Tube abasuku bagira ivyo bahinduye kandi bahuza n’uko ibintu vyifashe
“Kuri bose nabaye vyose kugira ngo nkirishe bamwe-bamwe uburyo bgose”.—1 Ab’i korinto 9:22.
1, 2. (a) Ni mu buryo butari bumwe ubuhe intumwa Paulo yari umusuku kirumara? (b) Paulo yadondoye gute ukuntu ubwiwe yabona igikorwa yari yarashinzwe?
UWO mugabo yarumva yisanze igihe yaba ari kumwe n’abantu bize cane kandi bateye imbere be n’igihe yaba ari kumwe n’abantu baciye bugufi bajisha amahema. Yarashwiruye abanyacubahiro b’Abaroma be n’abanyagihugu batobato b’i Furugiya. Ivyo yanditse vyarakora ku mutima Abagiriki batumira ku vyiyumviro vyabo n’Abayuda bumira ku migenzo yabo no ku vyo bemera. Uburyo bwiwe bwo kuzirikana bwari ntaharirizwa kandi yarakora ku mutima abantu mu buryo bukomeye. Yaragerageza kuraba ivyo ahurizako n’abantu bose kugira ashobore gutuma bamwebamwe bizera Kirisitu.—Ivyakozwe n’intumwa 20:21.
2 Uwo mugabo twariko turavuga yari intumwa Paulo. Ata gukeka, yari umusuku kirumara kandi yemera kugira ivyo ahinduye (1 Timoteyo 1:12). Yashinzwe na Yezu igikorwa co ‘kujana izina [rya Kirisitu] imbere y’abanyamahanga n’abami n’Abisirayeli’ (Ivyakozwe n’intumwa 9:15). None yabona gute ico gikorwa yari yarashinzwe? Yavuze ati: “Kuri bose nabaye vyose kugira ngo nkirishe bamwe-bamwe uburyo bgose. Kand’ivyo vyose mbikora kubg’ubutumwa bgiza, kugira ngo mfatanye n’abandi muri bgo” (1 Ab’i Korinto 9:19-23). Ni igiki dushobora kwigira ku karorero ka Paulo codufasha kurushiriza kuba kirumara mu gikorwa cacu co kwamamaza no kwigisha?
Umugabo yari yarahindutse yaratsinze urugamba
3. Imbere y’uko Paulo ahinduka, yabona gute abakirisu?
3 Paulo yoba yahora ari umuntu yihangana, yiyumvira abandi kandi abereye igikorwa yashinzwe? Habe namba! Ishaka rirenze urugero mu vy’idini ryari ryaratumye Sauli (ukwo kukaba ari ko Paulo yahora yitwa) ahama bunyamaswa abayoboke ba Kirisitu. Akiri umusore, yarashigikiye iyicwa rya Sitefano. Inyuma y’aho, Paulo yarahize buhongo abakirisu (Ivyakozwe n’intumwa 7:58; 8:1, 3; 1 Timoteyo 1:13). Yarabandanije gupfuhagira “afitiye abigishwa b’Umwami imihigo n’ubgicanyi”. Erega ntiyagarukirije gusa ku guhiga abakirisu i Yeruzalemu. Yaratanguye no gukwiragiza ibikorwa vyiwe vyuzuye urwanko gushika kure cane mu Buraruko i Damasiko.—Ivyakozwe n’intumwa 9:1, 2.
