Ishure rimenyereza abasuku ni urugi runini ruja mu bikorwa
1 Yehova abicishije ku mumenyeshakazoza Yeremiya, yabuye ati: ‘Nzoshira abungere ku bantu banje, babaragire: ntibazoba bakigira ubwoba ukundi, canke ngo bahagarike imitima, kandi ntihazotakara n’umwe muri bo’ (Yer. 23:4). Igikorwa nk’ico c’ukuragira kiriko kirarangurwa muri iki gihe mu basavyi ba Yehova bo mu mahanga yose. Kiriko kirangurwa n’abakurambere ibihumbi mirongo bo mu mashengero. Si ivyo gusa, hariho n’abasore injojo banganya ubwinshi n’ikime bitanze babikunze mu murimo wa Yehova (Zab. 110:3). Ese ingene abo bavukanyi bicisha bugufi ari umuhezagiro ku mashengero y’abasavyi b’Imana! Uko igikorwa c’iyimbura ryo mu vy’impwemu kibandanya, ni ko haguma hakenerwa abagabo bakwije ibisabwa bitanga kugira basukurire abavukanyi babo.
2 Intunganyo nziza yagizwe yo kumenyereza abakurambere n’abakozi b’ishengero b’abirebange ku bw’amabanga yiyongereye, ni rya Shure rimenyereza abasuku. Abanyeshure barenga 22.000 bo mu bihugu 140 baramaze kumenyerezwa biciye ku migwi 999 imaze gusohoka iryo shure kuva ritanguye mu 1987. Abo bavukanyi iryo shure ryababereye “urugi runini ruja mu bikorwa”.—1 Kor. 16:9.
3 Intumbero y’iryo shure: Ishure rimenyereza abasuku rifise intumbero yo kumenyereza no kuronsa ivyangombwa abagabo bakwije ibisabwa kugira bashobore kuzezwa amabanga aho ari ho hose bikenewe mw’ishirahamwe. Iryo shure rirongereza ubushobozi bwabo bwo kuba imboneza mu gikorwa co kwamamaza, bwo kuragira umukuku be n’ubwo kwigisha mw’ishengero. Abanyeshure bamwebamwe iyo barangije iryo shure, bararungikwa kuba abatsimvyi badasanzwe canke abacungezi b’ingenzi mu bihugu vyabo canke mu mahanga. Abandi na bo bararungikwa gukorana n’amashengero yabo canke mu tundi turere two mu cibare c’ishami dukeneye abakozi kuruta utundi.
4 Muri ivyo vyigwa bimara amayinga umunani, abanyeshure bariga Bibiliya bivuye inyuma. Barasuzuma bitonze inyigisho umuyoro zo muri Bibiliya, tutibagiye n’amabanga y’abungere be n’inyobozo zijanye no gutunganya ingorane zishika mu buzima bw’abakirisu. Bariga kandi ico Ivyanditse vyigisha ku vyerekeye ubuyobozi, guca imanza, no kwungunganya ibintu. Baramenyerezwa mu buryo budasanzwe mu bijanye no kuvugira imbere y’abantu, kandi bagafashwa umwumwe wese ku giti ciwe kugira batere imbere mu vy’impwemu mu buryo bwihuta.
5 Ibisabwa: Birumvikana, ibisabwa kugira ngo umuntu yitabe iryo shure birahambaye. Abasaba kurijamwo bategerezwa kuba bamaze n’imiburiburi imyaka ibiri ikurikirana basukura ari abakurambere canke ari abakozi b’ishengero. Bose bategerezwa kuba ari abirebange bafise imyaka iri hagati ya 23 na 50. Bategerezwa kuba bazi gusoma no kwandika be no kuvuga neza ururimi iryo shure rigirwamwo, kandi bategerezwa kuba bafise amagara meza, badasaba kwitwararikwa mu buryo budasanzwe canke imfungurwa zidasanzwe. Abakora ubutsimvyi busanzwe ni bo canecane batorwa.
6 Abashaka kwitaba iryo shure bategerezwa kuba bari n’umutima ukunze wo gukorera aho ari ho hose bakenewe kandi bakaba babishoboye. Ivyo bisaba kugira agatima nka kamwe k’umuhanuzi Yesaya, we yitanze abikunze kugira akore igikorwa kidasanzwe, mu kuvuga ati: “Ndi hano, ba ari jewe utuma” (Yes. 6:8). Yarerekanye kandi ko yicisha bugufi mu buzima bwiwe bwose. Abitanga ngo baje mw’Ishure rimenyereza abasuku bakwiye kuba babitumwe n’urukundo bakunda abavukanyi babo be n’icipfuzo co kubakorera, aho kuba babitumwe n’icipfuzo co kuba rurangiranwa canke co kuronka ikibanza kidasanzwe. Bahejeje kumenyerezwa neza, biba vyitezwe ko abasohotse iryo shure bashira mu ngiro ivyo bize kugira abandi bavyungukireko.—Luka 12:48.
7 Ivyiza bivamwo: Muri ayo mayinga umunani bamara bariko baramenyerezwa ata gufyina, abasohoka iryo shure ‘baranyurwa n’amajambo y’ukwemera n’ay’inyigisho nziza’ (1 Tim. 4:6, UB). Ivyo bituma baba abashoboye gufasha no kuremesha abandi mu mashengero no mu mizunguruko barungikwamwo. Mu turere twinshi abasohotse iryo shure barungitswemwo, igikorwa co mu ndimiro carongerekanye; hararemeshwa umurimo w’ubutsimvyi canecane mu bakiri bato, kandi abantu bashasha batari bake bariko barifatanya n’abasavyi b’Imana bararushiriza kwitwararikwa umwumwe ku giti ciwe.
8 Woba uri umukurambere canke umukozi w’ishengero w’umwirebange afise imyaka iri hagati ya 23 na 50? Kubera iki utorimbura ivyo gusaba kuja muri iryo shure? Woba uri umuvukanyi akiri muto afise imigambi ya kazoza yo gukora umurimo wa Yehova? Ntiworaba ingene worosha ubuzima bwawe kandi ukiyambura ibigusamaza kugira ngo uce muri urwo “rugi runini ruja mu bikorwa”? Vyoshobora kukuzanira umunezero mwinshi n’ugushira akanyota. Emwe, vyaribonekeje ko Ishure rimenyereza abasuku ari umuhezagiro, atari ku barisohotse gusa, eka mbere no ku mashengero y’abasavyi b’Imana kw’isi yose.
[Box on page 3]
Ingene bungukiye kuri ukwo kumenyerezwa
“Ukumenyerezwa naronse kwararyohoye ubusuku bwanje be n’ubuhanga bwanje bwo kuragira umukuku mu bukerebutsi nkoresheje Ivyanditswe”.
“Iryo shure ryaratumye ndushiriza kurangura amabanga menshi njejwe mw’ishengero mfise ukwizigira”.
“Ni nk’aho ryahinduye imice yose y’ubuzima bwanje ushizemwo n’ukuntu mbona ivyerekeye tewokarasi be n’ishirahamwe ry’Imana”.
“Ukumenyerezwa naronse kwaramfashije kubona yuko bikenewe ko nitanga kugira nkorere aho bikenewe”.