ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/07 rup. 1
  • “Muragume mugira ibi mu kunyibuka”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Muragume mugira ibi mu kunyibuka”
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ivyo bijanye
  • “Muragume mugira ibi”—Icibutso kizohimbazwa ku wa 5 Ndamukiza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Yehova arahezagira akigoro tugira ko kwitaba Icibutso
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Nidufashe abandi kwungukira ku ncungu Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu kizohimbazwa ku wa 12 Ndamukiza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Igituma twitaba Icibutso
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2007
km 3/07 rup. 1

“Muragume mugira ibi mu kunyibuka”

Icibutso c’urupfu rwa Yezu kizohimbazwa ku wa 2 Ndamukiza

1. Ni kubera iki ku wa 2 Ndamukiza 2007 ari igenekerezo rihambaye?

1 Ku wa 2 Ndamukiza 2007, abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi bazohurira hamwe ku bwo guhimbaza urupfu rwa Yezu rwo kwitangako inkuka. Yezu yapfuye kubera ko yari ashigikiye ubusegaba bwa Se wiwe wo mw’ijuru, gutyo aba atanze ikimenyamenya c’uko Shetani wa Mucokoranyi yabeshe igihe yagiriza abantu ngo basukurira Imana babitumwe gusa n’ubwikunzi (Yobu 2:1-5). Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba ziratwibutsa kandi ko, biciye ku rupfu Yezu yapfuye ari umuntu atunganye kandi atagira icaha, ‘yatanze ubuzima bwiwe kw’incungu ya benshi’ (Mat. 20:28). Ku bw’ivyo, Yezu yategetse abigishwa biwe ati: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka” (Luka 22:19, NW). Ugukenguruka iyo ngabirano y’agaciro Imana yatanze kwoba kukuvyurira umutima wo gutangura kwitegura kugira ngo uzobe ari ho uri mu kwibuka ico gikorwa kiruta ibindi vyose kiranga urukundo?—Yoh. 3:16.

2. Dushobora gute gutegura umutima wacu ku bw’Icibutso?

2 Nutegure umutima wawe: Twihweje ibintu vyabaye ku musi umwumwe wose mu misi ya nyuma y’ubuzima bwa Yezu ngaha kw’isi, turashobora gutegura imitima yacu ku bw’uguhimbaza Icibutso (Ezr. 7:10). Kugira dushobore kubigira, urutonde rw’ubusomyi budasanzwe bwa Bibiliya rwarashizwe mu gatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2007 be no kuri Calendrier 2007. Urwo rutonde rw’ugusoma rurahuye neza n’imisi ivyo bintu vyerekeye urupfu rwa Yezu vyabereyeko twisunze ikirangamisi dukoresha muri iki gihe. Imisi be n’amagenekerezo bivugwa muri izo nkuru zo muri Bibiliya, bishingiye ku kirangamisi c’Abayuda, kino kikaba gifata ko umusi utangura izuba rirenze ugahera risubiye kurenga. Ubwo buryo butandukanye bwo guharura imisi ntibwirengagijwe, kandi ni bwo bwakoreshejwe mu rutonde rwo gusoma Bibiliya mu kiringo c’Icibutso. Gusubira kwihweza ayo makuru be no kuzirikana ku rukundo rugera kure rw’Imana tubijanisha n’isengesho, bizodufasha kwungukira bimwe bishitse kw’ihimbazwa ry’Icibutso.

3. Dushobora gute gufasha abashimishijwe be n’abahororokewe kwungukira ku Cibutso?

3 Nutumire abandi bazobe ari ho bari: Inyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ruhuhuma yaratangaje ibijanye n’isekeza ridasanzwe ryo gutumira abantu ngo bazobe ari ho bari kuri ico kiringo gihambaye. Woba umaze kwitegurira kuzogira uruhara bimwe bishitse muri iryo sekeza? Woba waragize urutonde rw’abantu uzi wipfuza kuzotumira? Vyongeye, woba umaze gutangura kubarondera? Nutegekanye gushika hakiri kare bishoboka ku mugoroba uberako Icibutso kugira ngo uhe ikaze abo watumiye be n’abandi bashimishijwe. Hari aho woshima kwicarana na bo, ukaraba ko boba bakeneye Bibiliya n’igitabu c’indirimbo. Nubereke abandi bo mw’ishengero kugira ngo bamenyane na bo. Porogarama y’Icibutso irangiye, niwitegurire kwishura ibibazo vyabo. Nubatumire ku nsiguro y’icese idasanzwe izotangwa ku wa 15 Ndamukiza. Abakurambere canecane bazokwitwararika kuraba neza ko abahora bifatanya n’ishengero ariko bakaba barahororokewe batumirwa ku Cibutso be no ku nsiguro idasanzwe.

4. Dushobora gute gufasha abantu kubandanya gutera imbere mu vy’impwemu inyuma y’ihimbazwa ry’Icibutso?

4 Nufashe abaherutse gushimishwa be n’abahororokewe gutera imbere: Uwuzoshikiriza insiguro y’Icibutso, azovuga muri make ivy’uko turongorera abantu inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana ata co barishe, yongere aremeshe abaherutse gushimishwa kubandanya kwiga ivyerekeye Yehova. Urashobora gufatira ku vyo uwo mushikirizansiguro yavuze kugira ngo urushirize gufasha mu buryo bw’impwemu abo watumiye. Niba ubu batiga Bibiliya, nubagendere vuba inyuma y’Icibutso, maze ubereke ingene inyigisho ya Bibiliya igirwa ata co umuntu arishe iyoborwa. Kugira ngo batere imbere mu vy’impwemu, bazokenera kandi kwitaba amakoraniro y’ishengero (Heb. 10:24, 25). Ufise ivyo mu muzirikanyi, nubaremeshe gutangura kuyitaba badahorereza. Abakurambere barakwiye gutunganya ivyo kugendera abakirisu bahororokewe bitavye Icibutso no kubafasha kuzirikana cane ku vyiyumviro vyashikirijwe mu nsiguro y’uwo musi. Ivyo vyoshobora kubaremesha bigatuma basubira gutangura ibikorwa bahora barangura mw’ishengero.

5. Guhimbaza Icibutso bishobora kugira ico bikoze gute kuri twebwe?

5 Guhimbaza Icibutso biraduha akaryo ko kuzirikana ata gufyina ku vyo Yehova na Yezu bakoze ku bw’ineza yacu. Mwene ukwo kuzirikana kuratuma urukundo tubakunda rwongerekana kukongera kukagira ico gukoze ku kuntu twigenza (2 Kor. 5:14, 15; 1 Yoh. 4:11). Ubu ni co gihe c’uko dutangura kwitegura tugategura n’abashimishijwe ku bw’ico kiringo gihambaye aho “[t]umenyekanisha urupfu rw’Umwami”.—1 Kor. 11:26.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika