ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/00 rup. 1
  • ‘Ijambo Rivuzwe mu Gihe Kibereye’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Ijambo Rivuzwe mu Gihe Kibereye’
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • Kuyaga mu buryo busanzwe
    Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Gukoresha Ibibazo mu Buryo Kirumara
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Uburyo bwo Kuryohora Ubuhanga bwo Kuyaga
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Filipo Abátiza Umutware Munyetiyopiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 11/00 rup. 1

‘Ijambo Rivuzwe mu Gihe Kibereye’

1 Mbega gusangira n’abandi ubutumwa bw’ubuzima vyoba bitakworohera? None wiyumvira yuko utegerezwa kuvuga ikintu gihanitse kugira ngo utangaze abakwumviriza? Igihe Yezu yarungika abigishwa biwe, yababwiye ati: “Uko mugenda kwose mwigishe, mut’Ubgami bgo mw ijuru buri hafi.” (Mat. 10:7) Ubwo butumwa ntibwari bugoye kandi vyari vyoroshe kubusangira n’abandi. Nta tandukaniro rihari muri iki gihe.

2 Akenshi usanga hakenewe amajambo make gusa kugira ngo utanguze ikiyago. Igihe Filipo yahura na ya nkone y’Umunyetiyopiya, yayibajije ati: “Ivyo usoma urabitahuye?” (Ivyak. 8:30) Ese ikiganiro gishimishije cavuye mw’ ‘ijambo rivuzwe mu gihe kibereye’!—Imig. 25:11.

3 Urashobora gukoresha intango nk’iyo mu busuku bwawe. Gute? Mu kuba umuntu azi kwihweza no guhitamwo amajambo ahuye n’uko ibintu vyifashe. Nubaze ikibazo, kandi wumvirize inyishu.

4 Ibibazo Bimwebimwe Wokwifashisha: Kugira ngo utanguze ikiyago, woshobora kugerageza ikibazo ico ari co cose muri ibi:

◼ “Mbega woba ukoresha Isengesho ry’Umukama (canke, Dawe wa twese) mu kwambaza kwawe?” (Mat. 6:9, 10) Nusubiremwo agace karyo hanyuma uvuge uti: “Abantu bamwebamwe babaza bati: ‘Mbega izina ry’Imana Yezu yavuze ko ryokwubahwa (canke ko ryogirwa ryeranda) ni irihe?’ Abandi babaza bati: ‘Ubwami Yezu yavuze yuko dukwiye gusaba ni ubuhe?’ Woba wararonse inyishu zishika ku nyota kuri ivyo bibazo?”

◼ “Woba warigeze wibaza uti: ‘Ni iyihe nsobanuro y’ubuzima?’ ” Niwerekane yuko ifitaniye isano n’ubumenyi bwerekeye Imana.—Umus. 12:13; Yoh. 17:3.

◼ “Woba wiyumvira yuko urupfu ruzokwigera rukurwaho?” Niwifashishe Yesaya 25:8 hamwe n’Ivyahishuriwe 21:4 kugira ngo utange inyishu yizigirwa.

◼ “Hoba hariho umuti usanzwe ku mudurumbanyo uri mw’isi?” Niwerekane yuko Imana yigisha iti: “Mukunde bagenzi banyu.”—Mat. 22:39.

◼ “Mbega umusi umwe impanuka ivuye ku biri mu kirere yoba izosangangura isi yacu?” Nusangire na we umuhango Bibiliya itanga w’uko isi izokwamaho ibihe bidahera.—Zab. 104:5.

5 Ushikirize inkuru nziza mu buryo bworoshe, burashe kandi burangwa n’ubuntu. Yehova azohezagira utwigoro ugira ngo mbere usangire n’abandi “ijambo” na rimwe ry’ukuri.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika