Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 24 Ruhuhuma 2014. Harashizwemwo n’igenekerezo iciyumviro kimwekimwe cose kizorimburirwako kugira ngo umuntu ashobore kugira ubushakashatsi igihe ategura ishure ku ndwi ku ndwi.
Shetani yatumye Eva ashira umutima ku ki, kandi Eva yerekanye iki mu kurya ku camwa cari kibujijwe? (Ita. 3:6) [6 Nzero, w11 15/5 rup. 16 ing. 5]
Abeli ashobora kuba yatsimbataje gute ukwizera gukomeye, kandi ivyo vyavuyemwo iki? (Ita. 4:4, 5; Heb. 11:4) [6 Nzero, w13 1/1 rup. 12 ing. 3; rup. 14 ing. 4-5]
Abavyeyi bashobora gute gukingira abana babo kugira ntibatangarire “abanyenkomezi” be n’ “abagabo ba rurangiranwa” bo mw’isi? (Ita. 6:4) [13 Nzero, w13 1/4 rup. 13 ing. 2]
Twigira iki ku nkuru yerekeye Loti n’umugore wiwe, nk’uko ivugwa mw’Itanguriro 19:14-17, 26? [27 Nzero, w03 1/1 rup. 16 ing. 20]
Ni gute Aburahamu yagaragaje ko yizera izuka be n’umuhango wa Yehova w’uko uruvyaro rwobonetse biciye kuri Izahaki? (Ita. 22:1-18) [3 Ruhuh., w09 1/2 rup. 18 ing. 4]
Ni ukuri guhambaye ukuhe twokwigira ku buhanuzi bwo mw’Itanguriro 25:23, ubuvuga ko “Bukuru azokorera Butoyi”? [10 Ruhuh., w03 15/10 rup. 29 ing. 1]
Indoto ya Yakobo yerekeye ico impinduro za Bibiliya zimwezimwe zita ingazi yasobanura iki? (Ita. 28:12, 13) [10 Ruhuh., w04 15/1 rup. 28 ing. 6]
Ni mu buryo ubuhe Rasheli ari akarorero keza k’umuntu yagize akigoro gakomeye kahezagiwe na Yehova? (Ita. 30:1-8) [17 Ruhuh., w02 1/8 rup. 29-30]
Ni igiki twigira ku kuntu umumarayika yishuye Yakobo mw’Itanguriro 32:29? [24 Ruhuh., w13 1/8 rup. 10]
Ni gute akarorero ka Dina kerekana akaga kari mu kwegera cane ingeramizi? (Ita. 34:1, 2, 19) [24 Ruhuh., w04 15/10 rup. 21 ing. 6; rup. 22 ing. 5]