4. Ni ibiki Paulo yabwirijwe guhindura kugira arangure igikorwa yari ashinzwe?
4 Urwanko runuka Paulo yari afitiye ubukirisu rushobora kuba rwavana n’uko yabona ko bwari guhava bwonona idini y’Abayuda mu kuyivanga n’ivyiyumviro bibi kandi vy’ivyaduka. Nakare, Paulo yahora ari “Umufarizayo”, iryo zina ubwaryo rikaba risobanura ngo “uwitandukanije” (Ivyakozwe n’intumwa 23:6). Iyumvire ukuntu Paulo ategerezwa kuba yarakubiswe n’inkuba aho amenyeye ko Imana yari yaramutoranije ngo yamamaze Kirisitu. Mbega urazi abo yamurungitseko? Ku banyamahanga wa muntu we (Ivyakozwe n’intumwa 22:14, 15; 26:16-18)! Kanatsinda, Abafarizayo ntibageza no gusangira n’abo babona ko ari abanyavyaha (Luka 7:36-39)! Uca ubona ko vyamusavye kugira akigoro gakomeye kugira ngo arimbure uburyo yabona ibintu maze abuhuze n’ivyo Imana igomba, ikaba igomba ko abantu b’uburyo bwose bakizwa.—Ab’i Galatiya 1:13-17.
5. Dushobora gute kwigana Paulo mu busuku bwacu?
5 Hari aho vyoba ngombwa ko tugira nk’ukwo nyene. Uko duhura n’abantu barushiriza kuba abatandukanye mu cibare cacu kirimwo abantu bo mu bihugu vyinshi kandi bavuga indimi zitari zimwe, turakenera kugira akigoro kavuye ku mutima ko gusuzuma inyifato yacu hanyuma tukarandurana n’imizi umwikeko uwo ari wose woba uturimwo (Abanyefeso 4:22-24). Twaba tubizi canke tutabizi, aho twakuriye be n’indero twaronse biragira ico bidukozeko. Ivyo birashobora gutuma tuba abantu bari n’aho bahengamiye, binuba abandi kandi badakurwa kw’ijambo, mu buryo tubona ibintu no mu nyifato tugira. Niba twipfuza kuroranirwa mu vy’ukurondera abameze nk’intama no kubafasha, dutegerezwa gutsinda udutima nk’utwo (Abaroma 15:7). Ivyo ni vyo Paulo yagize. Yaremeye igikorwa kitari coroshe co kwagura ubusuku bwiwe. Bivuye ku rukundo, yaratsimbataje ubuhanga bwo kwigisha dukwiye kwigana. Kukaba nkako, twihweje ubusuku iyo “ntumwa ku banyamahanga” yaranguye, turabona ko yari umuntu yitaho ivy’abamwumviriza, ahuza n’uko ibintu vyifashe, kandi akerebutse, mu kwamamaza no mu kwigishaa.—Abaroma 11:13.
Ingene Paulo yahuza n’uko ibintu vyifashe
6. Paulo yerekanye gute ko yari umuntu yitaho ivyo abamwumviriza bamenyereye, kandi ivyo vyavuyemwo iki?
6 Paulo yari umuntu yitaho ivyo abamwumviriza bemera be n’ivyo bamenyereye. Igihe yariko abwira Umwami Agiripa wa kabiri, yariyemereye yuko uwo mwami yari “[a]zi imigenzo n’impāri vyo mu Bayuda vyose”. Maze Paulo abigiranye ubuhanga, yaciye akoresha ivyo yari asanzwe azi ku vyo Agiripa yemera hanyuma aca aganira na we ku bintu uwo mwami yatahura neza. Ivyiyumviro bitomoye kandi bijijura Paulo yashikirije vyatumye Agiripa avuga ati: “Mu kanya gatoyi wonshwirura ngacika Umukirisu”.—Ivyakozwe n’intumwa 26:2, 3, 27, 28, NW.
7. Paulo yerekanye gute ko ari umuntu ahuza n’uko ibintu vyifashe igihe yariko yamamaza ku masinzi y’abantu i Lusitira?
7 N’ikindi kandi, Paulo yari umuntu ahuza n’uko ibintu vyifashe. Raba ukuntu yavyifashemwo mu bundi buryo igihe yariko agerageza gushwirura amasinzi y’abantu mu gisagara c’i Lusitira abereka ko badakwiye kumusenga no gusenga Barunaba nk’imana. Bivugwa yuko abo bantu bavuga ikinyalukawoniya bari mu banyagihugu bize amashure make cane kandi bemera cane ibintazi. Nk’uko mu Vyakozwe n’intumwa 14:14-18 havyerekana, kugira Paulo atange ikimenyamenya c’ubukuru bwa ya Mana y’ukuri, yarerekeje ku vyaremwe no ku bintu umuyoro vyo mu bidukikije. Ivyiyumviro yabashikirije vyari vyoroshe gukurikira, kandi biboneka yuko ‘vyabujije iryo shengero gucumitira ikimazi’ Paulo na Barunaba.
8. Paulo yerekanye gute ko yari umuntu ahuza n’uko ibintu vyifashe, naho kacamwo akababara?
8 Ego ni ko, Paulo ntiyari umuntu atunganye, kandi karacamwo akababazwa n’ibintu binaka. Nk’akarorero, igihe yagirirwa ikintu co kumusuzuguza kandi ata kibi kimwagira, yaciye akankamira Umuyuda yitwa Ananiya. Ariko igihe Paulo yabwirwa ko yari yatutse umuherezi mukuru atabizi, yaciye buno nyene asaba imbabazi (Ivyakozwe n’intumwa 23:1-5). I Atenayi, Paulo yaciye “yumva ababaye aho aboneye basenga ibigereranyo vyinshi muri [ico] gisagara” (UB). Yamara, mu nsiguro yashikirije ku Musozi wa Mars, ntiyaseruye mwene uwo mubabaro. Ahubwo riho, yarashikirije insiguro Abanyatenayi ari mu kibanza bakunda guhuriramwo, yubakira ku bintu yahurizako na bo mu kuvuga ivy’igicaniro cari canditsweko ngo “Ic’Imana itazwi” no mu gusubiramwo amajambo yavuzwe n’umwe mu baryoshamvugo babo.—Ivyakozwe n’intumwa 17:16-28.
9. Paulo yarerekanye gute ko akerebutse bimwe bidasanzwe mu kuntu yavyifatamwo mu kuyaga n’abantu batandukanye?
9 Paulo yarerekanye ko akerebutse bimwe bidasanzwe mu kuntu yavyifatamwo mu kuyaga n’abantu batandukanye. Ntiyirengagiza imico kama y’abamwumviriza be n’aho baba, ivyo bikaba ari ibintu vyagira akosho ku vyiyumviro vyabo. Igihe yandikira abakirisu b’i Roma, yari azi neza ko baba ku mugwa mukuru w’igihugu cari gifise ububasha kurusha ibindi vyose ico gihe. Iciyumviro nyamukuru kimwe co mw’ikete Paulo yandikiye abakirisu b’i Roma cari ic’uko ububasha icaha ca Adamu gifise bwo kwonona buneshwa n’ububasha Kirisitu afise bwo gucungura. Yabwiye abakirisu b’i Roma be n’abari babakikije akoresheje imvugo yotumye bakorwa ku mutima.—Abaroma 1:4; 5:14, 15.
10, 11. Paulo yahuza gute ibigereranyo vyiwe n’abamwumviriza (Raba kandi akajambo k’epfo.)?
10 Paulo yakora iki igihe yaba ashaka gusigurira abamwumviriza ukuri kwimbitse kwo muri Bibiliya? Iyo ntumwa yari umuntu w’umuhanga mu vyo gukoresha ibigereranyo bimenyerewe kandi vyoroshe gutahura kugira atomore ivyiyumviro vyo mu Vyanditswe bigoye gutahura. Nk’akarorero, Paulo yari azi ko abantu b’i Roma bari basanzwe bamenyereye ibijanye n’ubugurano vyagirwa hose mu Nganji y’Abaroma. Kanatsinda, benshi mu bo yandikiye bashobora kuba bari abagurano. Paulo yaciye akoresha ikigereranyo c’ubugurano kugira ashigikire ivyiyumviro bikomeye yashikirije ku bijanye n’ihitamwo umuntu agira ryo kuyobokera icaha canke kuyobokera ubugororotsi.—Abaroma 6:16-20.
