ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/00 rup. 2
  • Ubwira Iki Icuma Cishura?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwira Iki Icuma Cishura?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • “Gushinga intahe dukoresheje telefone tukererwa”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Kubera iki twoja ku makoraniro ku Ngoro y’Ubwami?
    Urwaruka ruribaza
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Gutumira abantu ku makoraniro
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Gushinga intahe ukoresheje telefone birashobora kuba ngirakamaro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 11/00 rup. 2

Ubwira Iki Icuma Cishura?

Telefone ni uburyo kirumara bwo gushinga intahe ku bantu badashobora gusangwa i muhira canke baba mu vyibare bidashikirika. Ariko rero, abantu batishura telefone baguma barushiriza kuba benshi—icuma cishura ni co kibibagirira. Mu gihe ivyo bishitse, ushobora kugira iki? Ntusubizeko telefone. Ahubwo riho, nugire inyishu iteguye neza yanditse ushobora gusomera kuri telefone. Niwimenyereze kubigira n’ijwi rihimbaye kandi ry’ikiyago. Ushobora kuvuga iki?

Woshobora gusigira ubutumire buranga igishika nya munyamuhana bwo kwitaba Ikoraniro ry’Icese ku Ngoro y’Ubwami. Woshobora kuvuga uti: “Urantunga kuba ntagusanze i muhira. Nimba woshima kwumviriza ikiganiro gishingiye kuri Bibiliya kivuga giti [umutwe w’insiguro y’icese], turakwinginze uze ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova. Abantu bose baratumirwa. Nta mahera yigera atozwa.” Hanyuma nuvuge utomora umusi n’isaha amakoraniro aberako, kandi utange aderese y’ibarabara canke udondore aho iyo Ngoro y’Ubwami iri.

Niwitwararike abo ari bo bose boshobora kwitaba amakoraniro, ubidondore, kandi ubahe ikaze bumve ko bisanze. Ntiwibagire kubasaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana iwabo ataco barishe!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika