Urutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango—Amakoraniro y’ishengero
1 Nimba uri umuvyeyi mukirisu, uripfuza ko abana bawe, nibamara gukura, baba abantu bakunda Yehova bakongera bakamukorera kandi amaherezo bakazoronka ubuzima budahera mw’isi nshasha Imana yasezeranye. Woshobora gute kubafasha gushira ugusenga Yehova mu kibanza ca mbere mu buzima bwabo? Uburyo nyamukuru ni akarorero utanga (Imig. 20:7). Umuvukanyikazi umwe yaributse akarorero ka nyina wiwe w’Icabona, avuga ati: “Ntitwirirwa turabaza nimba tugenda canke tutagenda ku makoraniro”. Vyari vyaramwinjiye mu maraso.
2 Umuryango wanyu woba utahura intumbero y’amakoraniro y’ishengero? Inyigisho turonkera kuri ayo makoraniro zidukomeza kugira tubandanye gukora ivyo Imana igomba, kandi ukuba turi kumwe n’abandi kuri ayo makoraniro biraturemesha cane (Yes. 54:13; Rom. 1:11, 12). Ariko rero, intumbero nyamukuru ya mwene ayo makoraniro ni iyo gushemeza Yehova “mu masinzi akoranye” (Zab. 26:12, NW). Amakoraniro ya gikirisu araduha uturyo two kwerekana urukundo dukunda Yehova be n’uturyo two kumusenga.
3 “Mwirinde cane”: Gutahura umugambi mweranda w’amakoraniro yacu bizotuma ‘twirinda cane’ kugira ngo ntidutsimbataze akamenyero ko kuza turasiba amakoraniro bivuye ku tuntu tudahambaye (Ef. 5:15, 16; Heb. 10:24, 25). Igihe mugira urutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango mukwiye guhera ku kwandikako imyanya y’amakoraniro y’ishengero. Maze mwiyubare kugira ngo ntimureke ngo hagire ibindi bikorwa bibabuza kuyitaba. Murarabe neza ko ukwitaba amakoraniro ari ikintu kija imbere y’ibindi mu muryango.
4 None ntidukorwa ku mutima iyo dusomye ingene abavukanyi bacu batsinze intambamyi zobabuza kwitaba amakoraniro, amateraniro be n’amahwaniro? Naho nyene ivyawe vyoba bitagoye nk’ivyabo, na wewe nyene ntubuze ingorane uhura na zo. Shetani ariko atuma gusenga Yehova birushiriza kugora abasavyi b’Imana. Yamara rero, numenye udakeka ko abana batazobura kubona akigoro umuryango wanyu wiyemeza kugira, ngo witabe amakoraniro y’ishengero. Si ivyimbeshere, ubigenjeje gutyo, urashobora kubaha ingabirano y’ivy’impwemu itazokwigera yibagirwa.