ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lmd icig. 1
  • Kwitwararika abandi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwitwararika abandi
  • Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo Yezu yakoze
  • Twigira iki kuri Yezu?
  • Niwigane Yezu
  • Kuyaga mu buryo busanzwe
    Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Kuyagisha abantu mu ntumbero yo gushinga intahe
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Uburyo bwo Kuryohora Ubuhanga bwo Kuyaga
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gutanguza ikiyago kugira wamamaze akaryo kizanye
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
Ibindi
Nukunde abantu ubahindure abigishwa
lmd icig. 1

GUTANGUZA IKIYAGO

Yezu ariko aganira n’umugore umwe kw’iriba.

Yoh. 4:​6-9

ICIGWA CA 1

Kwitwararika abandi

Icanditswe c’ishimikiro: «Urukundo . . . ntirurondera inyungu zarwo bwite.»—1 Kor. 13:​4, 5.

Ivyo Yezu yakoze

Yezu ariko aganira n’umugore umwe kw’iriba.

IVIDEWO: Yezu n’umugore w’Umusamariyakazi kw’iriba

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Yohani 4:​6-9. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1. Yezu yihweje iki kuri uwo mugore imbere yo gutanguza ikiyago?

  2. Yezu yavuze ati: «Mpa amazi yo kunywa.» Ni kubera iki ubwo bwari uburyo bwiza bwo gutanguza ikiyago?

Twigira iki kuri Yezu?

2. Biroroha cane ko tuyaga neza n’umuntu iyo duhereye ku ciyumviro kimushimisha.

Niwigane Yezu

3. Nuhuze n’uko ibintu vyifashe. Igihe utanguza ikiyago, ntiwumire ku ciyumviro wewe wateguye kuvuga. Nufatire ku vyo abandi bashobora kuba bariko bariyumvira uwo musi. Niwibaze uti:

  1. ‘“Havuzwe iki mu makuru?”

  2. “Ababanyi, abo dukorana canke abo twigana bavuga amaki?”

4. Nube umuntu yihweza. Niwibaze uti:

  1. “Uyu muntu ari mu duki? Ashobora kuba ariko yiyumvira iki?”

  2. “Impuzu uwo muntu yambaye, uko aboneka be n’aho aba bihishura iki ku bijanye n’ivyo yemera canke imico yiwe?”

  3. “Uyu woba ari umwanya mwiza wo kuganira na we?”

5. Nutege yompi.

  1. Ntuvuge menshi.

  2. Numuremeshe kugira ico avuze. Igihe bibereye, nubaze utubazo.

NURABE KANDI

Mat. 7:12; 1 Kor. 9:​20-23; Flp. 2:4; Yak. 1:19

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika