ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/05 rup. 1
  • Shishikara kwamamaza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Shishikara kwamamaza
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ivyo bijanye
  • Nimubandanye Kwamamaza!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • “Nimugende . . . muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • «Nimushemeze izina rya Yehova»
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • ‘Dukurikire neza intambuko ziwe’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 4/05 rup. 1

Shishikara kwamamaza

1 Turi mu bihe bigoye. Intambara z’abanyagihugu, intambara zishingiye ku moko, ivyago vy’ivyaduka, hamwe n’ibindi bintu vy’agacavutu bireze. Ubu, umuryango w’abantu urakeneye inkuru nziza kuruta ikindi gihe ico ari co cose cigeze kubaho. Ariko rero, ukutanegwa ivy’impwemu kuriraye mw’isi. Mu mihingo imwimwe, vyoshobora kuba bitoroshe gusanga abantu i muhira, eka mbere bigoye cane kuronka abantu bashobora kutwumviriza canke bashaka kwiga Bibiliya. Naho ari ukwo, birahambaye ko dushishikara kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana bwashinzwe.—Mat. 24:14.

2 Urukundo Yehova akunda abantu: Igikorwa turangura c’ukwamamaza kirashira ahabona urukundo Yehova akunda abantu. “Nt[a]gomba ko hagira abahona, arikw [a]gomba ko bose bi[gay]a” (2 Pet. 3:9; Ezek. 33:11). Ku bw’ico rero, nk’uko Yezu yabivuze, Yehova yatanze itegeko ry’uko “ubutumwa bgiza bukwiye kubanza kuvugwa mu mahanga yose” (Mrk. 13:10, ni twe dushimitse.). Imana itera akamo abantu ngo bayihindukirire kugira ngo babone guhunga urubanza rwimirije gucirirwa iyi si ya Shetani (Yow. 2:28, 29, 32; Zef. 2:2, 3). Ntidukenguruka none kubona Yehova aduha ako karyo?—1 Tim. 1:12, 13.

3 Raporo yo kw’isi yose yerekana ko mu mwaka w’umurimo wa 2004, hagiye hararongorwa ku kwezi ku kwezi incahagati y’inyigisho za Bibiliya 6.085.387, habatizwa n’abigishwa bashasha nka 5.000 ku ndwi ku ndwi! Bamwebamwe muri abo baherutse kwiyegura babonetse kubera ko Yehova yahezagiye utwigoro abamamaji bagize two gushishikara kwamamaza, bakihatira kuyaga n’abantu bose bo mu vyibare bakebewe. Ese umunezero ivyo vyazanye mu mashengero, kandi ese ukuntu ari agateka kuba umukozi akorana n’Imana muri ico gikorwa ndokorabuzima!—1 Kor. 3:5, 6, 9.

4 Gushemeza izina ry’Imana: Dushishikara kwamamaza kugira ngo dushemeze Yehova ku mugaragaro no kugira ngo tweze izina ryiwe imbere y’abantu bose (Heb. 13:15). Shetani yarazimije “abari kw isi bose” mu gutuma bemera yuko Imana ata bubasha ifise bwo gutorera umuti ingorane zihanze umuryango w’abantu, yuko itanezwe ugucumukura kw’abantu, canke mbere ko no kubaho itanabaho (Ivyah. 12:9). Biciye ku gikorwa cacu c’ukwamamaza, turarwanira ukuri kwerekeye Dawe wa twese wo mw’ijuru w’agahore. Nimuze tubandanye gushemeza izina ryiwe, ubu no mu bihe bidahera.—Zab. 145:1, 2.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika