Isekeza ridasanzwe ryo gutangaza ivyerekeye Icibutso!
1. Ni igiki abamamaji b’Ubwami bazoba bariko barakora kw’isi yose guhera ku wa 21 Ntwarante 2009, kandi kubera iki?
1 Ku wa kane igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2009, abasenga Yehova Imana kw’isi yose bazohurira hamwe kugira ngo bibuke ikintu gihambaye cane kiranga urukundo yagaragarije abantu. (Rom. 5:6-8) Turiteganye n’umushasharo mwinshi kuzoba turi kumwe n’abantu amamiliyoni bashimishwa igihe tuzoba turiko turibuka urupfu rwa Yezu. Ubutumire budasanzwe bw’Icibutso buzotangwa hirya no hino kw’isi guhera ku wa 21 Ntwarante.
2. Ni ibintu ibihe ukwiye kugumiza ku muzirikanyi igihe utanga ubutumire?
2 Ibintu dukwiye kugumiza ku muzirikanyi: Nukoreshe neza amafoto, ibibazo be n’icanditswe catanzwe mugabo kitasubiwemwo dusanga kuri ubwo butumire. Nk’akarorero, woshobora kwerekeza kw’ifoto iri mu ntango maze ukavuga uti: “Nashaka kugutumira ngo uzoze kwifatanya natwe mu kwibuka urupfu rwa Yezu ruzohimbazwa ku wa kane igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2009.” Nuce rero werekeza ku mutwe w’ubwo butumire be no ku bibazo bijanye na wo. Nushimike ku vy’uko uwo munyamuhana ashobora no gutumira abagize umuryango wiwe be n’uwundi uwo ari we wese yoshima ko baza bazananye.
3. Umaze gutanga ubutumire muri iri sekeza, ni igiki kandi woshobora gukora?
3 Nimba ishengero urimwo rifise icibare kinini, abakurambere boshobora kukugira inama yo gusiga ubutumire ku mihana uba utasanzeho abantu. Ku mpera z’imishamvu, ubwo butumire nubutange buri kumwe n’ibinyamakuru. Niwishingire umugambi wo gutumira abo uhora usubira kugendera, abo mwigana Bibiliya, incuti, abo mwigana kw’ishure, abo mukorana, ababanyi be n’abandi muzinanyi. Mu mwaka uheze, hari umuvukanyikazi umwe yatumiye incuti ziwe zishika kuri 30, maze uko haza haraca igihe akaza arabibutsa ingene ico kiringo gihambaye. Ese ukuntu yahimbawe cane igihe 25 bitaba ubwo butumire, kandi 4 muri bo mu nyuma bakaba baremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya!
4. Ni ibiki dukwiye gutegekanya ubu, kandi kubera iki?
4 Niwitegure guhera ubu: Abamamaji benshi boshobora kwongereza umwanya bomara mu murimo muri Ntwarante na Ndamukiza. Nimba ufise abana canke inyigisho za Bibiliya ziriko ziratera imbere, aka koshobora kuba ari akaryo keza cane kuri bo ko gucika abamamaji batarabatizwa. Ubu ni co gihe co gutangura gutunganya ivyacu kugira ngo tuze tugire uruhara bimwe bishitse muri iri sekeza ryo gutangaza umusi wo kwibuka uburyo bubiri buhambaye kuruta ubundi bwose twagaragarijwemwo urukundo.—Yoh. 3:16; 15:13.