ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/04 rup. 1
  • Niwerekane ugukenguruka ufise

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwerekane ugukenguruka ufise
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyo bijanye
  • ‘Mugaragaze ko mukenguruka’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Nukengurukire Yehova maze uhezagirwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Uburyo bwo guserura ugukenguruka
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • “Mwerekane ko muri abantu bashima”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 5/04 rup. 1

Niwerekane ugukenguruka ufise

1 Naho tubayeho mu “bihe bigoye”, turafise imvo nyinshi zo gukengurukira Yehova (2 Tim. 3:1). Imvo ihambaye kuruta izindi zose yotuma dukenguruka, ni ingabirano y’agaciro y’Umwana wiwe yatanze ku bwacu (Yoh. 3:16). Ikigeretseko, mu gihe abari mw’idini y’ikinyoma bariko baricwa n’inzara yo vy’impwemu, twebwe turinovora imfungurwa zo mu vy’impwemu umuyoro (Yes. 65:13). Tugize ikivukano gikwiye kw’isi yose kandi turi n’agateka ntangere ko kugira uruhara mw’iyagurwa riteye umunezero ry’ugusenga kw’ukuri (Yes. 2:3, 4; 60:4-10, 22). Twokwerekana gute ko dukengurukira Yehova ku bw’imihezagiro aducuncuburira?—Kol. 3:15, 17.

2 Umurimo uteye umunezero, urangurwa n’umutima wose: Igihe intumwa Paulo yariko avuga ivyo gutanga ibintu vy’umubiri, yanditse ati: “Imana ikunda ūtanga anezerewe” (2 Kor. 9:7). Iyo ngingo ngenderwako irakora no ku murimo turangurira Imana. Ugukenguruka kuragaragarira mu kuntu dushwashwanukira ukuri, ku munezero tugaragaza ku makoraniro y’ishengero, ku mwete tugira mu busuku bwo mu ndimiro be no ku kanyamuneza tugira mu gushitsa ivyo Imana igomba.—Zab. 107:21, 22; 119:14; 122:1; Rom. 12:8, 11.

3 Muri Isirayeli ya kera, Ivyagezwe ntivyasaba urugero kanaka ku mashikanwa amwamwe. Umusavyi w’Imana wese yarashobora kwerekana ugukenguruka afise mu gutanga ‘akurikije uko Uhoraho yaba yamuhaye umugisha’ (Gus. 16:16, 17). No muri iki gihe nyene, umutima ukenguruka uzodusunikira ku gukora vyinshi bishoboka mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa, dukurikije uko ivyacu bibidukundiye. Kuva muri Mukakaro gushika muri Nyakanga, kenshi haraboneka uturyo twiyongereye two kwerekana ugukenguruka dufise. Bamwebamwe barakoresha neza umwanya baba bari mw’ikonji canke mu buruhuko kugira bongereze umwanya bamara mu murimo wo mu ndimiro, eka mbere bagakora n’ubutsimvyi bwo gufasha. Woba ushobora kwagura ubusuku bwawe muri ayo mezi?

4 Turushirize gukenguruka: Uburyo buhambaye kuruta twerekana ko dukengurukira Yehova, ni isengesho (1 Tes. 5:17, 18). Ijambo ry’Imana riduhimiriza “kurushirizaho gukenguruka” (Kol. 2:7, UB). N’igihe dufise vyinshi cane dukora canke turi mu mwitwarariko, mu masengesho dutura ku musi ku musi, dukwiye kwama nantaryo dushiramwo ugukenguruka (Flp. 4:6). Ese ‘tworushiriza gukengurukira Imana’ biciye ku busuku turangura no ku masengesho dutura!—2 Kor. 9:12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika