Nimwambare ukwicisha bugufi
1 Umuhungu w’umwungere arizigira Yehova maze anesha umurwanyi akomeye (1 Sam. 17:45-47). Umugabo w’umutunzi arihanganira icago (Yobu 1:20-22; 2:9, 10). Umwana w’Imana avuga ko ivyo yigisha vyose biva kwa Se (Yoh. 7:15-18; 8:28). Muri utwo turorero twose, ukwicisha bugufi kwararanguye uruhara ruhambaye. No muri iki gihe nyene, ukwicisha bugufi kurahambaye igihe duhanganye n’ibintu bitandukanye.—Kol. 3:12.
2 Igihe turiko turamamaza: Kubera turi abasuku bakirisu, turabwira inkuru nziza abantu bose tubigiranye ukwicisha bugufi, tukirinda kubacira urubanza dufatiye ku bwoko bwabo, imico kama yabo canke ku vyo baciyemwo (1 Kor. 9:22, 23). Mu gihe bamwebamwe batwishura nabi canke n’ubwishime n’akantu bagatera akagere ubutumwa bw’Ubwami, ntitubasubiriza mu nkoko ahubwo tubigiranye ukwihangana turagenda kurondera ababereye (Mat. 10:11, 14). Aho kugerageza gutangaza abandi dukoresheje ubumenyi dufise canke amashure dufise, turerekeza ivyiyumviro vy’abantu kw’Ijambo ry’Imana, tukemera icese yuko ari ryo rijijura kurusha ikintu cose twovuga (1 Kor. 2:1-5; Heb. 4:12). Mu kwigana Yezu, ugushemezwa kwose tuguha Yehova.—Mrk. 10:17, 18.
3 Mw’ishengero: Abakirisu bategerezwa kandi ‘gukenyera ukwicisha bugufi kugira ngo bakoreranire’ (1 Pet. 5:5). Nimba tubona ko abandi baturuta, tuzorondera uburyo butandukanye bwo gukorera abavukanyi bacu aho kwitega ko baba ari bo badukorera (Yoh. 13:12-17; Flp. 2:3, 4). Ntituzobona ko duhambaye ku buryo haba ibikorwa tutokora, nk’ugusukura Ingoro y’Ubwami.
4 Ukwicisha bugufi kuradufasha ‘kubabariranira turi mu rukundo’, gutyo tukaremesha amahoro n’ubumwe mw’ishengero (Ef. 4:1-3). Kuradufasha kugamburukira abagenywe ngo batuje imbere (Heb. 13:17). Kuratuvyurira umutima wo kwemera impanuro iyo ari yo yose canke ugutozwa indero ukwo ari kwo kwose twohabwa (Zab. 141:5). Vyongeye, ukwicisha bugufi gutuma twiheka kuri Yehova igihe turangura amabanga ayo ari yo yose dushobora guhabwa mw’ishengero (1 Pet. 4:11). Nka kumwe kwa Dawidi, turatahura yuko kwererwa bitava ku bushobozi bw’abantu ahubwo ko biva ku gushigikirwa n’Imana.—1 Sam. 17:37.
5 Imbere y’Imana yacu: Ikiruta vyose, dukwiye ‘kwicisha bugufi turi musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi’ (1 Pet. 5:6). Nimba dutegerezwa kunyinyana n’ibintu bigoye, vyoshika ugasanga turipfuza cane ugutabarwa kuzozanwa n’Ubwami. Mugabo turihangana twicishije bugufi, tukarindira Yehova kugira ngo azoshitse imihango yiwe igihe yashinze nicashika (Yak. 5:7-11). Nk’uko vyari biri kuri Yobu uwagumye ari intadohoka, ikituraza ishinga imbere ya vyose ni uko ‘izina rya Yehova rishemezwa’.—Yobu 1:21.
6 Umumenyeshakazoza Daniyeli ‘yaricishije bugufi imbere y’Imana yiwe’ bituma ahezagirwa mu gutona kuri Yehova no mu guhabwa uduteka twinshi (Dan. 10:11, 12). Nimuze natwe nyene twambare ukwicisha bugufi, tuzi yuko “ingero z’ukwicisha bugufi bo n’ukwubaha Uhoraho [ar]i zo butunzi n’icubahiro n’ubu[zima]”.—Imig. 22:4.