ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/1 rup. 26-rup. 29 ing. 8
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Itanguriro—2

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Itanguriro—2
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ABURAHAMU ACIKA UMUKUNZI W’IMANA
  • (Itanguriro 11:10–23:20)
  • YAKOBO YARI AFISE ABAHUNGU 12
  • (Itanguriro 24:1–36:43)
  • YEHOVA YARAHEZAGIYE YOZEFU MU MISIRI
  • (Itanguriro 37:1–50:26)
  • Bari bafise ukwizera kutanyiganyiga
  • Itanguriro: ibirimwo
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Imana ihezagira Aburahamu n’umuryango wiwe
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Yehova, “ya Mana itanga amahoro”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Kuva ku Mwuzure Gushika ku Gihe c’Ukubohorwa mu Misiri
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/1 rup. 26-rup. 29 ing. 8

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Itanguriro—2

IGITABU c’Itanguriro kiravuga inkuru ya kahise k’abantu mu kiringo c’imyaka 2.369, guhera kw’iremwa rya wa muntu wa mbere Adamu gushika ku rupfu rwa Yozefu umuhungu wa Yakobo. Ibigabane 10 vya mbere, n’imirongo 9 ya mbere y’ikigabane ca 11, ushizeko n’inkuru yo kuva kw’irema gushika ku munara wa Babeli, vyaraganiriweko mu nomero iheruka y’iki kinyamakurua. Iki kiganiro kiraca irya n’ino ibikurubikuru vy’igice gisigaye c’Itanguriro vyerekeye ivyo Imana yagiriye Aburahamu, Isaka, Yakobo na Yozefu.

ABURAHAMU ACIKA UMUKUNZI W’IMANA

(Itanguriro 11:10–23:20)

Haheze nk’imyaka 350 Umwuzure uvuyeho, umuntu yabonetse ko adasanzwe ku Mana yavutse mu muryango w’abakomoka ku muhungu wa Nowa, ari we Shemu. Uwo muntu yitwa Aburamu, uwahavuye yitwa Aburahamu. Ategetswe n’Imana, Aburamu yaravuye mu gisagara c’Ubukaludaya c’i Uri, aja kuba mu mahema mu gihugu Yehova yasezeranye kumuha n’abamukomokako. Kubera ukwizera kwiwe be n’ukugamburuka kwiwe, Aburahamu yahavuye yitwa “umukunzi w’Imana”.—Yakobo 2:23.

Yehova yarasanganguye abantu b’ababisha baba i Sodomu no mu bisagara bihegereye, mu gihe Loti n’abakobwa biwe bazigurijwe. Ivyo Imana yasezeranye vyarangukiye kw’ivuka ry’umuhungu wa Aburahamu ari we Isaka. Haheze igihe, ukwizera kwa Aburahamu kwarageragejwe igihe Yehova yamutegeka gutanga umuhungu wiwe kw’ikimazi. Aburahamu yari yiteguriye kugamburuka mugabo umumarayika aramuhagarika. Nta gukeka Aburahamu yari umuntu yizera, kandi yarakuwe amazinda yuko biciye ku rubuto rwiwe, amahanga yose yokwihesheje umuhezagiro. Urupfu rw’umukenyezi wiwe mukundwa Sara, rwatumye Aburahamu agira intuntu nyinshi.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

12:1-3—Isezerano rya Aburahamu ryatanguye kuja mu ngiro ryari, kandi ryamaze igihe kingana iki? Isezerano Yehova yagiranye na Aburamu ry’uko ‘muri we ari ho imiryango yose yo mw’isi yokwiheshereje umuhezagiro’, biboneka ko ryatanguye kuja mu ngiro igihe Aburamu yajabuka Uruzi Efurate agana i Kanani. Aho hategerezwa kuba hari ku wa 14 Nisani 1943 B.G.C., ni ukuvuga imyaka 430 imbere y’uko Isirayeli ibohorwa igakurwa mu Misiri (Kuvayo 12:2, 6, 7, 40, 41). Isezerano rya Aburahamu ryari “isezerano ridashira”. Rizoguma rikora gushika imiryango yo kw’isi ihezagiwe, n’abansi b’Imana bose basanganguwe.—Itanguriro 17:7; 1 Ab’i Korinto 15:23-26.

15:13—Imyaka 400 yabuwe ko uruvyaro rwa Aburamu rwomaze rucumukura yarangiye ryari? Ico kiringo c’ugucumukura catanguye mu 1913 B.G.C., igihe Isaka umuhungu wa Aburahamu yacuka afise nk’imyaka 5 hanyuma mwenewabo basangiye se Ishimayeli uwari amaze imyaka 19 akaba yariko ‘aramutwenga’ (Itanguriro 21:8-14; Ab’i Galatiya 4:29). Carangiye igihe Isirayeli yabohorwa igakurwa mu buja bwo mu Misiri mu 1513 B.G.C.

16:2—Vyoba vyari bibereye ko Sarayi atanga incoreke yiwe Hagari ngo abe umugore wa Aburamu? Ico Sarayi yagize cari kijanye n’umugenzo w’ico gihe, w’uko umugore w’ingumba yategerezwa kuronsa umugabo wiwe incoreke kugira ngo ivyare samuragwa. Akamenyero ko kugira abagore benshi katanguriye mu muryango wa Kayini. Amaherezo, karacitse umugenzo hanyuma urakurikizwa na bamwebamwe mu basavyi ba Yehova (Itanguriro 4:17-19; 16:1-3; 29:21-28). Ariko rero, Yehova ntiyigeze ava ku ngingo mfatirwako yiwe yo mu ntango y’uko umugabo agira umugore umwe (Itanguriro 2:21, 22). Nowa n’abahungu biwe, abasubiriwemwo itegeko ry’‘ukurondoka bakuzura isi’, bigaragara ko bose bari bafise umugore umwumwe (Itanguriro 7:7; 9:1; 2 Petero 2:5). Vyongeye, iyo ngingo mfatirwako yuko umugabo agira umugore umwe yarongeye kuvugwa na Yezu Kirisitu.—Matayo 19:4-8; 1 Timoteyo 3:2, 12.

19:8—Vyoba vyari bibi ko Loti yemera guha abakobwa biwe Abanyasodomu? Nk’uko itegeko ryo mu Buseruko rivyerekana, nyene kugenderwa ni we yaba afise ibanga ryo gukingira abashitsi bari mu nzu iwe, akabarwanirira mbere n’igihe vyaba bisaba ko ahasiga ubuzima. Loti ivyo yari avyiteguriye. N’uburindutsi bwinshi, yarasohotse aja imbere y’iryo sinzi ry’inkozi z’ikibi, asiga ahindiyeko urugi, aca ahangana na bo ari wenyene. Igihe yemera gutanga abakobwa biwe, Loti ashobora kuba yaratahura yuko abashitsi biwe zari intumwa zivuye ku Mana, kandi ashobora kuba yiyumviriye yuko Imana yoshoboye gukingira abakobwa biwe nk’uko yari yarakingiye muka sewabo Sara mu Misiri (Itanguriro 12:17-20). Si ivy’imbeshere, igihe ibintu vyakomera, Loti n’abakobwa biwe barakingiwe.

19:30-38—Yehova yoba yarihanganiye Loti kubona yaraborewe hanyuma akavyara abahungu ku bakobwa biwe babiri? Yehova ntiyihanganira ukugoka canke akaborerwe (Abalewi 18:6, 7, 29; 1 Ab’i Korinto 6:9, 10). Loti mu vy’ukuri yaranka urunuka ‘ibikorwa vy’ubugarariji’ vy’abantu b’i Sodomu (2 Petero 2:6-8). Kuba abakobwa ba Loti baramuboreje, ni icerekana ko batahura yuko atari kwemera kurangurana na bo amabanga mpuzabitsina mu gihe afise ubwenge bukwiye. Mugabo kubera ko bari bakavantara muri ico gihugu, abakobwa biwe biyumviriye yuko ubwo bwari bwo buryo bwonyene bwotumye umuryango wa Loti utazimangana. Iyo nkuru iri muri Bibiliya kugira ngo ihishure ubucuti Abanyamowabu (bakomoka kuri Mowabu) be n’Abamoni (bakomoka kuri Benami) bafitaniye n’abakomoka kuri Aburahamu ari bo Bisirayeli.

Ivyigwa tuhigira:

13:8, 9. Mbega ukuntu ari akarorero keza Aburahamu yatanze mu gutunganya amatati! Ntidukwiye kwigera duheba ubucuti bw’amahoro kubera inyungu zo mu vy’ubutunzi, ivyo twikundira canke ubwibone.

