Isekeza ryo gutangaza Icibutso rizotangura ku wa 17 Ntwarante
1. Ni isekeza irihe rizotangura ku wa 17 Ntwarante?
1 Icibutso duhimbaza buri mwaka kigenewe gutangaza urupfu rwa Yezu. (1 Kor. 11:26) Ni co gituma twipfuza ko n’abandi bifatanya natwe bakumva ivyerekeye ingabirano irangwa urukundo Yehova yatanze y’incungu. (Yoh. 3:16) Uwu mwaka isekeza ryacu ryo gutumira abantu ku Cibutso rizotangura ku wa gatandatu igenekerezo rya 17 Ntwarante. Woba ushashaye kuzorigiramwo uruhara bimwe bishitse?
2. Twovuga iki mu gushikiriza ubutumire?
2 Ico twovuga: Vyiza twoca make. Twoshobora kuvuga duti: “Ndabaramukije. Tubagendeye kugira duhe umuryango wanyu ubu butumire bw’ikintu gihambaye twama duhimbaza buri mwaka, kikaba kizohimbazwa kw’isi yose ku wa 5 Ndamukiza. Hazoshikirizwa ku buntu insiguro ishingiye kuri Bibiliya izosigura ico urupfu rwa Yezu rwashitseko be n’ico ariko arakora ubu. Ubu butumire burerekana ikibanza n’isaha iryo koraniro rizoberako aha mu karere iwacu.” Igihe tuzoba turiko turatanga ubwo butumire mu mpera z’umushamvu, tuzoshikiriza n’ibinyamakuru igihe bizoba bibereye.
3. Twoshobora gute gutumira abantu benshi bashoboka?
3 Nutumire benshi bashoboka: Ihangiro ryacu ni ugutumira benshi bashoboka. Uritwararika gutumira abo mwigana Bibiliya, abo mwayaze, incuti, abo mukorana, abo mwigana kw’ishure, ababanyi, n’abandi muzinanyi. Abakurambere bo mw’ishengero ryanyu bazotanga ubuyobozi bw’ukuntu mwohetura icibare canyu. Iryo sekeza tugira ku mwaka ku mwaka riravamwo ivyiza. Igihe umugore umwe yinjira mu Ngoro y’Ubwami mu mwaka uheze, hari uwakira abantu yamubajije nimba yomufasha gutora umwamamaji yamutumiye. Ariko nya mugore yavuze ko ata n’umwe yari azi mu bari ng’aho bose be n’uko yari yahawe ubutumire n’umuntu yariko yamamaza inzu ku nzu uwo musi.
4. Ni imvo izihe zotuma tugira umwete muri iryo sekeza?
4 Hari aho umwe mu bo muzoba muri kumwe ku Cibutso azoba ari ng’aho kubera ubutumire wamusigiye. Abo watumiye baza canke bataza, utwigoro uzoba wagize wivuye inyuma ntituzobura gushinga intahe. Ubutumire uzotanga buzotangaza yuko ubu Yezu ari Umwami w’umunyabubasha. Umwete uzogira muri iryo sekeza uzokwereka abakwitegereza bose, baba abo mu cibare, abamamaji bagenzawe, ariko kandi na canecane Yehova, ko ukenguruka rwose ingabirano y’incungu.—Kol. 3:15.