ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/8 rup. 29-31
  • Ni Ryari Yehova Ahezagira Akigoro Gakomeye Tugira?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni Ryari Yehova Ahezagira Akigoro Gakomeye Tugira?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Akigoro Gakomeye Yehova Ahezagira
  • Nugume Unyinyana Kugira Uronke Umuhezagiro wa Yehova
  • Yakobo Ari n’Abana Benshi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yakobo Aja i Harani
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Nugume unyinyana kugira uronke umuhezagiro wa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Yakobo yaraha agaciro ivy’impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/8 rup. 29-31

Ni Ryari Yehova Ahezagira Akigoro Gakomeye Tugira?

“NDEKURA, kuk’umutwenzi utambitse.”

“Sinkurekura, utampezagiye.”

“Witwa nde?”

“Ndi Yakobo.”

“Ntucitwa Yakobo ukundi, ariko wiswe Isirayeli; kuko waniganye n’Imana n’abantu, ukanesha.”​—Itanguriro 32:26-28.

Ico kiyago gishika ku nyota cavuye ku bubangutsi nk’ubw’umunonotsi bwagaragajwe bimwe bitangaje na Yakobo, umutama w’imyaka 97. Naho Bibiliya itamudondora ko yari umunonotsi, yaranyinyanye n’umumarayika ijoro ryose. Kubera iki? Yakobo yaritwararika bimwe bigera kure umuhango Yehova yari yarahaye sekuruza, ari wo ragi ryiwe.

Imyaka myinshi imbere y’aho, Esau mwene wabo na Yakobo yaritesheje ivy’ukuba samuragwa abikavye icibo c’ibiharage. Ubu na ho, Yakobo yumvise ko Esau ariko aregereza ari kumwe n’abantu 400. Birumvikana ko Yakobo bimuraza ishinga, arondera kuronka icemeza cerekeye umuhango Yehova yatanze w’uko umuryango wiwe uzosagamba mu gihugu gishika hakurya y’Uruzi Yorodani. Mu buryo buhuye n’amasengesho yiwe, Yakobo aragira ico akoze gikomeye. Arungikira ingabirano zivuye ku mutima Esau, uwuriko yegereza. Aragira kandi ico akoze kugira yikingire, agaburamwo kubiri ivyiwe n’abiwe maze ajana abagore biwe n’abana biwe kujabukira ku cambu ca Yaboki. Abigiranye akigoro gakomeye be n’amarira menshi, ubu na ho araja kandi mu vyo kunyinyana n’umumarayika ijoro ryose kugira ngo “ashobore kugirirwa ubutoni.”​—Hoseya 12:4, NW; Itanguriro 32:1-32.

Rimbura akarorero k’imbere y’aho ka Rakeli, umugore agira kabiri kandi akundwa cane wa Yakobo. Rakeli arazi neza ivy’umuhango wa Yehova wo guhezagira Yakobo. Mwenewabo Leya, umugore wa mbere wa Yakobo, afise abana bane mu gihe Rakeli agumye ari ingumba. (Itanguriro 29:31-35) Aho gutwarwa n’amaganya, aguma yinginga Yehova mw’isengesho, kandi, mu buryo buhuye n’amasengesho yiwe agaca agira ikintu akoze kiri n’ico kivuze. Nk’uko inakuruza Sara yabigenjeje ku bijanye na Hagari, Rakeli azana incoreke yiwe Biluha ayiha Yakobo ngo ibe umugore wiwe wundi kugira ngo bibe nk’uko Rakeli abivuga ati: “Ndonkere ivyara kuri we.”a Biluha avyara kuri Yakobo abahungu babiri, ari bo Dani na Nafutali. Igihe Nafutali avuka, Rakeli aravuga ukuntu akigoro agira kavuye ku mutima kangana, agira ati: “Nniganye na mwene mama bikomeye, ndamunesha.” Rakeli kandi arahezagirwa mu kuronka abahungu babiri bavuye mu nda yiwe, ari bo Yozefu na Benyamini.​—Itanguriro 30:1-8; 35:24.

Kubera iki Yehova yahezagiye utwigoro two mu vy’umubiri no mu vy’aganyetera Yakobo na Rakeli bagize? Bagumye bashira imbere ivyo Yehova agomba kandi barakunda cane iragi ryabo. Barasenganye ubwira basaba ko abahezagira mu buzima bwabo bongera bakora ibikorwa vy’ingirakamaro bihuje n’ivyo Imana igomba be n’intakambo zabo.

