ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/07 rup. 8
  • Igihe tudasanze abantu i muhira

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe tudasanze abantu i muhira
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ivyo bijanye
  • Woba ufise icibare cawe bwite?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ishengero Ryanyu Ryoba Rifise Icibare Kinini?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Isekeza ridasanzwe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Woba wokwungukira ku kuba ufise icibare cawe?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
Igikorwa dukorera Ubwami—2007
km 4/07 rup. 8

Igihe tudasanze abantu i muhira

1. Ni ingorane iyihe ikunda gushika igihe turi mu busuku bw’inzu ku nzu?

1 Mu mihingo myinshi, usanga birushiriza kugora gusanga abantu i muhira. Muri ibi “bihe bigoye”, usanga abantu benshi babwirizwa gukora amasaha menshi kugira baronke icorirenza (2 Tim. 3:1). Bamwebamwe ushobora gusanga batari i muhira kubera ko bagiye gusuma canke kwisamaza. Dushobora gute none gushikira mwene abo bantu tubashiriye inkuru nziza?

2. Dushobora gute kwiyemeza neza ko abo tutasanze i muhira bazokwitwararikwa?

2 Nugire utwo wanditse: Ikintu ca mbere wogira ni ukwandika abo utasanze i muhira. Ivyo birahambaye na canecane igihe ukunda gukorera mu cibare cawe. Woba uhora wandikako izina ry’ibarabara, inomero y’icibare, izina ryawe be n’itariki? Woshobora gusiga ahantu ho kwandika utundi tuntu igihe usubiye kugendera abo utasanze i muhira canke igihe ari uwundi mwamamaji agiye kubagendera. Ikiringo co kwamamaza muri ico cibare kirangiye, uribuka guha ako gakaratasi umuntu agihawe kiretse akwemereye ko wosubira kugendera abo bantu utari warasanze i muhira. Niwandike ku kandi gakaratasi abantu bose bashimishijwe ubona ko uzosubira kugendera.

3. Ni inama izihe tugirwa ku bijanye no gushikira abantu tutasanze i muhira?

3 Nugerageze gusubirayo mu wundi mwanya: Hari aho abo utasanze i muhira mu ndwi hagati woshobora kuhabasanga ku migoroba canke mu mpera z’imishamvu. Woba ushobora gutunganya urutonde rwawe kugira ngo usubire kubagendera mu mwanya urushirije kuba uwubereye (1 Kor. 10:24)? Niba bitagushobokeye, nuhe aderese y’abo bantu utasanze i muhira uwundi mwamamaji ashobora kubagendera mu wundi mwanya. Bidashobotse na ho woshobora kwandikira abo bantu utasanze i muhira canke ukagerageza kubaterefona. Abamamaji bafise ingorane z’amagara zituma batagira uruhara cane mu gikorwa c’inzu ku nzu boshobora guhimbarwa no kugufasha muri ivyo.

4. Ni igiki cerekana ko bihambaye gusubira kugendera abo tutasanze i muhira?

4 Hari ikintu kimwe cabaye cerekana igituma bihambaye kugerageza gushikira abo tutasanze i muhira. Igihe abamamaji bamwe bari bamaze imyaka itatu baguma bagendera umuhana umwe, amaherezo barabonanye na nyene urwo rugo. Abo bamamaji bahavuye bamenya yuko uwo muntu yari amaze ico gihe cose arindiriye ko hogira Icabona yomugendera kugira amurongorere inyigisho ya Bibiliya yahora agirirwa atarimukira aho hantu.

5. Ni ryari icibare gifatwa ko cahetuwe?

5 Nuheture icibare cawe: Ni ryari icibare gifatwa ko cahetuwe? Muri rusangi gifatwa ko cahetuwe igihe umwamamaji yagihawe aba yaragize utwigoro dushoboka kugira ngo abonane n’umuntu kuri buri muhana. Vyoba vyiza umuntu asigiye abo atasanze i muhira agapapuro k’inkuru nziza canke ikinyamakuru ca kera, ariko akabigirana ukwiyubara canecane mu vyibare bidakunda gukorerwamwo. Icibare gikwiye kuba cahetuwe mu kiringo c’amezi ane maze kigasuzumwa ko cakozwe neza kugira ngo uwujejwe ivyibare ace avyandika mu madosiye yiwe.

6. Ni kubera iki dukwiye kurondera gushikira abantu bose baba mu cibare cacu tubashiriye inkuru nziza?

6 Twipfuza ko abantu benshi bashoboka biga kwambaza izina rya Yehova maze bagakizwa (Rom. 10:13, 14). Muri abo harimwo abo tutasanze i muhira igihe twabagendera turi mu busuku bw’inzu ku nzu. Nka kumwe kw’intumwa Paulo, “gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana” nubigire yo ntumbero yawe.—Ivyak. 20:24.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika