“Gushinga intahe dukoresheje telefone tukererwa”
1 Intumbero twebwe Ivyabona vya Yehova dufise si iyo kugira uruhara gusa mu kwamamaza inkuru nziza, ariko kandi ni iyo gushikira umuntu wese bishoboka tumushiriye ubutumwa bw’Ubwami (Ivyak. 10:42; 20:24). Naho igikorwa co gushinga intahe inzu ku nzu kibandanya kuba uburyo nyamukuru bwo gushikira abantu, turabona yuko n’ubwo buryo nyene bwo kugendera abantu dukuzako budatuma dushikira abantu bose. Kugira rero ‘turangure bimwe bishitse ubusuku bwacu’, turiko turakoresha ubundi buryo, harimwo n’ugushinga intahe dukoresheje telefone, kugira turonke abantu bameze nk’intama.—2 Tim. 4:5.
2 Mu turere tumwetumwe, mbere no mu cibare cacu, abamamaji bariko barererwa mu bijanye no gushikira abantu biciye kuri telefone. Baratwaye inomero za telefone z’abashimishijwe kandi bariko barakurikirana ugushimishwa mu kubaterefona. Bamwebamwe barakoresheje telefone kugira bashinge intahe ku ncuti no ku bo bazinanyi.
3None inomero za telefone wozikura hehe? Igitabu gitondetswemwo inomero z’amatelefone hisunzwe aho benezo baba coshobora kuboneka. Incuti, abo dukorana, abo duhura mu busuku bwo mu ndimiro be n’abandi bantu tuzinanyi, boshobora kuguha inomero za telefone zabo.
4 Abakurambere barashobora kwitwararika cane ico gikorwa mu kuringaniza ivy’uko abamenyereye gushinga intahe bakoresheje telefone bamenyereza abandi, kumbure biciye kuri ya porogarama y’abatsimvyi bafasha abandi. Uko haca igihe, igihimba co mw’Ikoraniro ry’umurimo kigenewe ibikenewe iwanyu coshobora guheberwa ivyo kuryohora uwo muce wo gushinga intahe aho bigirwa, kugira ngo urushirize kugenda neza.
5 Igihe abakurambere bagendera cungere abarwaye canke abafise amagara make, bakwiye kuba biteguriye kubaremesha kugira uruhara mu gikorwa co gushinga intahe bakoresheje telefone. Kumbure umukurambere yoshobora guterefona abantu bakeyi ari kumwe n’uwo mwamamaji, maze uwo mwamamaji na we agashobora kuboneraho akaryo ko guterefona. Abantu benshi batanguye kubigenza gutyo, ku musi ku musi barakoresha iminuta mikeyi muri ico gikorwa, kandi baragikunda vy’ukuri.
6 Inama zotuma twererwa: Igihe Yezu yarungika abigishwa biwe kwamamaza, ‘yabatumye ari babiribabiri’ (Luka 10:1). Kubera iki? Yari azi yuko biciye ku gukorana, umwe wese yokwigiye kuri mugenziwe kandi bakaremeshanya. Ivyo ni uko nyene biri no ku vyerekeye ugushinga intahe dukoresheje telefone. Biciye ku gukorana, umwe wese arashobora kwigira kuri mugenziwe, mukaganira ivyavuyemwo kandi mugahana ivyiyumviro mwokoresha ku kiganiro gikurikira. Mbere no mu gihe muterefona, murashobora gufashanya kumenya amakuru ngirakamaro.
7 Kugira ngo wiyumvire mu buryo butomoye kandi ntusamare, niwicare ahantu ushobora gushira imbere yawe ibikoresho ukenera mu gushinga intahe, ari vyo Bibiliya, igitabu Comment raisonner, agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, ibinyamakuru n’ibindi. Niwandike amajambo makeyi yo gutanguza ikiyago kandi uyashire aho ushobora kuyabona. Niwitegurire kwandika amakuru atagiramwo amakosa kandi akwiye, ushizemwo igenekerezo ry’umusi be n’isaha, kugira umenye igihe co gukurikirana ugushimishwa kwabonetse.
8 Igihe usozera ikiganiro, niwiyumvire ikintu kizotuma ugendera uwo muntu i muhira iwe canke kizotuma umurungikira igisohokayandikiro. Nimba uwo muntu agonanywe kuguha aderese yiwe, musabe ko wosubira kumuterefona. Vyoshobora gusaba ko umuterefona incuro nyinshi imbere y’uko yemera kuguha ikaze i muhira iwe.
9 Gushikiriza ukuri biciye kuri telefone busigaye ari uburyo bwo kwamamaza inkuru nziza buvamwo ibintu vyiza. Niwitegure neza kandi ugire uruhara muri ico gikorwa n’umutima wawe wose. Ntucike intege abantu badaciye bavyakira neza igihe ubaterefonye nka kangahe ari bwo bwa mbere. Nusenge Yehova umusaba ubuyobozi kandi uhanahane ivyiyumviro n’abandi bariko baramamaza muri ubwo buryo buhimbaye. Kubera yuko dufise icipfuzo gikomeye c’uko ata muntu n’umwe twosimba mu cibare cacu, nimuze turangure ubusuku bwacu mu buryo bunogangije, tubona ko ibintu vyihutirwa.—Rom. 10:13, 14.