Nutsimbataze ubuhanga mu bijanye no gufasha abandi kuzirikana
1. Ni inkuru iyihe yo muri Bibiliya tugira dusuzume, kandi kubera iki?
1 Insiguro intumwa Paulo yashikirije mw’isinagogi y’i Antiyokiya h’i Pisidiya, nk’uko yanditswe mu Vyakozwe n’intumwa 13:16-41, ni akarorero keza k’ingene twofasha abandi kuzirikana. Paulo yarazirikanye kuri kahise k’abamwumviriza be no ku vyiyumviro vyabo, maze ashikiriza inkuru nziza yisunze ivyo bintu. Uko duca irya n’ino iyo nkuru, turaza kubona ingene twomwigana mu busuku bwacu.
2. Twigira iki ku kuntu Paulo yatanguye insiguro yiwe?
2 Rondera ikintu muhurizako: Naho ubutumwa Paulo yashikiriza bwari buhagaze ku ruhara nyamukuru Yezu afise mw’iranguka ry’umugambi w’Imana, ntiyatanguriye insiguro yiwe kuri ico ciyumviro. Ahubwo yavuze ikintu yahurizako n’abamwumviriza, benshi muri bo bakaba bari Abayuda, ico na co kikaba cari kahise k’Abayuda (Ivyak. 13:16-22). Muri ubwo buryo nyene, tuzorushiriza kuroranirwa mu bijanye no gushika abandi ku nyota nitwarondera ikintu duhurizako. Ivyo vyoshobora gusaba yuko tubaremesha guserura iryo bagona dukoresheje utubazo tubajijwe ku bugenge maze tukumviriza twitonze kugira ngo tumenye igihambaye koko kuri bo ico ari co.
3. Ni igiki catumye abumviriza Paulo bibagora kwemera yuko Yezu ari we yari Mesiya yari yarasezeranywe?
3 Mu kuvuga ivyerekeye kahise k’Abayuda, Paulo yaribukije abamwumviriza umuhango Imana yatanze wo guhagurutsa Umukiza ava mu muryango wa Dawidi. Ariko rero, Abayuda benshi bari barindiriye umuntu w’intwari mu vya gisirikare yobakuyeko agacinyizo k’inganji y’Abaroma, maze agashira ihanga ry’Abayuda hejuru y’ayandi mahanga yose. Nta nkeka bari bazi ko Yezu yiyamirijwe n’indongozi z’idini ry’Abayuda i Yeruzalemu, agahabwa abategetsi b’Abaroma, maze akicwa. None Paulo yari gushobora gute kubashwirura yuko uwo Yezu nyene ari we yari Mesiya yari yarasezeranywe?
4. Paulo abigiranye ubuhanga yafashije gute Abayuda bariko baramwumviriza?
4 Nuhuze uburyo ushikiriza inkuru nziza n’ivyo abakwumviriza basanzwe bemera: Kubera ko Paulo yari azi ivyiyumviro vy’abamwumviriza, yarakoresheje Ivyanditswe kugira ngo abafashe kuzirikana afatiye ku bintu bari basanzwe bemera. Nk’akarorero, yinjijemwo Yezu mu kuvuga yuko ari uruvyaro rwa Dawidi be n’uko ari we yari yaravuzwe na Yohani Umubatizi, uno abantu benshi bakaba baremera ko ari umuhanuzi yatumwe n’Imana (Ivyak. 13:23-25). Paulo yarerekanye yuko mu kwiyamiriza Yezu no mu kumucira urwo gupfa, indongozi z’idini ‘zari zishikije ivyavuzwe n’abavugishwa n’Imana’ (Ivyak. 13:26-28). Vyongeye, yarasiguye yuko hariho abantu biboneye ko Yezu yari yazuwe mu bapfuye, yongera arabibutsa imirongo bari bamenyereye yo mu Vyanditswe yari yararangukiye kw’izuka rya Yezu.—Ivyak. 13:29-37.
5. (a) Igihe Paulo yariko abwira ubutumwa Abagiriki, yahuje gute uburyo ashikiriza inkuru nziza n’ivyo bari basanzwe bemera? (b) Twokwigana akarorero ka Paulo gute igihe dushinga intahe mu cibare twakebewe?
5 Ariko rero, igihe Paulo yariko avugisha Abagiriki kuri Areyopago i Atenayi, yarakoresheje ubundi buryo (Ivyak. 17:22-31). Yamara rero, yashikirije bwa butumwa nyene bw’ishimikiro, kandi aho hose utwigoro yagize twaravuyemwo ivyiza (Ivyak. 13:42, 43; 17:34). No muri iki gihe nyene, tuzorushiriza kuroranirwa mu busuku turangura nitwarondera ikintu duhurizako n’abatwumviriza tukongera tugahindura uburyo dukoresha twisunze kahise kabo be n’ivyiyumviro vyabo.