11 Igitabu kimwe kivuga giti: “Mu Baroma, uwaba afise umugurano yarashobora kumurekura ata co arinze gusaba, canke na ho nya mugurano akicungura mu kuriha shebuja. Umugurano yarashobora kandi kuronka umwidegemvyo mu gihe shebuja yaba ahindutse, uwo mugurano akaba umugurano w’imana yinaka”. Umugurano yaba yarahawe umwidegemvyo yarashobora kubandanya gukorera shebuja, akorera umushahara. Biboneka ko Paulo yariko yerekeza kuri ico kintu igihe yandika ibijanye n’ihitamwo umuntu agira rya shebuja yogamburukira, hagati y’icaha n’ukugororoka. Abakirisu b’i Roma bari barabohowe mu caha, ico gihe bakaba bari ab’Imana. Bari bafise umwidegemvyo wo gukorera Imana, yamara mu gihe boramutse babishatse, vyari bigishoboka ko bahitamwo gukorera icaha, ari na co cahora ari shebuja wabo. Ico kigereranyo coroshe ariko kimenyerewe cari gutuma abo bakirisu b’i Roma bibaza bati: ‘Ndiko nkorera databuja uwuhe?’b.
Ivyigwa twigira ku karorero ka Paulo
12, 13. (a) Ni akigoro akahe dukeneye kugira muri iki gihe kugira ngo dukore ku mutima abatwumviriza batari bamwe? (b) Ni ibiki wasanze bifasha cane igihe wamamaza ku bantu mutakuriye mu bintu bimwe?
12 Cokimwe na Paulo, dutegerezwa kuba abantu bitaho ivy’abatwumviriza, bahuza n’uko ibintu vyifashe, kandi bakerebutse kugira dushikire imitima y’abantu batari bamwe batwumviriza. Kugira dufashe abatwumviriza gutahura inkuru nziza, turipfuza gukora n’ibindi uretse gusa ukubagendera vyo guheza umwuga, kubashikiriza ubutumwa twafashe ku mutwe, canke kubasigira ibitabu binaka bishingiye kuri Bibiliya. Turihatira kubona ivyo bakeneye be n’ibibaraje ishinga, ivyo bakunda n’ivyo badakunda, ibibahagaritse umutima be n’umwikeko bafise. Naho ivyo bisaba ukwiyumvira cane be n’akigoro kanini, abamamaji b’Ubwami bo hirya no hino kw’isi bariko babikorana ishaka. Nk’akarorero, ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Hongiriya bivuga biti: “Abavukanyi barubahiriza imico kama be n’uburyo bwo kubaho vy’abantu baturuka mu bindi bihugu kandi ntibitega ko abo bantu bategerezwa vyanse bikunze guhuza n’imico kama yo ng’aha”. Ivyabona bo mu yindi mihingo na bo nyene barihatira kugira nk’ukwo nyene.
13 Mu gihugu kimwe co muri Aziya yo mu Buseruko, abantu benshi usanga barajwe ishinga n’ivy’amagara, ivy’uguha indero abana, be n’ivy’amashure. Abamamaji b’Ubwami baho baragerageza gushimika kuri ivyo bintu aho kuyaga ku bindi bintu, nk’akarorero ukuntu ivyo kw’isi bitera bidabuka canke ingorane zisobanganye zo mu kibano. Muri ubwo buryo nyene, abamamaji bo mu gisagara kimwe kinini co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika barabonye ko abantu bo mu kibano kimwe co mu cibare bakebewe barajwe ishinga n’ivy’ibiturire, uruja n’uruza rwinshi mu mabarabara, be n’ubugizi bwa nabi. Ivyo Vyabona baca bafatira kuri ivyo bintu mu gutanguza ibiyago bishingiye kuri Bibiliya maze bikagenda neza. Abigisha b’ivya Bibiliya bavyifatamwo neza bararaba neza yuko mu vyo bahitamwo vyose kuyaga n’abantu, baguma ari abantu babona ibintu mu buryo bwiza kandi baremesha, mu gushimika ku gaciro ngirakimazi ko gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ubu, bakongera bagashimika ku cizigiro giteye akamwemwe Imana itanga cerekeye kazoza.—Yesaya 48:17, 18; 52:7.
