Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 19 Gitugutu
INDWI ITANGURA KU WA 19 GITUGUTU
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
lv ikig. 11 ing. 20-22, uruzitiro ruri ku rup. 131
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 7-10
No. 1: Gusubira mu vyagezwe 9:1-14
No. 2: Igituma dukwiye gukunda Yezu (lr ikig. 38)
No. 3: Abapfuye bazozukira hehe? (td 23B)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 15: Kugira ubushakashatsi birashobora gutuma turushiriza gutahura ibintu. Insiguro ishingiye ku mayagwa ari mu gitabu c’Ishure ry’Ubusuku ku rupapuro rwa 33 gushika ku gatwe kari ku rupapuro rwa 34. Nimuganire kuri ayo mayagwa kugira ngo mwerekane ukuntu abamamaji boremesha abatohoji ba Bibiliya mu kubereka ingene bogira ubushakashatsi kugira ngo bakomeze ukwizera kwabo no kugira ngo bitegurire kugira uruhara mu busuku. Nimugire umwerekano w’ukuntu umwamamaji ashobora gufasha umutohoji wa Bibiliya gutahura agaciro ko kugira ubushakashatsi.
Imin. 15: “Gushinga intahe ukoresheje telefone birashobora kuba ngirakamaro.” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Nusabe abamamaji babiri, umwe wese agire umwerekano w’ukuntu yoshikiriza igisohokayandikiro kiriko kirashikirizwa muri ukwo kwezi. Nuremeshe abamamaji ko umwe wese yogira icibare ciwe. Raba igitabu Twagizwe ishirahamwe, ku rupapuro rwa 102, ingingo ya 3, gushika ku rupapuro rwa 104, ingingo ya 1; w09 15/6, ku rupapuro rwa 12, ingingo ya 7.