ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lmd icig. 2
  • Kuyaga mu buryo busanzwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuyaga mu buryo busanzwe
  • Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo Filipo yakoze
  • Twigira iki kuri Filipo?
  • Niwigane Filipo
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gutanguza ikiyago kugira wamamaze akaryo kizanye
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Kwitwararika abandi
    Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Numenyeshe «inkuru nziza yerekeye Yezu»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Uburyo bwo Kuryohora Ubuhanga bwo Kuyaga
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Nukunde abantu ubahindure abigishwa
lmd icig. 2

GUTANGUZA IKIYAGO

Umwigishwa wa Yezu Filipo ariko araganira n’umugabo w’Umunyetiyopiya yicaye mu mukogote, asoma umuzingo.

Ivyak. 8:​30, 31

ICIGWA CA 2

Kuyaga mu buryo busanzwe

Icanditswe c’ishimikiro: «Ijambo rivuzwe ku mwanya ubereye ni ryiza cane!»—Imig. 15:23.

Ivyo Filipo yakoze

Umwigishwa wa Yezu Filipo ariko araganira n’umugabo w’Umunyetiyopiya yicaye mu mukogote, asoma umuzingo.

IVIDEWO: Filipo abwira inkuru nziza inkone y’Umunyetiyopiya

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Ivyakozwe 8:​30, 31. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1. Filipo yatanguje gute ikiyago?

  2. Kubera iki ubwo bwari uburyo busanzwe bwo gutanguza ikiyago no kwigisha uwo mugabo ikintu gishasha?

Twigira iki kuri Filipo?

2. Igihe tuganira n’umuntu mu buryo busanzwe, birashobora gutuma yumva yorohewe no kuganira natwe inkuru nziza kandi akatwugurukira.

Niwigane Filipo

3. Nube umuntu yihweza. Ibimenyetso vy’umubiri n’ivyo mu maso birahishura vyinshi ku vyerekeye umuntu. Uwo muntu yoba asa n’uwipfuza kuganira nawe? Woshobora gutangura kuvuga ikintu co muri Bibiliya mu kubaza gusa ngo: «Wari uzi ko . . . ?» Niwirinde guhata umuntu ngo muyage ata vyo ashaka.

4. Niwihangane. Ntiwiyumvire ko ukwiye guca utangura kuvuga ivya Bibiliya ubwo nyene. Nurindire gushika uronse akaryo kabereye ko kuvyinjizamwo neza. Vyoshika ako karyo kakaboneka ikindi gihe, musubiye kuganira.

5. Nuhuze n’uko ibintu vyifashe. Ikiyago kirashobora kugenda mu buryo utari witeze. Rero nuce uvuga ikintu cogirira akamaro uwo muntu, naho vyosaba ko uvuga ikintu co muri Bibiliya gitandukanye n’ico wari wiyumviriye.

NURABE KANDI

Umus. 3:​1, 7; 1 Kor. 9:22; 2 Kor. 2:17; Kol. 4:6

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika