Nimubandanye Kwamamaza!
1 Imana igomba yuko “abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ukuri.” (1 Tim. 2:4) Ku bw’iyo mvo, yaradushinze igikorwa co kwamamaza inkuru nziza. (Mat. 24:14) Nimba dutahura igituma dukwiye kubandanya kwamamaza, ukudendebukirwa ukwo ari kwo kwose canke ivyoshobora kudusamaza tuzohura na vyo ntibizotuvuna inkokora.
2 Ni Kuki Wokomera ku Muheto? Mw’isi hariho ibisamaza vyinshi bituma abantu bibagira canke bafata minenegwe ivyo tubabwira. Ku bw’ico dutegerezwa kuguma tubibutsa ivy’ubutumwa bw’Imana bwerekeye ubukiriro. (Mat. 24:38, 39) Vyongeye, ibintu bishika mu buzima bw’abantu vyama nantaryo bihindagurika. Mbere ibintu uko bimeze mw’isi birashobora guhinduka mu buryo bukomeye kandi giturumbuka. (1 Kor. 7:31) Ejo, mu ndwi iza, canke mu kwezi kuza, abantu tubwira ubutumwa barashobora guhura n’ingorane batamenyereye canke ibibaraza ishinga bigatuma bitwararika ata gufyina inkuru nziza tubashira. None ntukenguruka yuko Icabona yakuzaniye ukuri yakomeye ku muheto?
3 Kwigana Ikigongwe c’Imana: Yehova abigiranye ukwihangana yararetse igihe kirarengana imbere yuko acira urubanza ababisha. Abicishije kuri twebwe yarabandanije gukwegera ab’imitima igororotse ngo bamuhindukirire babone gukizwa. (2 Pet. 3:9) Twokwagirwa n’amaraso mu gihe turetse kubwira abantu ubutumwa bw’ikigongwe c’Imana n’ukubagabisha ku vyerekeye ishitswa riri mu kuza ry’urubanza rw’Imana kuri abo bose badahindukira ngo bareke inzira zabo mbi. (Ezk. 33:1-11) Naho ukwamamaza kwacu kutama nantaryo kwakirwa neza, dutegerezwa kutigera dufata minenegwe akigoro kose ko gufasha ab’umutima nziraburyarya gutahura ikigongwe gihambaye c’Imana.—Ivyak. 20:26, 27; Rom. 12:11.
4 Kugaragaza Urukundo Rwacu: Yehova Imana, abicishije kuri Yezu Kirisitu, ni we yategetse yuko inkuru nziza yamamazwa kw’isi yose. (Mat. 28:19, 20) No mu gihe abantu banka gutega amatwi, turafise akaryo ko kwerekana urukundo rwacu n’ukwibanda ku Mana mu kubandanya dukora ibigororotse.—1 Yoh. 5:3.
5 Ese twokwiyemeza kubandanya twamamaza! Nimuze rero tubigirane umwete mu gihe uyu ukiri “[u]musi wo gukirizwako” wa Yehova.—2 Kor. 6:2.