Uburyo bwo kwamamaza mu kibanza kigirirwamwo ubudandaji
1. Ivyiza bimwebimwe biva ku gushinga intahe mu kibanza kigirirwamwo ubudandaji ni ibihe?
1 Woba woshima kwamamaza mu cibare aho abantu bakunda kwakira ababagendeye, kandi bakunda kuba ari ho bari? Ivyo birashoboka aho nyene mu cibare c’ishengero ryanyu. Uti gute? Mu gukorera mu mamangazini canke mu mabutike ari aho hantu. Abamamaji bashinga intahe bava ku butike baja ku yindi, kenshi usanga bererwa.
2. Gushinga intahe mu kibanza kigirirwamwo ubudandaji vyotunganywa gute?
2 Amashengero amwamwe usanga mu cibare yakebewe harimwo ibibanza bigirirwamwo ubudandaji. Umuvukanyi ajejwe ivyibare yoshobora gutegura amakarata adasanzwe y’ivyo bibanza bigwiriyemwo ubudandaji. Amakarata y’ivyibare ayo ari yo yose ariko ibibanza bibamwo abantu birimwo n’ibibanza bigirirwamwo ubudandaji, akwiye kwerekana mu buryo butomoye yuko ivyo bibanza vy’ubudandaji bidakwiye gukorwa nk’ivyibare bibamwo abantu. Mu bindi vyibare, ibibanza bigirirwamwo ubudandaji birashobora gukorwa bifatanijwe n’ibibanza bibamwo abantu. Nimba utarigera ushinga intahe mu kibanza kigirirwamwo ubudandaji, nutangurire ku kugerageza kwamamaza ku tubutike dukeya.
3. Ni ibiki bizodufasha kwererwa igihe dushinga intahe tuva ku butike tuja ku yindi?
3 Koresha uburyo bworoshe: Igihe ushinga intahe uva ku butike uja ku yindi, birahambaye ko wambara nka kurya wokwambara ugiye ku makoraniro yo ku Ngoro y’Ubwami. Ni vyiza kandi guhitamwo umwanya haba hari abakiriya bake muri iyo butike. Nimba bishoboka, niwinjire igihe ata bakiriya barindiriye ko babaha ivyo bagura. Nusabe kuvugana na nyene imangazini canke uwundi muntu ayijejwe. Nuce make kandi udomeko. Ni nk’ibiki wovuga?
4-6. Ni nk’ibiki twoshobora kuvuga igihe dushinga intahe ku wukora mw’ibutike canke kuri nyene ibutike?
4 Igihe uyaga n’uwukora mw’iduka canke nyene ibutike, woshobora kuvuga uti: “Abadandaza bagira akazi kenshi ku buryo ari gake tubasanga i muhira, ni co gituma tubasanze ku kivi. Ibinyamakuru vyacu biratanga iciyumviro co muri rusangi ku bintu biba muri iki gihe”. Nuce rero umushikiriza iciyumviro kimwe kigufi ukuye mu kinyamakuru kinaka.
5 Canke woshobora kugerageza ubu buryo bworoshe uti: “Abantu benshi barashaka kumenya vyinshi ku vyerekeye Bibiliya, mugabo ugasanga bafise umwanya muto cane. Aka gapapuro karasigura ivyerekeye porogarama y’inyigisho igirwa ku buntu ishobora kugufasha kuronka inyishu z’ibibazo wibaza bishingiye kuri Bibiliya”. Nuce umwereka urupapuro rwa 4-5 rwa ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya?.
6 Nimba uwuriko aradandaza asa n’uwufatiriwe, woshobora kumushikiriza gusa agapapuro k’inkuru nziza, maze ukavuga uti: “Nzogaruka ikindi gihe muzoba mudafatiriwe cane. Noshima kumenya ico mwiyumvira kuri aka gapapuro k’inkuru nziza”.
7. Twoshobora gute gutsimbataza ugushimishwa kubonetse mu kibanza kigirirwamwo ubudandaji?
7 Gutsimbataza ugushimishwa kwabonetse: Woshobora mbere no kurongorera inyigisho ya Bibiliya mu kibanza kigirirwamwo ubudandaji. Hari umutsimvyi adasanzwe yama ashira ibinyamakuru umudandaza umwe. Igihe uwo mugabo yavuga yuko ashimishwa n’ivyo yariko arasoma, uwo mutsimvyi yaciye amwereka ukuntu inyigisho ya Bibiliya irongorwa, akoresheje agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?. Inyigisho yaciye itangurira aho nyene uwo mugabo akorera. Uwo mutsimvyi afatiye ku kuntu ibintu vyaba vyifashe, iyo nyigisho yaza iramara iminuta 10 canke 15. Ese natwe nyene twobandanya kurondera ababereye mu gushinga intahe mu kibanza kigirirwamwo ubudandaji!