Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Ruhuh.
“Wibaza ko ikibano cacu coshobora guhinduka ahantu harushirije kuba heza hamwe umwe wese yoba akurikiza aya majambo? [Soma Abanyefeso 4:25, maze urindire yishure.] Abantu benshi biyumvira yuko mu bihe bimwebimwe kubesha vyemewe. Iki kinyamakuru kirerekana ivyiza biva ku kwama umuntu avuga ukuri”.
Réveillez-vous! Ruhuh.
“Ukuntu abantu babona ivy’idini bisa n’ibiriko birahinduka mu bibano bimwebimwe. Wibaza ko amadini yoba atagishoboye kugira akosho ku bantu? [Rindira yishure.] Aya majambo intumwa Paulo yanditse arerekana igituma abantu bamwebamwe batacizigira idini. [Soma Ivyakozwe n’intumwa 20:29, 30.] Iki kinyamakuru kirerekana ivyo Bibiliya ivuga ku bigiye gushikira abiyita abakirisu”.
Umunara w’Inderetsi 15 Ruhuh.
“Hari abibaza ko umuntu ariko arahonya isi. Woba urigera uhagarikwa umutima n’ico kintu? [Rindira yishure.] Ehe raba uyu muhango udusubiriza umutima mu nda. [Soma Ivyahishuriwe 11:18.] Iki kinyamakuru kirimwo ibiganiro vyerekana ibintu bituma uyu mubumbe wacu uba uwudasanzwe. Kirerekana kandi ico Bibiliya ivuga ku bijanye na kazoza k’isi”.
Réveillez-vous! Ruhuh.
“Woba wibaza ko iyi ari yo mpamvu ituma kw’isi haba ingorane nyinshi? [Soma 1 Yohana 5:19, maze urindire yishure.] Iki kinyamakuru kirerekana ivyo Bibiliya ivuga ko biranga uwo ‘Mubi’ be n’ukuntu dushobora kwirinda akosho kiwe gakomeye”. Niwerekane ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 12.