ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/10 rup. 2
  • Igikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ivyo bijanye
  • Woba wofasha mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Niwamamaze inkuru nziza n’umwete nka Yezu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Dutegerezwa kuguma dufise umwete mu busuku
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Tumenyekanishe izina ry’Imana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2010
km 3/10 rup. 2

Igikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose

1. Kuba duha agaciro cane ubusuku bizodusunikira kugira ibintu ibihe duhevye?

1 Ni kubera iki twama turemeshwa guhebera ubusuku umwanya wacu, inguvu zacu be n’ubutunzi bwacu? Ni kubera yuko ata kindi gikorwa gihambaye kuruta ubusuku! Nitwazirikana ku bintu bikomeye biva muri ico gikorwa kitazokwigera gisubirwamwo, bizotuma icipfuzo dufise co kukigiramwo uruhara congerekana.—Ibik. 20:24.

2. Ni gute igikorwa turangura co kwamamaza gituma izina rihambaye rya Yehova ryezwa?

2 Kiratuma izina rya Yehova ryezwa: Igikorwa co kwamamaza kirashimika ku vy’uko Ubwami bwa Yehova burongowe na Kristu Yezu buzosubirira intwaro zose z’abantu maze butorere umuti ingorane zose zihanze abantu. (Mat. 6:9, 10) Yehova araninahazwa kubera ko ari we wenyene ashoboye kudutabara indwara n’urupfu. (Yes. 25:8; 33:24) Kubera yuko twitirirwa izina ryiwe, abandi bantu bitegereza ingeso zacu nziza be n’umwete wacu boshobora kumuninahaza. (1 Pet. 2:12) Ese ukuntu bitumara akanyota kumenyesha hirya no hino kw’isi izina ry’Umukama Segaba Yehova!—Zab. 83:18.

3. Ni imihezagiro iyihe abakira neza ubutumwa bw’Ubwami baronka?

3 Kirarokora ubuzima: Yehova “[nta]shaka yuko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo ashaka ko bose bashikira ukwigaya.” (2 Pet. 3:9) Yamara none, abantu bopfa bamenye gute inyifato Yehova abona ko ibereye canke itabereye atawubigishije? (Yona 4:11; Rom. 10:13-15) Igihe abantu bakiriye neza inkuru nziza, ubuzima bwabo burarushiriza kumera neza igihe bahevye imigenzo mibi. (Mika 4:1-4) N’ikindi kandi, baragira icizigiro giteye umunezero co kuzobaho ibihe bidahera. Igihe twamamaza tukongera tukigisha n’umwete, biraturokora kandi bikarokora abatwumviriza. (1 Tim. 4:16) Mbega uruhara ruteye iteka rikomeye turangura muri ico gikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose!

4. Ni kubera iki dukwiye kugira uruhara n’umwete muri ca gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa?

4 Vuba ya makuba akomeye agiye gutuma iyi si itagororotse irangira giturumbuka. Abari ku ruhande rwa Yehova bazorokoka. Ku bw’ivyo, kwamamaza no guhindura abantu abigishwa ni co gikorwa cihutirwa, gihambaye kandi ngirakamaro kuruta ibindi vyose biriko birakorwa muri iki gihe. Nimuze tugishire mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu!—Mat. 6:33.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika