Gushinga intahe ukoresheje telefone birashobora kuba ngirakamaro
1. Ni kubera iki gushinga intahe dukoresheje telefone vyoshobora kubonwa ko ari umwe mu mice ihambaye y’ubusuku turangura?
1 Ni kubera iki dukwiye kurimbura ibijanye n’ugushinga intahe dukoresheje telefone mu busuku turangura? Ni kubera ko ari ubundi buryo bwo gufasha abandi ngo baronke ubumenyi butagira amakosa, bigatuma baronka agakiza. (2 Pet. 3:9) Naho uburyo nyamukuru dukoresha mu gutangaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ari ukwamamaza inzu ku nzu, ntitugisha akaryo ko gukoresha tubigiranye umutima ukunze ubundi buryo kugira ngo dushikire barya boshobora kuba bataboneka i muhira.—Mat. 24:14; Luka 10:1-7; Ivyah. 14:6.
2. Gushinga intahe hakoreshejwe telefone bitunganywa gute?
2 Ukuntu bitunganijwe: Nk’uko biri ku bijanye n’intunganyo zerekeye igikorwa c’inzu ku nzu, gushinga intahe mu cibare ukoresheje telefone na vyo nyene biratunganywa ku bw’abamamaji. Woshobora kubigira uri wenyene canke uri kumwe n’abantu babiri canke batatu. Ikibanza ubikoreramwo gikwiye kuba corohereza ico gikorwa kiba kiriko kirarangurwa. Abantu benshi babona ko biba ngirakamaro bicaye ku meza maze bagashira imbere yabo ivyo basanzwe bakoresha igihe bamamaza inzu ku nzu.
3. Ni ibiki dukwiye kugumiza ku muzirikanyi igihe dushinga intahe dukoresheje telefone?
3 Ukuntu twoshinga intahe dukoresheje telefone: Igihe dushinga intahe kuri telefone, dukwiye gushikiriza ubutumwa mu buryo bw’ikiyago. Bamwebamwe usanga ari ho bagitangura, boshobora gusomera ikiganiro umunyamuhana, mugabo mu buryo bwo kuyaga. Amajambo yo gutanguza ibiyago dusanga mu gatabu Uburyo bwo Gutanguza Ibiyago, mu Gikorwa dukorera Ubwami be no mu gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba ushaka kumenya ukuri? arashobora gufasha mu bijanye n’ivyo. Igihe utegura uburyo bwawe bwite bwo gutanguza ikiyago, numenye ubutumwa ushaka gushikiriza, ikibazo wobaza, kandi witegurire gukoresha ivyanditswe bikeya bitanga inyishu. Akenshi woshobora gushikiriza vya bisohokayandikiro nyene biba biriko biratangwa inzu ku nzu. Nurimbure ivyibutswa bikurikira: Nuvuge worohewe kandi witonda. Nube umuntu w’urupfasoni, yihangana kandi wifate kigenzi kubera yuko bishobora kwumvikanira muri telefone. Nutege amatwi igihe uwo munyamuhana aserura iryo agona, maze wemere kandi ukenguruke ivyo avuze. Uriyubara ntuvuge ibijanye na ya ntunganyo y’intererano, kubera yuko ivyo vyoshobora gutahurwa nabi nk’aho ari uburyo bwo gusabiriza amahera ukoresheje telefone.
4. Gushinga intahe dukoresheje telefone vyoshobora kudushoboza gukora iki mu cibare twashinzwe?
4 Uwo muntu muriko murayagira kuri telefone yoshobora kuba afise amagara make canke akaba ari umuntu akora akazi gatuma bigorana ko umuronka igihe uri mu busuku bw’inzu ku nzu. Hari abandi usanga baba mu bigo birinzwe cane canke mu nyubakwa bibujijwe kwinjiramwo. Ku bw’ivyo, kugira ngo tugire akigoro ko kurangura bimwe vyuzuye kandi binogangije ubusuku tujejwe, turakwiye kwihweza ibijanye n’ugukoresha ubwo buryo ngirakamaro bwo gushinga intahe dukoresheje telefone.