Gukora Ubutsimvyi—Ni Uburyo bwo Gukoresha Umwanya Wacu n’Ubukerebutsi!
1 ‘Nsanzwe ndemerewe n’ibikorwa! Ubwo vyoba biranga ubukerebutsi vy’ukuri ntanguye gukora ubutsimvyi muri iki gihe?’ Ukwo ni ko umuvukanyikazi umwe yiyumviriye igihe yariko aratega amatwi umukurambere w’umutsimvyi ashikiriza ikigabu mw’iteraniro ry’umuzunguruko cari gifise umutwe uvuga ngo “Kubandanya Igikenurwa c’Ubutsimvyi.” Umuvukanyi akiri muto yari muri abo bantu nyene bumviriza yiyumviriye ati: ‘Ashobora gute gukora ubutsimvyi? Jewe sindi umukurambere, ariko ubuzima bwanje buramaze kurengerwa n’ibikorwa!’
2 Uwo mukurambere abandanije kuvuga ivyerekeye imihezagiro iva ku gukora ubutsimvyi, yarabajije ibibazo abatsimvyi batari bake bo muri uwo muzunguruko na bo bavuga ivyerekeye ivyo bahinduye kugira ngo bashobore gukora ubutsimvyi be n’ukuntu Yehova yahezagiye utwigoro twabo. Umwe yari afise ubumuga, uwundi yari yubakanye n’uwutizera, uwundi na we akaba yari yarahevye umwuga wo mw’isi ariko arashobora kubeshwaho n’utwo aronka. Aho uwo muvukanyi n’uwo muvukanyikazi bari mu bumviriza bumviye ukuntu abo batsimvyi bererwa babifashijwemwo na Yehova, baratanguye kurimbura busha ivyiyumviro vyabo n’ukuntu ivyabo vyifashe. Turaguteye akamo ngo ugire ivyo nawe, na canecane kubera yuko ya masaha asabwa ku batsimvyi yagerurwa ubu atuma abamamaji b’inkuru nziza benshi kuruta bashobora kubishikako.
3 Turazi yuko Yehova ari we Muremyi akaba na Segaba w’ijuru n’isi, n’uko kandi ubuzima bwacu ari we tubukesha. (Dan. 4:17; Ivyak. 17:28) Turatahura neza yuko Yehova akoresha ishirahamwe rimwe rudende. Turafise agateka ko gukorana na ryo tutadohoka, dufata mu mugongo wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” mu gushingira Ubwami intahe imbere yuko umuhero uza. (Mat. 24:45, NW; 25:40; 1 Pet. 2:9) Kubera ko tugeze kure mu “misi y’iherezo,” turatahura yuko igihe co kwamamazamwo inkuru nziza kiriko kiradushirana. (2 Tim. 3:1) Mu kurindira, birakenewe ko turonsa imiryango yacu ivyo ikeneye mu vy’umubiri. (1 Tim. 5:8) Agashahara umuntu aronka gasa n’akatakimukenura nk’uko vyahora. Kumbure amagara yacu ntakiri nk’uko yahora. Ikindi, tuvugishije ukuri, dushaka kuronka akanya n’uburyo bwo kwinezereza. (Umus. 3:12, 13) Ni co gituma dushobora kwibaza niba kwitaba akamo ko gukora ubutsimvyi vy’ukuri biranga ubukerebutsi.
4 Umwe wese muri twebwe ni we akwiye kwitohoreza yitonze uko ivyiwe bwite vyifashe no kwifatira ingingo niba azoshobora gukora ubutsimvyi. (Rom. 14:12; Gal. 6:5) Biraremesha kubona igitigiri ciyongera c’abantu bitabiriye akamo k’ugukora ubutsimvyi. Naho hari imikazo n’ingorane vy’iyi misi y’iherezo, raporo y’umurimo yasohowe mu Munara w’Inderetsi wo muri Nzero 1999 yerekana yuko kw’isi yose abasavyi ba Yehova bababa 700 000 babandanya n’umwete igikenurwa c’ubutsimvyi. Baba bakora mu gihe ivy’ubutunzi vyifashe nabi, bakabura ikibunguruza, bakagira ingorane z’amagara, canke bagahura n’izindi ngorane be n’ayandi magume, abo bavukanyi n’abo bavukanyikazi ntibarambirwa no gukora ivyiza, kandi barakwiye gukezwa ku bw’ivyo. (Gal. 6:9) Baremeye akamo Yehova yabateye ko kumugerageza. (Mal. 3:10) Biyumvira yuko gukora ubutsimvyi ari uburyo buranga ubukerebutsi bwo gukoresha umwanya muto n’uburyo buke bafise, be n’uko Yehova yabahezagiye vy’ukuri kubera bahinduye ibikenewe kugira ngo binjire bongere bagume mu gikorwa c’ubutsimvyi.
5 Abatsimvyi Bariko Barahezagirwa: Umuvukanyikazi umwe wo muri Kameruni afise agakobwa kakiri gatoyi arasigura ati: “Kuva umukobwa wanje akivuka, twamye nantaryo tujana mu gikenurwa. N’imbere nyene yuko yiga gutambuka, nagenda ndamuhetse neza mu gikwembe. Igihe kimwe mu gitondo ndi mu gikenurwa, narahagaze ku kazu k’urudandaza kari i ruhande y’ibarabara. Uwo mwana wanje yarantaye, atwara ibinyamakuru nka bingahe akuye mw’isakoshi yanje. Yaraninagiye aja ku kazu k’urudandaza gakurikira. Naho atashobora kuvuga vyinshi, yarakwegereye umugore umwe maze amushikiriza ikinyamakuru. Uwo mukenyezi ntiworaba ukuntu yatangaye kubona akana gatoyi cane gutyo kariko karakora ico gikorwa. Uwo mugore yaremeye n’umutima ukunze kwakira ico kinyamakuru, aremera no kugirirwa inyigisho ya Bibiliya i muhira iwe!”
6 Umukurambere umwe wo muri Zambiya akaba na serugo yakora akazi k’umubiri igihe cose, kugira ngo yitabe akamo katewe kugira ngo benshi bakore ubutsimvyi bw’ugufasha, yarafashe ingingo yo gukora ubutsimvyi bwo gufasha naho yakora akazi kenshi. Yashaka guha akarorero keza ishengero n’umuryango wiwe. Ibihe bimwe na bimwe yarashobora guhagarika umuduga wiwe i ruhande y’ibarabara maze akavuza ikaseti ya ca gitabu Le secret du bonheur familial agaca aza arasaba abahita kuza kwumviriza ibiriko birasomwa n’ijwi ryumvikana. Muri ubwo buryo, yarashoboye gutanga ibitabu Le secret du bonheur familial 16 be n’ibitabu Ubumenyi 13, kandi atanguza inyigisho za Bibiliya zibiri.
7 No mu gihugu kibanyi caho ca Zimbabwe vyaragaragaye ko hari agatima keza ko gukunda ubutsimvyi. Muri Ndamukiza 1998, ishengero rimwe ryari rifise abamamaji 117 ryagize abatsimvyi bo gufasha 70 be n’ab’intahorereza 9. Irindi shengero ry’abamamaji 94 ryagize abatsimvyi bo gufasha 58 batanga raporo. Irindi kandi ry’abamamaji 126 ryashikirije raporo y’uko 58 bafashe ingingo yo gukora ubutsimvyi bwo gufasha rigira n’abatsimvyi 4 b’intahorereza. Umwaka w’umurimo uheze wabaye uwudasanzwe muri Zimbabwe. Naho abavukanyi baho bacurumba cane mu bijanye n’imiryango, mu mirimo y’ishengero no mu bwubatsi bw’ishami, barituniye ku gukoresha umwanya wabo neza mu gikenurwa.
8 Abatsimvyi baratahura yuko ugutangura igikorwa c’ubutsimvyi n’ugukomera ku muheto muri co bitava ku nguvu zabo bwite. Ni aba mbere mu kwiyemerera yuko ivyo bashobora gukora vyose bishoboka kubera “[biheka ku] bushobozi Imana itanga.” (1 Pet. 4:11) Ukwizera kwabo gutuma bashobora kuguma barangura igikenurwa cabo umusi ku wundi. Aho kurondera ibiborohera n’ibituma bimerererwa neza, abatsimvyi bererwa baratahura yuko kugira batere imbere bashobora kuba bakeneye kurwana “intambara nyinshi,” mugabo babikuramwo imihezagiro myinshi.—1 Tes. 2:2.
9 Akarorero ka Paulo Karakwiye Kwiganwa: Bibiliya iravuga ivyo intumwa Paulo yaranguye mu gikenurwa be n’imfashanyo nziza yahaye abantu benshi utoraba. Yamara, niba hari uwari aremerewe, yari Paulo. Yarihanganiye uruhamo n’amagume yo mu vy’umubiri kugira ngo yamamaze inkuru nziza no kugira akomeze amashengero. Yategerezwa kandi kwihanganira ingorane zikomeye z’amagara. (2 Kor. 11:21-29; 12:7-10) Yari yiyemeje gukoresha umwanya wiwe mu buryo buranga ubukerebutsi. Yariyemereye icese yuko igikorwa ciwe cose yakiranguye abifashijwemwo na Yehova. (Flp. 4:13) Nta n’umwe mu bo Paulo yasahirije yoronse imvo yotumye avuga yuko umwanya yamara mu murimo wa Yehova be n’utwigoro yawugiramwo vyapfuye ubusa canke ko hari ukundi kuntu vyari gukoreshwa neza kuruta. No muri iki gihe mbere turacungukira ku kuntu Paulo yakoresheje umwanya wiwe mu buryo buranga ubukerebutsi! Ese ukuntu dukenguruka impanuro yahumetswe yatanze kugira ngo adufashe kurimbura ivyo twoshira imbere y’ibindi no kwumira ku kuri muri ibi bihe bigoye!
10 Kuruta ikindi gihe cose cabayeho, ubu ‘igihe co kwamamaza inkuru nziza cagiriye.’ (1 Kor. 7:29; Mat. 24:14) Ni co gituma bikwiye ko twibaza duti: ‘Nka hamwe noba ngiye kuzopfa giturumbuka ejo, ubwo uyu musi noshobora kubwira Yehova yuko umwanya wanje nawukoresheje mu buryo buranga ubukerebutsi?’ (Yak. 4:14) Ni kuki ubu utoganira na Yehova mw’isengesho, ukamwemerera ko ufise icipfuzo co gukoresha umwanya wawe mu buryo buranga ubukerebutsi uri Icabona ciwe? (Zab. 90:12) Nusabe Yehova agufashe kworosha ubuzima bwawe. Naho gukora ubutsimvyi woba wari waravyikuyemwo, ubwo ubu ntivyoshoboka ko ubishira mu buzima bwawe?
11 Ntugishe Uko Ivyawe Vyifashe: Birumvikana ko kubera ukuntu ibintu biba vyifashe atari abavyipfuza bose bashobora gushinga urutonde rwo kumara amasaha 70 ku kwezi bakora ubutsimvyi bw’intahorereza. Ariko, hari abamamaji batari bake baringaniza ivyo kumara amasaha 50 ku kwezi mu gikenurwa ari abatsimvyi bo gufasha kenshi gashoboka canke badahagarika. Niba uravye uko ivyawe vyifashe ubu udashobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha canke bw’intahorereza, gumya umutima. Bandanya gusaba Imana ko ivyawe vyohinduka. Mu kurindira, niba bidashoboka ko ugira ivyo uhindura, urahumurizwa no kumenya ko Yehova ashima cane ivyo ushobora gukora mu murimo wiwe vyose n’ubugingo bwawe bwose. (Mat. 13:23) Arabona yuko uhagaze ushikamye ku ruhande rwiwe n’uko wihata wivuye inyuma kuba umwamamaji w’intahemuka atareka ngo hagire ukwezi kurengana atarondeye uturyo two gushinga intahe. Kumbure urashobora gutera imbere mu kuryohora ubuhanga bwawe bwo gushinga intahe, ugakora kugira ngo utere imbere mu vyo kuba umwamamaji n’umwigisha w’inkuru nziza.—1 Tim. 4:16.
12 Kubera ko wa ‘musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova’ wegereje cane, birakenewe ko dukoresha umwanya usigaye mu buryo buranga ubukerebutsi niba dushaka kurangiza igikorwa twashizwe. (Yow. 2:31) Shetani arazi yuko igihe asigaje ari gito, maze ubu kuruta ikindi gihe cose akaba ariko aragerageza uko ashoboye kwose kugira ngo aburabuze ubuzima bwacu yongere atume bitugora kwitunira ibintu bihambaye kuruta ibindi koko. (Flp. 1:10; Ivyah. 12:12) Ntukigere ufata minenerwe umwitwarariko Imana igufitiye. Yehova arashobora kugufasha kugira ngo woroshe ubuzima bwawe wongere ushikire urugero ushobora mu gikenurwa. (Zab. 145:16) Igishimishije ni uko igihe benshi basubiye kurimbura uko ivyabo vyifashe, basanga bashobora kwinjira mu murongo w’abatsimvyi b’ugufasha canke b’intahorereza. Ni vyo, abatsimvyi baramarwa akanyota cane n’ugukoresha umwanya wabo mu buryo buranga ubukerebutsi. Woba uzoba umwe muri bo?