Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Ntwar.
“Wibaza ko iyi si yoba ahantu harushirije kuba heza iyaba abantu bose bashira mu ngiro iyi mpanuro? [Soma Abaroma 12:17, 18. Nuce urindira yishure.] Ikibabaje, ni uko rimwe na rimwe bishika hakabaho ukutumvikana hagati y’abantu. Iki kinyamakuru kirerekana ingene gushira mu ngiro impanuro zo muri Bibiliya bishobora kudufasha gutorera umuti amatati no kugarukana amahoro”.
Réveillez-vous! 8 Ntwar.
“Uko umwaka utashe, abantu bararushiriza gukenera inguvu ziva ku masôko ntanganguvu. Wibaza ko vyogenda gute hamwe umusi uri izina twoza tubona izo nguvu dukenera ziheze? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiravuga iterambere ryahabaye mu bijanye no gushiraho amasoko ntanganguvu arushirije kuba meza. Kirerekana kandi Uwashizeho amasôko ntanganguvu yose”. Soma Yesaya 40:26.
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Ntwar.
“Abantu bo hirya no hino kw’isi barahayagiza inyigisho za Yezu. [Soma amajambo yavuzwe ari ku rupapuro rwa 3, ingingo 1.] Mugabo none, wibaza ko izo nyigisho, nk’akarorero izi ziri muri iki canditswe, ari ngirakamaro muri kino gihe? [Soma Matayo 5:21, 22a. Nuce urindira yishure.] Iki kinyamakuru kiravuga ivyo Yezu yigishije be n’ingene dushobora kuvyungukirako”.
Réveillez-vous ! 22 Ntwar.
“Abantu benshi barakunda imisozi kubera ubwiza bwayo, ariko none wari uzi ko ifise akamaro kanini ku buzima hano kw’isi? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiravuga igituma dukeneye imisozi be n’ibiriko birayishikira muri iki gihe. Kiravuga kandi ukuntu Umuremyi azogarukira iryo sôko rihambaye”. Soma Zaburi 95:4.