Tugaragaze ko dukenguruka ingabirano ihambaye kuruta izindi zose Imana yatanze
1. Ni kubera iki dukengurukira Yehova bimwe bidasanzwe?
1 Mu ‘ngabirano nziza’ nyinshi Yehova yatanze, incungu yatanzwe n’Umwana wiwe mukundwa ni yo ihambaye kuruta izindi zose. (Yak. 1:17) Ituma bishoboka ko turonka ivyiza vyinshi, harimwo no guharirwa ivyaha vyacu. (Ef. 1:7) Ku bw’iyo mpamvu, dukwiye kwama dukenguruka. Mu kiringo c’Icibutso, turafata umwanya mu buryo budasanzwe kugira ngo tuzirikane kuri iyo ngabirano y’agaciro.
2. Dushobora gute kurushiriza gukenguruka incungu uko tugize umuryango be no ku giti cacu?
2 Turushirize gukenguruka: Kugira ngo umuryango wawe urushirize gukenguruka, mubona gute mu ndwi z’imbere y’Icibutso kizoba ku wa 30 Ntwarante, mukoresheje umwanya wo ku mugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango kugira ngo musubiremwo amakuru yerekeye incungu? N’ikindi kandi, nimurimbure urutonde rudasanzwe rw’ugusoma Bibiliya kw’Icibutso ku musi ku musi uko mugize umuryango. Nuzirikane ku giti cawe ku kuntu incungu yakugiriye akamaro be no ku kuntu yagize ico ikoze ku buryo ubona Yehova, ku buryo wibona wewe ubwawe, ku buryo ubona abandi be no ku buryo ubona ivyerekeye kazoza. Muzosanga kandi bibagiriye akamaro kwimenyereza kuririmba za ndirimbo zibiri zizokoreshwa ku Cibutso, izo na zo zikaba ari urwa 87 n’urwa 105.—Zab. 77:12.
3. Twoshobora gute kugaragaza ko dukenguruka?
3 Tugaragaze ugukenguruka: Gukenguruka incungu biratuvyurira umutima wo kubwira abandi ivyerekeye Yehova be n’urukundo rukomeye yagaragaje mu kurungika Umwana wiwe. (Zab. 145:2-7) Muri Ntwarante, Ndamukiza na Rusama, imiryango imwimwe iragaragaza ugukenguruka mu gutunganya ivy’uko n’imiburiburi umwe mu bagize umuryango akora ubutsimvyi bwo gufasha. Nimba ivyo bidashoboka, ubona gute ‘wicunguriye umwanya’ kugira ngo wongereze uruhara ugira mu busuku? (Ef. 5:16) Ugukenguruka kuzotuvyurira kandi umutima wo gufasha abandi kugira ngo bifatanye natwe mu kwitaba Icibutso. (Ivyah. 22:17) Nutangure kugira urutonde rw’abo uzosubira kugendera, abo mwigana Bibiliya, incuti, abo mukorana be n’ababanyi uzotumira, maze uce ugira uruhara bimwe vyuzuye mw’isekeza ridasanzwe ryo gutanga Ubutumire bw’Icibutso.
4. Ni mu buryo butandukanye ubuhe twoshobora gukoresha ikiringo c’Icibutso mu buryo buranga ubukerebutsi?
4 Ikiringo c’Icibutso kiratuma haboneka utundi turyo two kwereka Yehova ukuntu dukenguruka rwose ingabirano yahaye umuryango w’abantu. Ese twokoresha uwo mwanya mu kurushiriza gukenguruka iyo ncungu be n’ “ubutunzi budashobora kugerwa bwa Kristu” kandi tukagaragaza ukwo gukenguruka!—Ef. 3:8.