14. Dondora uburyo butari bumwe dushobora kuyaga n’abantu dukurikije ivyo bakeneye be n’uko ivyabo vyifashe.
14 Ni ngirakamaro kandi yuko tuza turahindagura uburyo tuyaga n’abantu mu busuku, kubera ko abantu usanga batandukanye rwose mu mico kama, mu vy’amashure bize, no mu vy’amadini bakuriyemwo. Abantu bemera Umuremyi mugabo bakaba batemera Bibiliya, ntitwobayagisha cokimwe n’abantu batemera ko Imana ibaho. Umuntu abona yuko ibitabu vyose bijanye n’ivy’idini ari igikoresho co gukwiragiza gusa ivyiyumviro binaka ntitwomuyagisha cokimwe n’umuntu yemera ivyo Bibiliya yigisha. Turakeneye kuba abantu bahuza n’uko ibintu vyifashe igihe tuyaga n’abantu bize amashure atandukanye cane. Abigisha b’abahanga bazokoresha uburyo bwo kuzirikana be n’uburorero bihuye n’uko ibintu vyifashe.—1 Yohana 5:20.
Gufasha abasuku bashasha
15, 16. Ni kubera iki bikenewe ko abasuku bashasha bamenyerezwa?
15 Paulo ntiyitaho gusa kuryohora uburyo bwiwe bwo kwigisha. Yarabona kandi ko akeneye kumenyereza no gutegura abo akurira, nka Timoteyo na Tito, kugira babe abasuku kirumara (2 Timoteyo 2:2; 3:10, 14; Tito 1:4). No muri iki gihe, kumenyereza no kumenyerezwa birakenewe bimwe vyihutirwa.
16 Mu 1914, kw’isi yose hari nk’abamamaji b’Ubwami 5.000; muri iki gihe, ku ndwi ku ndwi habatizwa nk’abashasha 5.000 (Yesaya 54:2, 3; Ivyakozwe n’intumwa 11:21)! Iyo abashasha batanguye kwifatanya n’ishengero rya gikirisu maze bakipfuza kugira uruhara mu busuku, barakenera kumenyerezwa no kuyoborwa (Ab’i Galatiya 6:6). Mu kwigisha no mu kumenyereza abigishwa, birahambaye ko dukoresha bwa buryo Databuja Yezu yakoreshac.
17, 18. Dushobora gute gufasha abashasha gushira umutima mu nda igihe bari mu busuku?
17 Yezu ntiyapfuye kubona amasinzi y’abantu ngo ace abwira intumwa ziwe ngo batangure kubaganiriza. Yabanje kubereka igituma igikorwa co kwamamaza gikenewe, hanyuma abaremesha kuguma batura amasengesho ku bijanye n’ico gikorwa. Ubukurikira yarashizeho intunganyo nyamukuru zitatu zo kubafasha: umwe wese yaramuhaye uwo bajana, abaha icibare bakoreramwo, be n’ubutumwa baja kwamamaza (Matayo 9:35-38; 10:5-7; Mariko 6:7; Luka 9:2, 6). Na twebwe turashobora kugira nk’ukwo nyene. Igihe turiko turafasha umwana wacu, umutohoji wa Bibiliya mushasha, canke uwundi muntu amaze igihe ataja mu gikorwa co kwamamaza, birabereye ko tugira akigoro ko kubamenyereza muri ubwo buryo.
18 Abashasha barakeneye gufashwa cane kugira ngo bashikirize ubutumwa bw’Ubwami umutima uri mu nda. Woba ushobora kubafasha gutegura no kwimenyereza uburyo bwo gushikiriza ubutumwa bworoshe kandi bukwegera? Muri mu ndimiro, bereke ingene bobigenza mu gushikiriza ubutumwa ku nzu nkeyi za mbere. Ushobora kugira nka kumwe kwa Gideyoni, we yabwiye abo bari bafatanije urugamba ati: “Muje kundābirako: uko nja gukora abe ari ko mukora” (Abacamanza 7:17). Nuce rero uha uwo mwamamaji mushasha akaryo ko kugira uruhara. Nukeze abashasha ubigiranye igishika ku bw’utwigoro bagira, kandi igihe bibereye ubagire inama ngufi z’ukuntu boryohora.
