Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gutanguza ikiyago kugira wamamaze akaryo kizanye
Igituma bihambaye: Igihe turiko turamamaza inzu ku nzu, akenshi dusanga abantu benshi atari ho bari. Yamara, turashobora kuganira na bo turi muri bisi, turindiriye muganga, turi mu mwanya w’akaruhuko ku kazi canke kw’ishure be no mu bindi bihe. Yehova agomba ko umwumwe wese aronka akaryo ko kwumva ubutumwa bw’Ubwami. (1 Tim. 2:3, 4) Akenshi, kugira ngo twamamaze inkuru nziza, dutegerezwa kwibwiriza gutanguza ikiyago.
Muri uku kwezi nugerageze iki kintu:
Buri ndwi nugerageze gutanguza n’imiburiburi ikiyago kimwe ufise intumbero yo gushinga intahe.