Ikete rivuye ku Biro vy’Ishami
Bamamaji b’Ubwami bakundwa,
‘Imana yarabandanije gukuza’ (1 Kor. 3:6). Ese ukuntu vyaduteye akamwemwe kubona iyongerekana ryabaye mu ndimiro ya Afirika yo mu Buseruko! Mu mwaka w’umurimo wa 2003, inyigisho za Bibiliya zirenga 6.000 zaratangujwe. Ico ni ikintu dukenguruka.
Yehova ariko arahezagira igikorwa kirangurirwa mu vyibare biri ukwa vyonyene. Amashengero be n’imigwi vyarashinzwe ahatari hake kandi inkuru nziza iriko irashika mu mihingo ya kure y’icibare cacu cimbuka.—Mat. 24:14.
Kugira ngo haboneke ibisohokayandikiro vyo gukoresha mu ndimiro iriko iraguka yo kw’isi yose, rya capuriro riri ku mayororero-rimiro ya Watchtower, hafi y’igisagara ca Walkill i New York, ririko riragurwa. Ibintu biriko biragenda neza mu kwongerako ikibanza kingana na hegitari imwe n’ibice bine. Ico kibanza gifise uburinganire bungana n’ubwojamwo Ingoro z’Ubwami zigereranye 30! Ibimashini bibiri bicapura bigezweho bitegekanijwe kuzoshika mu ntango z’umwaka wa 2004. Ikimashini kimwekimwe cose kizoba gishobora gucapura ibinyamakuru bishika kuri 25 mw’isegunda. Ibikoresho bishasha vyo gutekera no kurungika ibisohokayandikiro na vyo nyene bizoshirwamwo mu 2004. Ivyo bizotuma hacapurwa ibintu vyinshi hakoreshejwe abakozi bakeyi.
Uko dutangura umwaka w’umurimo wa 2004, turifatanije namwe mu gusenga dusaba yuko Yehova ‘yobandanya gukuza’.
Abavukanyi banyu,
Ibiro vy’ishami ryo muri Kenya