Nidufashe abandi kwungukira ku ncungu Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu kizohimbazwa ku wa 12 Ndamukiza
1. Ni uburyo bumwe ubuhe abasavyi b’Imana berekanamwo ko bakenguruka incungu?
1 “Imana ishimirwe ingabire yayo nziza itovugwa” (2 Kor. 9:15). Ayo majambo arerekana neza ukuntu twumva tumerewe ku bijanye n’ukumera neza kw’Imana be n’ubuntu-mvarukundo igaragariza abasavyi bayo biciye ku Mwana wayo Yezu Kirisitu. Ugukenguruka nk’ukwo tuzokugaragaza canecane mu gukoranira hamwe ku wa 12 Ndamukiza kugira duhimbaze Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu.
2. Ni bande bifadikanya n’abasavyi ba Yehova mu kwitaba ihimbaza ry’Icibutso, kandi bakeneye gukora iki kugira ngo bungukire ku ncungu?
2 Hariho abandi bantu nk’imiliyoni cumi bitaba ihimbaza ry’Icibutso ku mwaka ku mwaka bifadikanije n’abasavyi ba Yehova. Mu kubigira gutyo, baba berekanye ukuntu bakenguruka inkuka ya Kirisitu. Ariko rero, kugira ngo bungukire kuri iyo ncungu, barakeneye kuyizera (Yoh. 3:16, 36). Dushobora gute kubafasha ngo bagire ukwo kwizera? Muri iki kiringo c’Icibutso, turashobora kuremesha umwumwe wese kugirirwa inyigisho ya Bibiliya no kwitaba amakoraniro y’ishengero agirwa ku ndwi ku ndwi. Rimbura ibi bintu bikurikira vyerekana ingene twobigenza.
3. Dushobora gute gutanguza inyigisho ya Bibiliya igihe dutumira abantu kwitaba Icibutso?
3 Inyigisho za Bibiliya: Igihe utumira uwashimishijwe kwitaba Icibutso, ni kubera iki utogerageza gutangura kwigana na we Bibiliya mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha? Nusabe uwo muntu ko womusigurira ivyerekeye ihimbazwa ry’Icibutso, ubigire mu kuzingurura ico gitabu ku rupapuro rwa 206-208 no mu kurimburira hamwe kirya kiganiro kivuga ngo “Ihimbaza ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba riha Imana icubahiro”. Murashobora kurimbura ayo mayagwa yose igihe umugendeye canke na ho mukayamarira usubiyeyo, ivyo ukaba ushobora kubigira mu buryo bw’inyigisho ya Bibiliya igirwa muhagaze imbere y’umuryango. Mu gihe muhejeje ayo mayagwa, uwo muntu yoshobora kwemera ko muganira ku kigabane ca 5 kivuga ngo “Incungu ni ingabirano Imana yatanze iruta izindi zose”. Inyigisho ya Bibiliya idahorereza imaze gutangura nya gutangura, nimusubire inyuma maze murimbure birya bigabane bine vya mbere vy’ico gitabu.
4. Ni bande dushobora gusaba ko twotangura kwigana Bibiliya muri iki kiringo c’Icibutso?
4 Ni bande twotangura kwigana Bibiliya dukoresheje ubwo buryo? Kumbure bamwebamwe mu bo dukorana, mu bo twigana, canke mu babanyi bacu boshobora kwemera ko muganira. Vyoba vyiza abavukanyi begereye abanega batizera b’abavukanyikazi bacu. Vyongeye ntitwibagire incuti zacu zitari Ivyabona. Ni ikindi kandi, tuzoshima kugira akigoro kadasanzwe ko gutumira ku Cibutso abigeze kwifatanya n’ishengero babigiranye umwete (Luka 15:3-7). Nimuze tugerageze gufasha abo bantu bose kugira bungukire ku ncungu.
5. Dushobora gute kuremesha abatohoji ba Bibiliya be n’abandi bashimishijwe kwitaba amakoraniro y’ishengero agirwa ku ndwi ku ndwi?
5 Amakoraniro y’ishengero: Icibutso ni ryo koraniro rya mbere ryitabwa n’abantu benshi bariko batohoza Bibiliya be n’abandi bantu bashimishijwe. Ariko none, dushobora gute kubaremesha kwungukira ku yandi makoraniro y’ishengero tugira? Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ndamukiza 2005, ku rupapuro rwa 8, catugiriye inama zikurikira: “Nuvuge umutwe-shimikiro w’insiguro izoshikirizwa ubutaha. Bereke amayagwa azorimburwa mu Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi no mu Nyigisho y’igitabu y’ishengero. Basigurire Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi be n’Ikoraniro ry’umurimo. Igihe ufise ikiganiro uzoshikiriza mw’ishure, woshobora kumbure kugisubiramwo uri kumwe na bo. Babwire ivyiyumviro nyamukuru vyashikirijwe mu makoraniro. Koresha amashusho ari mu bitabu vyacu kugira ubafashe kumera nk’ababona mu bwenge ingene bigenda. Mugitangura kwiga ari bwo bwa mbere, batumire ku makoraniro”.
6. Ni mu buryo bubiri ubuhe dushobora gufasha abantu b’umutima nziraburyarya kwungukira ku ncungu?
6 Igihe abantu b’umutima nziraburyarya bagiriwe inyigisho ya Bibiliya idahorereza bakongera bakitaba amakoraniro y’ishengero badahorereza, akenshi baratera imbere n’ingoga mu vy’impwemu. Ku bw’ivyo rero, nimuze turemeshe abandi kwungukira ku ntunganyo zo mu buryo bw’impwemu zishirwaho be no kuri ya ngabirano Imana yatanze iruta izindi zose, ni ukuvuga incungu.