Nurondere ababereye
1 Inyobozo Yezu yatanze ku bijanye no kurangura igikorwa co kwamamaza ntizoroshe. Yavuze ati: “Igisagara cose cank’imihana muzoshikamwo, muhabaze ūbereye” (Mat. 10:11). Muri iki gihe aho usanga abantu barushiriza kumara umwanya mutoyi i muhira, twokora iki kugira ngo twererwe muri ukwo kurondera ababereye?
2 Suzuma icibare ukoreramwo: Nutangurire ku gusuzuma icibare ukoreramwo. Ni ryari abantu bakunda kuba bari i muhira? Ku murango umuntu yobasanga hehe? Hoba hariho umusi kanaka mu ndwi canke igihe kinaka ku musi aho usanga barushiriza kwakira neza uwubagendeye? Kugira ivyo uhinduye mu busuku bwawe wisunze ibikorwa vya misi yose abantu bo mu cibare cawe barangura hamwe n’ukuntu ivyabo vyifashe, birashobora kugufasha ugashika ku vyiza birushirije.—1 Kor. 9:23, 26.
3 Abamamaji benshi barashoboye gusanga abantu i muhira hakeye canke mu masaha yo ku mugoroba. Abanyamuhana bamwebamwe usanga batekanye kandi bafise umutima wo kwumviriza muri ivyo bihe. Gukorera mu cibare kigirirwamwo ivy’ubudandaji be no gushinga intahe mu bibanza bihuriramwo abantu benshi na bwo nyene ni ubundi buryo bwo gushikira abantu tubashiriye inkuru nziza.
4 Mu kwezi kw’igikorwa kidasanzwe, ishengero rimwe ryaratunganije ivyo gushinga intahe mu masaha yo ku mugoroba ku misi ya gatandatu no ku misi y’iyinga ryongera riraringaniza ivyo gushinga intahe ku misi ibiri yo hagati mu ndwi. Baratunganije kandi ivyo gushinga intahe mu cibare kigirirwamwo ubudandaji. Izo ntunganyo zatumye ishengero rigirira igishika ubusuku ku buryo bw’uko ryafashe ingingo yo kuzibandanya.
5 Nusubire kubagendera ubigiranye ubwira: Nimba mu cibare ukoreramwo bigoye gusanga abantu ku mihana yabo igihe usubiye kubagendera, igihe cose mugira musezerane nugerageze guhana na bo isango ritomoye ry’igihe uzogarukirako. Iryo sango mworihana no mu gihe woba ubagendeye ari bwo bwa mbere. Ubukurikira, niwiyemeze kwubahiriza iryo sango (Mat. 5:37). Nimba bibereye, urashobora gusaba uwo usanze ku muhana inomero za telefone nimba ayifise. Ivyo na vyo birashobora kugufasha gusubira kuvugana n’uwo muntu.
6 Utwigoro tugira two kurondera ababereye no kwitwararika abagaragaje ugushimishwa ntituzobura guhezagirwa na Yehova.—Imig. 21:5.