Twerekane ko dukenguruka
Tuzohimbaza Icibutso ku wa 17 Ndamukiza
1. Ni agatima akahe k’umwanditsi w’amazaburi bibereye ko tugaragaza na canecane mu kiringo c’Icibutso?
1 Umwanditsi w’amazaburi yarakozwe ku mutima n’ibikorwa vyinshi Yehova yakoze mu kumugaragariza imbabazi no mu kumurokora, aca abaza ati: “Nzokwishura iki Yehova ku vyiza vyose angirira?” (Zab. 116:12) Muri kino gihe, abasavyi b’Imana bari n’imvo nyinshi kuruta izo zotuma bakenguruka. Inyuma y’ibinjana n’ibindi ayo majambo yahumetswe yanditswe, Yehova yarahaye umuryango w’abantu ingabirano iruta izindi zose ari yo ncungu. Uko twitegurira kuzohimbaza urupfu rwa Kristu ku wa 17 Ndamukiza, turi n’imvo zumvikana zo kwerekana ko dushima.—Kol. 3:15.
2. Ni imvo zimwezimwe izihe zituma dukenguruka incungu?
2 Imihezagiro iva ku ncungu: Biciye ku ncungu, turaronka “ukubabarirwa ibicumuro vyacu.” (Kol. 1:13, 14) Ivyo bituma dusenga Yehova dufise ijwi ryo mu mutima ridahumanye. (Heb. 9:13, 14) Turashobora kuyagira Yehova dufise umwidegemvyo wo kuvuga igihe tumwiyegereza mw’isengesho. (Heb. 4:14-16) Abizera incungu baragira icizigiro gikomeye c’ubuzima budahera.—Yoh. 3:16.
3. Twokwerekana gute ko dukengurukira Yehova ku bw’incungu?
3 Tugaragaze ko dukenguruka: Uburyo bumwe twogaragaza ko dukenguruka cane ni mu gusoma ibice vya Bibiliya bijanye n’Icibutso ku musi ku musi tukongera tukabizirikanako. Ikiganiro co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma 2011 gifise umutwe uvuga ngo “Woba witeguriye umusi uhambaye kuruta iyindi yose mu mwaka?” catunganijwe kugira kidufashe kubigira. Tubicishije mw’isengesho rivuye ku mutima, turashobora kandi kubwira Yehova ukuntu duha agaciro cane iyo ncungu. (1 Tes. 5:17, 18) Kwitaba Icibutso mu kugamburuka itegeko rya Yezu birerekana ko dushima. (1 Kor. 11:24, 25) Vyongeye, turashobora kwigana akarorero k’urukundo rwinshi rwa Yehova mu gutumira benshi bashoboka ngo baze bifatanye natwe ku Cibutso.—Yes. 55:1-3.
4. Umwiyemezo wacu ukwiye kuba uwuhe?
4 Abasavyi ba Yehova bakenguruka ntibabona ko Icibutso ari ikoraniro risanzwe. Ni ryo koraniro rihambaye kuruta ayandi yose mu mwaka! Uko Icibutso cegereza, ese twokwiyemeza kuba nka wa mwanditsi w’amazaburi yanditse ati: “Mutima wanje, hezagira Yehova, kandi ntiwibagire ibikorwa vyiwe vyose.”—Zab. 103:2.