Isekeza ryo gutanga ubutumire bw’lcibutso rizotangura ku wa 22 Ntwarante
Uyu mwaka isekeza ryo gutumira abandi ku Cibutso rizotangura ku wa gatandatu igenekerezo rya 22 Ntwarante. Twese turemeshwa kurigiramwo uruhara bimwe bishitse. Ku mpera z’imishamvu tuzotanga kandi ibinyamakuru vya vuba igihe bibereye. Ku wa gatandatu wa mbere wa Ndamukiza, tuzokwibanda ku gutanga ubutumire aho kwibanda ku gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ariko rero, duhuye n’umuntu agaragaza ugushimishwa kudasanzwe, twoshobora kugerageza gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Umucungezi w’umurimo yoshobora kuraba niba gutanga ubutumire mu busuku bwo ku mugaragaro bizofasha ishengero gushikira abantu benshi bo mu cibare. Nugire urutonde ubu rw’incuti, abo mukorana, abo mwigana, amasubirayo yawe, be n’abandi muzinanyi wipfuza gutumira, maze uzoce ubaha ubutumire isekeza ritanguye. Twizigiye ko abantu benshi bazokwifatanya natwe mu kwibuka uburyo bubiri buhambaye kuruta ubundi twagaragarijwemwo urukundo.—Yoh. 3:16; 15:13.