ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/03 rup. 8
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 4/03 rup. 8

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 15 Ntwar.

“Woba wibaza ko inyigisho za Yezu zoba ari ngirakamaro muri iki gihe cacu? [Rindira yishure.] Nta nkeka ko wemera iri bwirizwa Yezu yatanze ku musi wa nyuma w’ubuzima bwiwe. [Soma Yohana 15:12.] Kuri uwo musi nyene, Yezu yaratanze ibindi vyigwa vy’agaciro. Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi irerekana ingene twoshobora kuvyungukirako.”

Réveillez-vous! 22 Ntwar.

“Woba umaze kubona yuko muri iki gihe abantu benshi bibagora gusinzira bihagije? [Rindira yishure.] Umwitwarariko n’uguhagarika umutima birashobora kuba mu bibitera. [Soma Umusiguzi 5:12.] Iki kinyamakuru kirihweza bimwebimwe mu bituma abantu badatora agatiro, kikongera kigatanga inama ngirakamaro z’ukuntu twoshobora kurushiriza kuza turasinzira neza.”

Umunara w’Inderetsi 1 Ndam.

“Kuri iki gicapo, herekana igihe gikunda kwitwa Imfungurwa za Nyuma zo ku Mugoroba. [Erekana igipfukisho c’imbere n’ic’inyuma c’ico kinyamakuru.] Woba wari uzi ko ico ari co gihe conyene Abakirisu bategetswe kwibuka? [Rindira yishure maze uce usoma Luka 22:19.] Iki kinyamakuru kirasigura igituma bihambaye guhimbaza ico gihe, be n’ukuntu gifise ico gikora kuri wewe.”

Réveillez-vous! 8 Ndam.

“Ntibibabaje none kubona abakiri bato benshi bonona ubuzima bwabo mu gufata ibiyayuramutwe? [Rindira yishure.] Kenshi ingorane zikunda gutangura igihe abakiri bato bifatanije n’abantu babi. [Soma 1 Ab’i Korinto 15:33.] Iyo nomero ya Réveillez-vous! irihweza igitera abakiri bato gutangura gufata ibiyayuramutwe n’ico abavyeyi bashobora gukora kugira babakingire.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika