‘Ijambo Rivuzwe mu Gihe Kibereye’
1 Mbega gusangira n’abandi ubutumwa bw’ubuzima vyoba bitakworohera? None wiyumvira yuko utegerezwa kuvuga ikintu gihanitse kugira ngo utangaze abakwumviriza? Igihe Yezu yarungika abigishwa biwe, yababwiye ati: “Uko mugenda kwose mwigishe, mut’Ubgami bgo mw ijuru buri hafi.” (Mat. 10:7) Ubwo butumwa ntibwari bugoye kandi vyari vyoroshe kubusangira n’abandi. Nta tandukaniro rihari muri iki gihe.
2 Akenshi usanga hakenewe amajambo make gusa kugira ngo utanguze ikiyago. Igihe Filipo yahura na ya nkone y’Umunyetiyopiya, yayibajije ati: “Ivyo usoma urabitahuye?” (Ivyak. 8:30) Ese ikiganiro gishimishije cavuye mw’ ‘ijambo rivuzwe mu gihe kibereye’!—Imig. 25:11.
3 Urashobora gukoresha intango nk’iyo mu busuku bwawe. Gute? Mu kuba umuntu azi kwihweza no guhitamwo amajambo ahuye n’uko ibintu vyifashe. Nubaze ikibazo, kandi wumvirize inyishu.
4 Ibibazo Bimwebimwe Wokwifashisha: Kugira ngo utanguze ikiyago, woshobora kugerageza ikibazo ico ari co cose muri ibi:
◼ “Mbega woba ukoresha Isengesho ry’Umukama (canke, Dawe wa twese) mu kwambaza kwawe?” (Mat. 6:9, 10) Nusubiremwo agace karyo hanyuma uvuge uti: “Abantu bamwebamwe babaza bati: ‘Mbega izina ry’Imana Yezu yavuze ko ryokwubahwa (canke ko ryogirwa ryeranda) ni irihe?’ Abandi babaza bati: ‘Ubwami Yezu yavuze yuko dukwiye gusaba ni ubuhe?’ Woba wararonse inyishu zishika ku nyota kuri ivyo bibazo?”
◼ “Woba warigeze wibaza uti: ‘Ni iyihe nsobanuro y’ubuzima?’ ” Niwerekane yuko ifitaniye isano n’ubumenyi bwerekeye Imana.—Umus. 12:13; Yoh. 17:3.
◼ “Woba wiyumvira yuko urupfu ruzokwigera rukurwaho?” Niwifashishe Yesaya 25:8 hamwe n’Ivyahishuriwe 21:4 kugira ngo utange inyishu yizigirwa.
◼ “Hoba hariho umuti usanzwe ku mudurumbanyo uri mw’isi?” Niwerekane yuko Imana yigisha iti: “Mukunde bagenzi banyu.”—Mat. 22:39.
◼ “Mbega umusi umwe impanuka ivuye ku biri mu kirere yoba izosangangura isi yacu?” Nusangire na we umuhango Bibiliya itanga w’uko isi izokwamaho ibihe bidahera.—Zab. 104:5.
5 Ushikirize inkuru nziza mu buryo bworoshe, burashe kandi burangwa n’ubuntu. Yehova azohezagira utwigoro ugira ngo mbere usangire n’abandi “ijambo” na rimwe ry’ukuri.