ubutsimvyi.—Imig. 10:22.

2 Gufasha abandi kuronka ubumenyi bwo mw’Ijambo ry’Imana burokora ubuzima biramara akanyota vy’ukuri (Ivyak. 20:35; 1 Tes. 2:19, 20). Umutsimvyi abumazemwo igihe kirekire yavuze ati: “Bireza umutima kandi birakomeza ukwizera kubona ukuntu Ijambo ry’Imana rifise ububasha bwo kuvyurira abantu umutima wo kugira ivyo bahinduye mu buzima bwabo”. Emwe, igihe abatsimvyi bitanze ngo bafashe abantu bakongera bakarongora inyigisho za Bibiliya, baba bishize mu gitigiri c’abaronka imihezagiro nk’iyo.

3, 4. Ni mu buryo ki gukora ubutsimvyi vyigisha umuntu kwiheka kuri Yehova kandi ivyo bimufasha gute gukura mu vy’impwemu?

3 Kwiheka kuri Yehova: Kwama biheka ku mpwemu y’Imana imisi yose birafasha abatsimvyi gutsimbataza ‘ivyamwa vy’impwemu’ kandi bikabakingira (Gal. 5:16, 22, 23). Vyongeye, kubera bama bakoresha Ijambo ry’Imana, kenshi usanga abatsimvyi bafise ubuhinga bwo gukoresha Ivyanditswe mu kuburanira ukuri no mu gukomeza abandi (2 Tim. 2:15). Umuvukanyi yamaze imyaka mirongo akora ubutsimvyi yavuze ati: “Gukora ubutsimvyi vyaramfashije kuronka ubumenyi bwa Bibiliya bwimbitse, nkaba narabukoresheje mu gufasha abantu benshi barashika ku kumenya Yehova n’imigambi yiwe”. Ese ingene bimara akanyota!

4 Abatsimvyi basanzwe bategerezwa kandi kwiheka kuri Yehova mu bundi buryo bwinshi. Ukwizera kwabo kurakomera igihe babona ingene ahezagira utwigoro bagira kugira bironse ivyo bakeneye ku mubiri. Umutsimvyi asanzwe w’imyaka 72 abumazemwo imyaka 55 yavuze ati: “Yehova ntiyigeze ampeba”. Vyongeye, mu kuguma boroheje ubuzima, abatsimvyi barikinga imyitwarariko myinshi yo mu buzima. Ivyo vyoba bigukwegera?—Mat. 6:22; Heb. 13:5, 6.

5. Igikorwa c’ubutsimvyi gifasha gute umuntu kwiyegereza Yehova?

5 Kwiyegereza Yehova: Ubucuti dufitaniye na Yehova ni co kintu c’agaciro kuruta ibindi bintu vyose dufise (Zab. 63:3). Igihe tugira uruhara mu busuku mu buryo bushitse tubitumwe n’urukundo dukunda Yehova, ubwo bucuti buca burushiriza gukomera (Yak. 4:8). Umutsimvyi umwe abumazemwo imyaka irenga 18 yavuze ati: “Umurimo w’ubutsimvyi uraduha akaryo ko ‘guhonja tukamenya ko Yehova aryoshe’, ku musi ku musi tukarushiriza gutsimbataza ubucuti burushiriza gukomera dufitaniye n’Umuremyi wacu”.—Zab. 34:8.

6. Abatsimvyi bategerezwa kuba bafise iki, kandi turetse abatsimvyi ubwabo ni bande kandi bavyungukirako?

6 Turetse ivy’uko uko ivy’abo vyifashe bibashoboza gukora ubutsimvyi, abatsimvyi bategerezwa kugira ukwizera gukomeye, bakagirira Imana n’ababanyi babo urukundo nyakuri bakongera bakagira umutima ukunze wo kwitanga. (Mat. 16:24; 17:20; 22:37-39). Ariko rero, ukuntu abatsimvyi bo mu mihingo yose baguma bakeye mu maso, kurerekana ko imihezagiro iva ku butsimvyi iruta kure n’iyo utwigoro bagira (Mal. 3:10). Si abatsimvyi gusa baronka iyo mihezagiro, mugabo kandi imiryango yabo n’amashengero bakukira na vyo nyene birungukira cane kuri ako gatima keza abatsimvyi bagaragaza.—Flp. 4:23.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika