Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo
Indwi Itangura ku wa 13 Munyonyo
Ururirimbo rwa 2 (15)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo Arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Vyongeye, nukwegere ivyiyumviro ku kaganiro kavuga ngo “ ‘Nimubandanye Kwongereza Ubumenyi Nyakuri,’ ” hanyuma ushimike ku kamaro ko kwitaba Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero ubudahorereza. Nuvuge indinganizo z’umurimo wo mu ndimiro zashiriweho iyi mpera y’umushamvu.
Imin. 13: Akumba k’Ibibazo. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere.
Imin. 22: “Gutsimbataza Ugushimishwa Kwavyuwe n’Inkuru z’Ubwami No. 36.” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu c’ingingo 1-5. Nuvuge indinganizo yagizwe aho iwanyu y’ivyo guhetura icibare ico ari co cose kitarakorwa. Nusubiremwo uburyo bwo gutanguza ikiyago bwatanzwe mu ngingo 7 n’8 ku vyo gusubira kuraba abantu, kandi mugire umwerekano ku nama yose yatanzwe. Nushimike ku kamaro ko gukurikirana ugushimishwa kwose no kwihatira gutanguza inyigisho za Bibiliya. Nusozere mu kuganira ku ngingo y’9 no ku vyanditswe vyatanzwe.
Ururirimbo rwa 18 (162) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 20 Munyonyo
Ururirimbo rwa 5 (46)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte.
Imin. 15: Ivyabonywe mw’Igabanganywa ry’Inkuru y’Ubwami No. 36. Nuvuge ukuntu habaye ukuroranirwa mu guhetura icibare. Mw’ishengero hoba hari uwagize uruhara mu gikorwa co mu ndimiro ari bwo bwa mbere? Nuvuge ibintu vyiza vyavuzwe n’abasanzwe ku mihana. Abamamaji bamwebamwe boba barashoboye gutanguza inyigisho za Bibiliya? Nimba bahari, nubasabe basigure canke basubiremwo uko babigenjeje. Niwibutse bose gutsimbataza ugushimishwa abantu bagaragaje.
Imin. 20: “Nimubandanye Kwamamaza!” Insiguro n’ukubaza ibibazo. Bamwebamwe baramaze igihe bifatanya n’ishirahamwe rya Yehova kandi barakomeye ku muheto mu gikorwa co kwamamaza mu buzima bwabo bwose. Babigiranye umutima wo kubona ibintu mu buryo bwiza, bararonse umunezero mu kubigenza gutyo. (Raba igitabu Ubumenyi ku rupapuro rw’179, ingingo ya 20, be n’Umunara w’Inderetsi wo muri Rusama 1992 urupapuro rwa 14-15, ingingo ya 14-15.) Nusabe umwamamaji ashirutse ubute kandi abumazemwo imyaka myinshi yigane imvo zatumye akomera ku muheto mu gikorwa co kwamamaza.
Ururirimbo rw’8 (53) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 27 Munyonyo
Ururirimbo rwa 16 (143)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga amaraporo yabo y’umurimo wo mu ndimiro y’ukwezi kwa Munyonyo. Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza mu kwezi kwa Kigarama ni igitabu Ubumenyi hamwe na Bibiliya Traduction du monde nouveau. Nusigure ukuntu Ivyabona vya Yehova bagize uruhara ruhambaye mu guhingura iyo Bibiliya mu ndimi nyinshi.—Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Gitugutu 1997 urupapuro rw’11-12.
Imin. 20: Nukoreshe Neza Igitabu Comment raisonner. Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu ku rupapuro 7-8. Niwerekane ukuntu ico gitabu cagenewe kudufasha kwitegurira kugira uruhara mu buryo kirumara kuruta mu busuku. Nusigure ukuntu ico gitabu gishobora gukoreshwa igihe turiko turashinga intahe dukoresheje telefone. Nimugire umwerekano w’ukuntu umuntu yoronka amayagwa ngirakamaro kugira ngo yishure ikibazo. Nuhimirize bose kwimenyereza ico gitabu, kucamana mw’isakoshi yabo bajana mu ndimiro, no kwama bagikoresha.
Imin. 15: Noshobora Gute Gucungera Utumenyero Twanje two Kuraba Televiziyo? Umukurambere arayaga n’umuvukanyi akiri muto amara amasaha menshi ku musi ariko araraba televiziyo. Ubwa mbere, uwo muvukanyi aranana y’uko ata kibi kiri muri ivyo. Aravuga yuko ari uburyo gusa bwo kwiruhura kandi yuko ivyo ata kibi bimukorako. Umukurambere arasubiramwo ivyiyumviro nyamukuru biri mu kigabane ca 36 c’igitabu Les jeunes s’interrogent. Arasigura yuko kuraba televiziyo kurenze urugero bimara umwanya w’agaciro wari gushobora gukoreshwa mu kwiyigisha, mu kuja mu busuku, canke mu gufasha mu vyo ishengero rikeneye. Uwo muvukanyi akiri muto araserura ugukenguruka ku bw’iyo mpanuro kandi akavuga yuko azohindura utumenyero twiwe two kuraba televiziyo, ku bw’inyungu ziwe zo mu buryo bw’impwemu. Mu mashengero aho kuraba televiziyo bidatera ingorane mwihweze ibikenewe iwanyu.
Ururirimbo rwa 21 (191) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 4 Kigarama
Ururirimbo rwa 3 (32)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. “Ubwira Iki Icuma Cishura?”
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 20: “ ‘Ijambo Rivuzwe mu Gihe Kibereye.’ ” Uguhana ijambo n’abumviriji hamwe n’imyerekano. Benshi biyumvamwo yuko batabishoboye igihe bagerageza gutanguza ibiyago, bakibwira bihenda yuko ngo bakeneye ubuhanga budasanzwe kugira ngo hagire ikivamwo. Nusigure ukuntu twese, utibagiye abamamaji bashasha be n’abakiri bato, dushobora gutanguza ibiganiro tubigiranye akigoro kabereye. Nimusubiremwo uburyo bwo gutanguza ikiyago twagiriwe inama, mu gushimikira ku kuntu butagoye, hanyuma usabe abamamaji babiri canke batatu bagire umwerekano wabwo. Nurabe mu Gikorwa Dukorera Ubwami (mu Gifaransa) co muri Ntwarante 1998 urupapuro rw’8 ubundi buryo bwo gutanguza ikiyago bushobora gukoreshwa. Nuhimirize bose kubona yuko ibintu bizogenda neza ivyo bikazotuma baronka umunezero mu busuku bwabo.
Ururirimbo rwa 17 (187) n’isengesho ryo gusozera.