Ubutumire bw’Icibutso buzotangwa kw’isi yose!
1. Ni isekeza ridasanzwe irihe ritegekanywa kuzogirwa kw’isi yose imbere y’Icibutso?
1 “Muragume mugira ibi mu kunyibuka.” (Luka 22:19) Mu kugamburuka iryo tegeko Yezu yatanze, abasenga Yehova be n’abantu bagaragaza ugushimishwa bazokoranira hamwe ku wa 30 Ntwarante 2010, kugira ngo bibuke urupfu rwa Yezu. Ubutumire budasanzwe bw’Icibutso buzotangwa kw’isi yose kuva ku wa 13 Ntwarante gushika ku wa 30 Ntwarante.
2. Twoshobora gute gutanga ubwo butumire?
2 Uko twobigira: Woshobora guhereza ubwo butumire umunyamuhana kugira ngo arabe ifoto iri ku rupapuro rutangura, maze ugaca uvuga uti: “Ku mugoroba wo ku wa 30 Ntwarante, abantu amamiliyoni hirya no hino kw’isi bazokoranira hamwe kugira ngo bibuke urupfu rwa Yezu. Naje hano kugira ndaguhe wewe n’umuryango wawe ubu butumire ngo muze mwitabe iryo koraniro. N’abagenzi bawe barahawe ikaze. Ndakwingize urabe umwanya be n’ikibanza urwo rubanza ruzoberamwo.” Bivanye n’uko ibintu vyifashe, woshobora kumusomera muri Bibiliya icanditswe co muri Luka 22:19 kugira ngo umwereke iryo tegeko rishingiye ku Vyanditswe. Ariko rero, uragumiza mu muzirikanyi yuko ari vyiza guca make kubera ko dufise umwanya muto wo guhetura icibare.
3. Ni bande twoshobora gutumira?
3 Nimba ishengero ryanyu rifise icibare kinini, abakurambere boshobora kubagira inama yo kuza murasiga udupapuro tw’ubutumire ku mihana musanze atari ho bari igihe mubagendeye ari bwo bwa mbere. Igihe biba bibereye, nimutange utwo dupapuro tw’ubutumire hamwe n’ibinyamakuru. Nimurabe neza ko mwatumiye abo muhora mugendera, abo mwigana Bibiliya, abo mukorana, abo mwigana kw’ishure, incuti zanyu, ababanyi banyu be n’abandi muzinanyi.
4. Kuba dukenguruka urukundo Yehova yagaragaje mu kuturonsa incungu bizodusunikira gukora iki?
4 Twitegurire kurigiramwo uruhara bimwe bishitse: Ikiringo c’Icibutso ni igihe ciza co kwongereza uruhara tugira mu gikorwa. Woba wogira ivyo uhinduye mu rutonde rwawe kugira ngo ukore ubutsimvyi bwo gufasha? Woba ufise abana canke abatohoji ba Bibiliya bariko baratera imbere neza mu vy’impwemu? Nimba ari ukwo, niwiture abakurambere kugira ngo vyihwezwe niba abo bashasha bakwije ibisabwa ngo bifatanye natwe muri iryo sekeza ridasanzwe ari abamamaji batarabatizwa. Kuba dukenguruka urukundo Yehova yagaragaje mu kuturonsa incungu ntibizodusunikira gusa kwitaba Icibutso, ariko kandi bizodusunikira gutumira benshi bashoboka ngo baze kwifatanya natwe.—Yoh. 3:16.