Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Ntwarante
“Abantu benshi biyumvira yuko amadini yose ashikana umuntu ku Mana. Wibaza ko hoba hari ico bitwaye umuntu apfuye idini ahisemwo? [Rindira yishure.] Ehe raba iki ciyumviro. [Soma 1 Yohana 4:1.] Iki kinyamakuru kiravuga ukuntu dushobora gusuzuma inyigisho kugira ngo turabe nimba ziva ku Mana. Kirerekana kandi ukuntu amadini menshi yatanguye”.
Réveillez-vous! Ntwarante
“Ku bwawe, ubona ari nk’ingorane izihe zihanze urwaruka muri iki gihe? [Rindira yishure.] Iki canditswe kirashira ahabona ikintu kimwe kitorohera urwaruka, na co kikaba ari uguhitamwo abagenzi beza. [Soma mu Migani 13:20.] Iki kinyamakuru kiravuga ibijanye n’akaga kari mu kuronderera abagenzi kuri Internet be n’ukuntu urwaruka rushobora gukingirwa”.
Umunara w’Inderetsi 15 Ntwarante
“Abantu barakunda kuvuga ibijanye n’ukuza kwa Yezu Kristu. Wibaza ko ico ari ikintu umuntu akwiye kurindira agihahamiye canke afise ubwoba? [Rindira yishure.] Ehe raba uko umwanditsi wa Bibiliya Yohani yiyumva ku bijanye n’ico kintu. [Soma Ivyahishuriwe 22:20.] Iki kinyamakuru kirasigura ibintu bizorangurwa n’ukwo kuza kwa Kristu”.
Réveillez-vous! Ntwarante
“Abakuru benshi bo mw’isi basa n’abafise ubwibone cane. Wibaza ko iyo nyifato yoba ishobora gutuma haba amahoro n’umwumvikano kw’isi? [Rindira yishure.] Ehe raba ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ubwibone. [Soma Imigani 16:18.] Iki kiganiro kirasigura ivyiza biva mu kwicisha bugufi”. Numwereke ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 20.