Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 15 Ntwar.
“Woba wibaza ko inyigisho za Yezu zoba ari ngirakamaro muri iki gihe cacu? [Rindira yishure.] Nta nkeka ko wemera iri bwirizwa Yezu yatanze ku musi wa nyuma w’ubuzima bwiwe. [Soma Yohana 15:12.] Kuri uwo musi nyene, Yezu yaratanze ibindi vyigwa vy’agaciro. Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi irerekana ingene twoshobora kuvyungukirako.”
Réveillez-vous! 22 Ntwar.
“Woba umaze kubona yuko muri iki gihe abantu benshi bibagora gusinzira bihagije? [Rindira yishure.] Umwitwarariko n’uguhagarika umutima birashobora kuba mu bibitera. [Soma Umusiguzi 5:12.] Iki kinyamakuru kirihweza bimwebimwe mu bituma abantu badatora agatiro, kikongera kigatanga inama ngirakamaro z’ukuntu twoshobora kurushiriza kuza turasinzira neza.”
Umunara w’Inderetsi 1 Ndam.
“Kuri iki gicapo, herekana igihe gikunda kwitwa Imfungurwa za Nyuma zo ku Mugoroba. [Erekana igipfukisho c’imbere n’ic’inyuma c’ico kinyamakuru.] Woba wari uzi ko ico ari co gihe conyene Abakirisu bategetswe kwibuka? [Rindira yishure maze uce usoma Luka 22:19.] Iki kinyamakuru kirasigura igituma bihambaye guhimbaza ico gihe, be n’ukuntu gifise ico gikora kuri wewe.”
Réveillez-vous! 8 Ndam.
“Ntibibabaje none kubona abakiri bato benshi bonona ubuzima bwabo mu gufata ibiyayuramutwe? [Rindira yishure.] Kenshi ingorane zikunda gutangura igihe abakiri bato bifatanije n’abantu babi. [Soma 1 Ab’i Korinto 15:33.] Iyo nomero ya Réveillez-vous! irihweza igitera abakiri bato gutangura gufata ibiyayuramutwe n’ico abavyeyi bashobora gukora kugira babakingire.”