Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 15 Ntwarante
INDWI ITANGURA KU WA 15 NTWARANTE
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
□ Ishure ry’Ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 5-9
No. 1: 1 Samweli 6:1-9
No. 2: Ni ibintu ibihe vyodufasha kwikingira Shetani n’amadayimoni yiwe?
No. 3: Umwana ntangana na Data (td 27B)
□ Ikoraniro ry’Umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 15: “Woba witeguriye guhangana n’ingorane z’ivy’ubuvuzi zotuma ukwizera kwawe kugeragezwa?” Insiguro be n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku mayagwa ari mu nyongera ing. 1-19.
Imin. 15: “Igikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose.” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Mumaze kurimbura ingingo ya 3, nubaze ibibazo umwamamaji amaze kuronka agateka ko kuyobora inyigisho itera imbere. Ni amahinduka ayahe vyabaye ngombwa ko uwo mutohoji wa Bibiliya agira? Ivyo vyagize ico bikoze gute kuri uwo mwamamaji?