ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/07 rup. 4
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2007
km 3/07 rup. 4

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Ruhuh.

“Wibaza ko ikibano cacu coshobora guhinduka ahantu harushirije kuba heza hamwe umwe wese yoba akurikiza aya majambo? [Soma Abanyefeso 4:25, maze urindire yishure.] Abantu benshi biyumvira yuko mu bihe bimwebimwe kubesha vyemewe. Iki kinyamakuru kirerekana ivyiza biva ku kwama umuntu avuga ukuri”.

Réveillez-vous! Ruhuh.

“Ukuntu abantu babona ivy’idini bisa n’ibiriko birahinduka mu bibano bimwebimwe. Wibaza ko amadini yoba atagishoboye kugira akosho ku bantu? [Rindira yishure.] Aya majambo intumwa Paulo yanditse arerekana igituma abantu bamwebamwe batacizigira idini. [Soma Ivyakozwe n’intumwa 20:29, 30.] Iki kinyamakuru kirerekana ivyo Bibiliya ivuga ku bigiye gushikira abiyita abakirisu”.

Umunara w’Inderetsi 15 Ruhuh.

“Hari abibaza ko umuntu ariko arahonya isi. Woba urigera uhagarikwa umutima n’ico kintu? [Rindira yishure.] Ehe raba uyu muhango udusubiriza umutima mu nda. [Soma Ivyahishuriwe 11:18.] Iki kinyamakuru kirimwo ibiganiro vyerekana ibintu bituma uyu mubumbe wacu uba uwudasanzwe. Kirerekana kandi ico Bibiliya ivuga ku bijanye na kazoza k’isi”.

Réveillez-vous! Ruhuh.

“Woba wibaza ko iyi ari yo mpamvu ituma kw’isi haba ingorane nyinshi? [Soma 1 Yohana 5:19, maze urindire yishure.] Iki kinyamakuru kirerekana ivyo Bibiliya ivuga ko biranga uwo ‘Mubi’ be n’ukuntu dushobora kwirinda akosho kiwe gakomeye”. Niwerekane ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika