Ubwira Iki Icuma Cishura?
Telefone ni uburyo kirumara bwo gushinga intahe ku bantu badashobora gusangwa i muhira canke baba mu vyibare bidashikirika. Ariko rero, abantu batishura telefone baguma barushiriza kuba benshi—icuma cishura ni co kibibagirira. Mu gihe ivyo bishitse, ushobora kugira iki? Ntusubizeko telefone. Ahubwo riho, nugire inyishu iteguye neza yanditse ushobora gusomera kuri telefone. Niwimenyereze kubigira n’ijwi rihimbaye kandi ry’ikiyago. Ushobora kuvuga iki?
Woshobora gusigira ubutumire buranga igishika nya munyamuhana bwo kwitaba Ikoraniro ry’Icese ku Ngoro y’Ubwami. Woshobora kuvuga uti: “Urantunga kuba ntagusanze i muhira. Nimba woshima kwumviriza ikiganiro gishingiye kuri Bibiliya kivuga giti [umutwe w’insiguro y’icese], turakwinginze uze ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova. Abantu bose baratumirwa. Nta mahera yigera atozwa.” Hanyuma nuvuge utomora umusi n’isaha amakoraniro aberako, kandi utange aderese y’ibarabara canke udondore aho iyo Ngoro y’Ubwami iri.
Niwitwararike abo ari bo bose boshobora kwitaba amakoraniro, ubidondore, kandi ubahe ikaze bumve ko bisanze. Ntiwibagire kubasaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana iwabo ataco barishe!