19. Ni umwiyemezo uwuhe ufise uko wihatira ‘kurangura bimwe bishitse ubusuku bwawe’?
19 Kugira ‘turangure bimwe bishitse ubusuku bwacu’, turafise umwiyemezo wo kurushiriza guhuza n’uko ibintu vyifashe mu buryo tuyaga n’abantu, kandi dushaka kumenyereza abasuku bashasha kugira nk’ukwo nyene. Iyo turimbuye ukuntu ihangiro dufise ryo kwigisha abantu bwa bumenyi bwerekeye Imana bushikana ku bukiriro rihambaye, duca tubona neza ko dukeneye kugira akigoro kose gashoboka ngo ‘kuri bose tube vyose, kugira ngo dukirishe bamwebamwe uburyo bwose’.—2 Timoteyo 4:5, NW; 1 Ab’i Korinto 9:22.
[Utujambo tw’epfo]
a Ushaka uturorero twerekana mwene izo kamere Paulo yagaragaza mu busuku bwiwe, rimbura Ivyakozwe n’intumwa 13:9, 16-42; 17:2-4; 18:1-4; 19:11-20; 20:34; Abaroma 10:11-15; 2 Ab’i Korinto 6:11-13.
b Mu buryo nk’ubwo, igihe Paulo yariko asigura ubucuti bushasha buri hagati y’Imana n’“abana” bayo basizwe impwemu, yakoresheje ikintu cari gisanzwe cemewe n’amategeko cari kimenyerewe cane n’abantu bo mu Nganji y’Abaroma bosomye ikete ryiwe (Abaroma 8:14-17). Igitabu Paulo mweranda i Roma (mu congereza) kivuga giti: “Ivy’ukurera abana b’uwundi ahanini cari ikintu Abaroma bari basanzwe bagira, kandi ivyo vyari bijanye cane n’ukuntu Abaroma babona ivy’umuryango”.
c Ubu, ya Porogarama y’abatsimvyi bafasha abandi iriho mu mashengero yose y’Ivyabona vya Yehova. Muri iyo porogarama, abasuku b’igihe cose bazi utuntu n’utundi kandi bamenyerejwe barakoreshwa mu gusahiriza abamamaji bataraca uruma.
Woba uvyibuka?
• Ni mu buryo butari bumwe ubuhe dushobora kwigana Paulo mu busuku turangura?
• Ni ibiki twokenera guhindura mu kuntu tubona ibintu?
• Dushobora gute gutuma ubutumwa dushikiriza buguma ari uburemesha?
• Abasuku bashasha bakeneye iki kugira ngo babe abantu bashira umutima mu nda?
[Iciyumviro ku rup. 29]
Intumwa Paulo yari umuntu yitaho ivy’abamwumviriza, ahuza n’uko ibintu vyifashe, kandi akerebutse, mu kwamamaza no mu kwigisha
[Iciyumviro ku rup. 31]
Yezu yarashiriyeho abigishwa biwe intunganyo nyamukuru zitatu zo kubafasha: umwe wese yaramuhaye uwo bajana, abaha icibare bakoreramwo, be n’ubutumwa baja kwamamaza
[Ifoto ku rup. 28]
Paulo yarashoboye kuyaga n’abantu batari bamwe bamwumviriza mu kuba umuntu ahuza n’uko ibintu vyifashe
[Ifoto ku rup. 30]
Abasuku kirumara bararimbura imico y’ababumviriza
[Ifoto ku rup. 31]
Abasuku baguma bagira ivyo bahinduye barafasha abashasha kwitegurira ubusuku