Nka kumwe kwa Yakobo na Rakeli, abantu benshi muri kino gihe barashobora kwemeza yuko bisaba akigoro kagiranywe ubwira kugira baronke umuhezagiro wa Yehova. Utwigoro twabo kenshi na kenshi usanga tujana n’amarira, ugucika intege, be n’ukubabara. Inabibondo mukirisu umwe yitwa Elizabeth aribuka akigoro gakomeye vyamusavye kugira ngo asubire kwitaba amakoraniro ya gikirisu ubudahorereza haheze igihe kirekire atayitaba. Kuba yari afise uduhungu dutoduto dutanu, akagira umugabo atizera, akaba kandi yategerezwa kugira urugendo rw’ibirometero 30 n’umuduga kugira ngo ashike ku Ngoro y’Ubwami yitwa ko iri hafi cane rwari urugamba. “Kugerageza gushika ku makoraniro ubudahorereza vyansavye kwinanata cane, kubera yuko nari nzi ko ari ngirakamaro kuri jewe no ku bahungu banje. Vyarabafashije kubona ko iyo yari ingendo ibereye yo gukurikirana.” Yehova yarahezagiye utwigoro twiwe. Mu bahungu biwe batatu bafise umwete mw’ishengero rya gikirisu, babiri bari mu busuku bw’igihe cose. Mu kunezerererwa iterambere ryabo ryo mu vy’impwemu, nyina wabo avuga ati: “Barakuze kunsumvya mu vy’impwemu.” Ese ukuntu ari umuhezagiro ku kigoro gakomeye yagize!

Akigoro Gakomeye Yehova Ahezagira

Gushira imbere akigoro gakomeye no gukora umuntu agatama nta nkeka birimwo impera. Uko turushiriza kugira akigoro mu gikorwa canke mu gikebere, ni ko turushiriza gushira akanyota. Ukwo ni ko Yehova yaturemye. Umwami Salomo yanditse ati: “Ubuntu bg’Imana [ni] uk’umuntu wese yorya, akanywa, akanezererwa ivyiza mu butame bgiwe bgose.” (Umusiguzi 3:13; 5:18, 19) Ariko rero, kugira turonke umuhezagiro uva ku Mana, dutegerezwa kwiyemeza neza ko utwigoro tugira tuyobowe mu buryo bwiza. Nk’akarorero, vyoba ari ibitegereka kwitega ko Yehova ahezagira umuntu abaho ashira ivy’impwemu mu kibanza ca kabiri? Umukirisu yabatijwe yoba yokwizigira kwemerwa na Yehova niba yemeye akazi canke ukuduzwa mu kazi vyotuma yama asiba kuja hamwe n’abandi be n’inyigisho vyubaka ukwizera turonkera ku makoraniro ya gikirisu?​—Abaheburayo 10:23-25.

Ubuzima umuntu amara akora agatama mu gukurikirana akazi ko mw’isi canke ugusagamba mu vy’umubiri ntibisigura ko uwo muntu azoca ‘anezererwa ivyiza’ mu gihe abikora abanje kwigiza inyuma ibintu vy’impwemu. Yezu yaradondoye ingaruka ziva ku kigoro katayobowe mu buryo bwiza mu kigereranirizo c’umubivyi. Ku biraba imbuto “[z]abibge mu mahwa,” Yezu yasiguye yuko “[ari umuntu] yumva iryo jambo, arik’umwitwarariko w’ivy’isi n’uruhendo rw’ubutunzi bikanyoha iryo jambo, akaba ikirumbirane.” (Matayo 13:22) Paulo na we nyene yaragabishije ivy’uwo mutego nyene maze yongerako yuko abakurikirana ivy’amaronko “bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura.” Ubwo buryo bwo kubaho bwonona mu buryo bw’impwemu bwotorerwa umuti gute? Paulo yabandanije ati: ‘Wame uhunga ivyo, kandi woye kwishimira ubutunzi butari ubwo kwishimirwa, ariko wishimire Imana, iduha vyose bisesekaye, ngo tubinezererwe.’​—1 Timoteyo 6:9, 11, 17.

Tutaravye imyaka dufise ingene ingana canke imyaka tumaze dusukurira Yehova, twese turashobora kwungukira ku kwigana akigoro gakomeye Yakobo na Rakeli bagaragaje. Igihe cose barondera kwemerwa n’Imana, ntibigeze bibagira iragi ryabo, n’aho ibintu barimwo bishobora kuba vyatera ubwoba canke bibabaza bimeze gute. Muri kino gihe, imikazo be n’ingorane duhangana bishobora kuba biteye ubwoba, bibabaza canke mbere bitera intuntu. Inyosha mbi duhangana, ni uguheba urugamba turwana maze tukaba mu bandi bantu bahitanwa n’ibitero vya Shetani. Ashobora gukoresha uburyo ubwo ari bwo bwose ashoboye, vyaba ivy’ukwinezereza canke ivy’ukwisamaza, ivy’inkino canke udukorwa tw’ukwiruhura, imyuga canke ugusagamba mu vy’umubiri kugira ashike ku migambi yiwe. Arasezerana ivyiza bishimishije ariko ni gake abishitsa. Abantu bose azimiza canke aryosharyosha ngo bisuke mu gukurikirana ibintu nk’ivyo kenshi na kenshi basanga ahanini batashe zirayoye. Nka kumwe kwa Yakobo na Rakeli bo mu bihe vya kera, nimuze dutsimbataze agatima ko kurwana urugamba rukomeye no gutsinda imigabo ya Shetani.

Nta kindi kintu Shetani yipfuza atari ukubona tuneshejwe, tukiyumvamwo ko ‘uko ibintu bimeze ata muti wavyo ushobora kuboneka. Ko ata kindi kintu gishobora gukorwa. Ko ata kwirirwa umuntu arata umwanya.’ Ese rero ukuntu bihambaye kuri twese, ko twirinda gutsimbataza agatima ko kwiyumvira ko ataco dushobora gushikako, tukiyumvira ngo ‘nta n’umwe ankunda’ kandi ngo ‘Yehova yaranyibagiye.’ Kureka tugatwarwa n’ivyo vyiyumviro ni ukwigirira nabi. Vyoba bizokwerekana ko twadendebukiwe kandi ko tutakinyinyana gushika turonse umuhezagiro? Niwibuke ko Yehova ahezagira akigoro gakomeye tugira.

Nugume Unyinyana Kugira Uronke Umuhezagiro wa Yehova

Ukumererwa neza kwacu mu vy’impwemu ahanini guhagaze ku kuba dutahura ibintu bibiri bigize ukuri kw’ishimikiro vyerekeye ubuzima bwacu bwa musuku wa Yehova. (1) Nta n’umwe afise ububasha ku ngorane, ku ndwara zisinzikaza, canke ku bihe bigoye vyo mu buzima, kandi (2) Yehova aratega ugutwi akamo k’abamwinginga ata buryarya basaba imfashanyo canke umuhezagiro.​—Kuvayo 3:7-10; Yakobo 4:8, 10; 1 Petero 5:8, 9.

Ibihe urimwo vyaba bigoye gute canke uko woba wiyumvamwo ko hari ivyo udashoboye kwose, ntukareke ngo utwarwe n’“icaha gikunda kutwizingirako vuba,” na co akaba ari ukubura ukwizera. (Abaheburayo 12:1) Nubandanye kunyinyana gushika uronse umuhezagiro. Nugaragaze ukwihangana, wibuka ko Yakobo, uwari yitereye mu myaka yarwanye ijoro ryose arondera umuhezagiro. Nka kumwe kw’umurimyi abiba mu mpeshi maze akarindira iyimbura, nurondere ko Yehova ahezagira igikorwa cawe c’ivy’impwemu ubigiranye ukwihangana naho wokwumva ko kidashemeye. (Yakobo 5:7, 8) Kandi imisi yose wamize mu muzirikanyi amajambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Ababiba barira bazokwimbura banezerewe.” (Zaburi 126:5; Ab’i Galatiya 6:9) Hagarara ushikamye, kandi ugume uri mu barwana urugamba.

[Akajambo k’epfo]

a Ivy’ukwabira incoreke vyari bihari imbere yuko habaho isezerano ry’Ivyagezwe kandi bikaba vyari vyemewe bikongera bikagengwa n’Ivyagezwe. Imana ntiyabonye ko cari co gihe kibereye co kugarukana ingingo mfatirwako yo mu ntango y’ivy’ukwabira umugore umwe gusa yari yarashinze muri rya tongo ry’i Edeni gushika ku kuboneka kwa Yezu Kirisitu, ariko yarakingira incoreke ikoresheje amategeko. Birumvikana ko ivy’ukwabira incoreke vyafashije kugira Abisirayeli bagwire ningoga.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika