Twibuke incungu tubigiranye ugukenguruka
1, 2. Ni imvo izihe zikwiye gutuma twibuka incungu tubigiranye ugukenguruka?
1 Mu kugamburuka itegeko Yezu yatanze, abakirisu bo kw’isi yose bazokoranira hamwe izuba rirenze ku wa gatandatu igenekerezo rya 22 Ntwarante 2008, kugira ngo bibuke urupfu rwa Yezu Kristu (Luka 22:19; 1 Kor. 11:23-26). Turavyurirwa umutima wo kubigenza gutyo kubera ko dukenguruka cane ivyaranguwe kuri uwo musi, ubu hakaba haciye imyaka 1.975. Kubera ko Yezu yagumye ari intahemuka igihe yapfa urupfu rubi ku giti co gusinzikarizwako, yarejeje izina rya Se, gutyo aba atanze inyishu nziza kuruta zose ku bitutsi vya Shetani.—Yobu 1:11; Imig. 27:11.
2 Amaraso ya Yezu yasheshwe yaremeje isezerano rishasha, aba atumye abantu b’abanyagasembwa bashobora kwemererwa kuba abana b’Imana bafise icizigiro co kuzofadikanya na Kristu kuganza mu Bwami bwo mw’ijuru (Yer. 31:31-34; Mrk. 14:24). N’ikindi kandi, urukundo rugera kure Imana ikunda abantu yararwerekanye mu buryo butomoye igihe yatanga Umwana wayo ikunda cane ngo abe ikimazi, nk’uko Yezu ubwiwe yari yabisiguriye Nikodemu.—Yoh. 3:16.
3. Abazokwitaba Icibutso bazocungukirako gute?
3 Nutumire abandi: Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero caratanze inama yuko umuntu yogira urutonde rw’abo bazinanye maze agaca atumira umwumwe wese ku giti ciwe. Woba waratanguye gutumira abari ku rutonde rwawe? Woba uriko uraringaniza ibintu kugira ngo uze ugire uruhara bimwe bishitse mw’isekeza ryo gutumira abantu ku Cibutso rizotangura ku wa 1 Ntwarante? Abazocitaba bazokwumva amakuru ashingiye ku Vyanditswe ashobora gutuma bizera incungu, ukwo kwizera kukaba gushikana ku buzima budahera.—Rom. 10:17.
4. Ni kubera dukwiye gushika hakiri kare ku Cibutso?
4 Ababishoboye bose barakwiye gutegekanya gushika hakiri kare kugira ngo bahe ikaze n’igishika cinshi abazoba bitavye urwo rubanza rudasanzwe. Kubera ko Icibutso citabwa n’abantu benshi, birahambaye ko twitwararika mu buryo budasanzwe abashasha be n’abitaba rimwerimwe amakoraniro.
5. Woshobora gute gutegura umutima wawe ku bw’urwo rubanza?
5 Nutegure umutima wawe: Agatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2008 be na Calendrier 2008, birimwo urutonde rw’ubusomyi budasanzwe bwa Bibiliya bujanye n’Icibutso, guhera ku wa 17 Ntwarante. Wihweje ibintu bihambaye vyabaye mu misi ya nyuma y’ubuzima bwa Yezu ngaha kw’isi, bizogufasha gutegura umutima wawe ku bw’uguhimbaza Icibutso (Ezr. 7:10). Kuzirikana kuri izo nkuru zo muri Bibiliya ujanishije n’isengesho, bizotuma urushiriza gukenguruka urukundo Yehova n’Umwana wiwe bagaragaje mu gutanga incungu.—Zab. 143:5.
6. Kurushiriza gukenguruka incungu bizogira ico bikoze gute kuri twebwe?
6 Uko Icibutso cegereza, ese twokwitegura neza tukongera tugategura n’abandi ku bw’urwo rubanza ruhambaye! Kwibuka incungu tubigiranye ugukenguruka bizokomeza ubucuti dufitaniye na Yehova be n’Umwana wiwe (2 Kor. 5:14, 15). Bizotuvyurira kandi umutima wo kubigana mu kugaragariza abandi urukundo ruranga ukwitanga.—1 Yoh. 4:11.