15:5, 6. Igihe Aburahamu yariko arasaza kandi akaba atari bwaronke umuhungu, yaravuganye n’Imana yiwe ivy’ico kibazo. Yehova na we yaramusubirije umutima mu nda. Vyavuyemwo iki? Aburahamu ‘yarizeye Yehova’. Turamutse duseruriye Yehova mw’isengesho ibiri mu mitima yacu, tukemera indemesho ziwe zidukura amazinda ziri muri Bibiliya tukongera tukamugamburukira, ukwizera kwacu kuzokomezwa.

15:16. Yehova yararetse gushitsa urubanza rwiwe ku Bamori (ari bo Banyakanani) kugeza ku maruka ane. Kubera iki? Kubera ko ari Imana yihangana. Yararindiriye gushika aho ikizigizigi cose c’uko bazokwihanura gihera. Cokimwe na Yehova, turakeneye kuba abantu bihangana.

18:23-33. Yehova ntahonya abantu akuzako. Arakingira abagororotsi.

19:16. Loti ‘yagumye ajujura’, maze bisaba ko abamarayika barinda kumukwega be n’umuryango wiwe babakura mu gisagara c’i Sodomu. Dukwiye kugira ubukerebutsi bwo kuguma tubona ko ibintu vyihutirwa uko turindira iherezo ry’iyi si mbi.

19:26. Mbega ukuntu kwoba ari ukujujuta dusamajwe n’ivyo twahevye vyo muri iyi isi canke tuvyipfuje cane!

YAKOBO YARI AFISE ABAHUNGU 12

(Itanguriro 24:1–36:43)

Aburahamu yaratunganije ivy’uko Isaka yabira Rebeka, umugore yizera Yehova. Yavyaye amahasa ari yo Esau na Yakobo. Esau yarakengereye ukuba samuragwa kwiwe maze akugurisha kuri Yakobo, uwahavuye ahezagirwa na se. Yakobo yarahungiye i Padan-aramu, aho yabiriye Leya na Rakeli yongera araragira imikuku ya se w’abo bakobwa mu kiringo c’imyaka nka 20 imbere y’uko asubira mu muryango wiwe. Biciye kuri Leya, Rakeli n’incoreke zabo zibiri, Yakobo yararonse abahungu 12 n’abakobwa. Yakobo yaranyinyanye n’umumarayika maze arahezagirwa, n’izina ryiwe rihindurwa Isirayeli.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

28:12, 13—Indoto ya Yakobo yerekeye “icuririzo” yasobanura iki? Ico “curirizo”, icari kimeze nk’ingazi y’amabuye agerekeranye, cerekana yuko hari imigenderanire hagati y’isi n’ijuru. Kuba abamarayika b’Imana baduga bongera bamanuka kuri co, vyerekanye ko abamarayika bafasha mu buryo bunaka buhambaye hagati ya Yehova n’abantu bemerwa na we.—Yohana 1:51.

30:14, 15—Ni kubera iki Rakeli yagishije akaryo ko kuryamana n’umugabo wiwe agakavye utududayimu? Mu bihe vya kera, ivyamwa vy’igiterwa c’amadudayimu vyarakoreshwa mu vy’ubuvuzi nk’imiti yo gutimbisha no gukingira canke guhwamika ububabare. Ico camwa kandi bemera ko gifise ubushobozi bwo gukabura icipfuzo co kurangura amabanga mpuzabitsina no gutuma umuntu arushiriza kurondoka canke kigafasha gusama inda (Indirimbo ya Salomo 7:13). Naho Bibiliya idahishura icatumye Rakeli abigira, ashobora kuba yiyumviriye yuko amadudayimu yomufashije gusama inda gutyo akaba yikuyeko iceyi c’ukuba ingumba. Ariko rero, ivyo vyabaye hasigaye imyaka mikeyi ngo Yehova “azibūr[e] inda yiwe”.—Itanguriro 30:22-24.

Ivyigwa tuhigira:

25:23. Yehova arafise ubushobozi bwo kumenya utugingo ngengabuzima tw’umuntu ataranavuka no gukoresha ukwo kumenya ibintu imbere y’igihe, maze agacagura hakiri kare uwo azohitamwo ku bw’imigambi yiwe. Yamara, ntiyandikira abantu ibizobashikira.—Hoseya 12:3; Abaroma 9:10-12.

25:32, 33; 32:24-29. Kuba Yakobo yaritwararitse ivyo kuba samuragwa n’ukuntu yanyinyanye n’umumarayika ijoro ryose kugira ngo aronke umuhezagiro, birerekana ko yaha agaciro vy’ukuri ibintu vyeranda. Yehova yaraturonkeje ibintu vyinshi vyeranda, nk’ubucuti dufitaniye na we be n’ishirahamwe ryiwe, incungu, Bibiliya n’icizigiro cacu c’Ubwami. Ese twokwerekana ko tumeze nka Yakobo mu kugaragaza ko tubiha agaciro.

34:1, 30. Icago ‘cakwegeye ibara’ Yakobo caje kubera Dina yagiraniye ubugenzi n’abantu batakunda Yehova. Dutegerezwa guhitamwo abagenzi tubigiranye ubukerebutsi.

YEHOVA YARAHEZAGIYE YOZEFU MU MISIRI

(Itanguriro 37:1–50:26)

Ishari ryatumye abahungu ba Yakobo bagurisha mwenewabo Yozefu aba umuja. Mu Misiri, Yozefu yaratawe mw’ibohero kubera yumiye ku ngingo mfatirwako z’Imana zijanye n’inyifato runtu abigiranye ubwizerwe n’uburindutsi. Mu nyuma, yarakuwe mw’ibohero kugira ngo aje gusobanura indoto za Farawo, izabura imyaka indwi y’agahimbo yokurikiwe n’imyaka indwi y’amapfa. Yozefu ico gihe yajejwe ibigega vy’ibifungurwa mu Misiri. Benewabo baraje mu Misiri bazanywe no kurondera ibifungurwa kubera amapfa. Uwo muryango warasubiye kuja hamwe hanyuma ucumbika ahantu himbuka h’i Gosheni. Yakobo ari ku mpfiro, yarahezagiye abahungu biwe yongera aravuga ubuhanuzi bwatanga icizigiro ntakekeranywa c’imihezagiro ihambaye yobashitseko mu binjana vyokurikiye. Ikiziga ca Yakobo cafubwe i Kanani. Igihe Yozefu yapfa afise imyaka 110, ikiziga ciwe carasizwe amavuta atuma kitabora, amaherezo barakijana mu Gihugu c’Isezerano.—Kuvayo 13:19.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

43:32—Ni kubera iki gusangira ibifungurwa n’Abaheburayo wari umuziro ku Banyamisiri? Ivyo bishobora kuba ahanini vyatumwa n’umwikeko ushingiye kw’idini canke n’ubwibone bushingiye ku bwoko. Abanyamisiri kandi baranka urunuka abungere (Itanguriro 46:34). Kubera iki? Abungere bashobora gusa kuba bari abantu bagayitse mu Misiri. Canke bishobora kuba vyatumwa n’uko, kubera ubwatsi bwo kurima bwari buto, Abanyamisiri barakengera abantu barondera uburagiro bw’amasho.

44:5—Yozefu yoba mu vy’ukuri yakoresha igikombe mu gusigura ibizoba? Igikombe c’ifeza be n’ivyakivuzweko bishobora kuba vyari mu bigize uruyeri canke umutego. Yozefu yari umusavyi w’umwizigirwa wa Yehova. Ntiyakoresha vy’ukuri igikombe mu gusigura ibizoba, nk’uko na Benyamini mu vy’ukuri atacivye.

49:10—“Icumu ry’ubugabe” be n’“inkoni yo kuganza” vyasobanura iki? Icumu ry’ubugabe yari inkoni umutegetsi yitwaza bwa kimenyetso c’ubukuru bwa cami. Inkoni y’ukuganza yari inkoni ndende yamuha ububasha bwo gutegeka. Kuba Yakobo yaravuze ivyo bintu, vyerekana yuko ubukuru n’ububasha bikomeye vyokwamye ku muryango wa Yuda gushika Shilo aje. Uwo muntu akomoka kuri Yuda ni Yezu Kirisitu, umwe Yehova yaha ubutegetsi bwo mw’ijuru. Kirisitu arafise ubukuru bwa cami be n’ububasha bwo gutegeka.—Zaburi 2:8, 9; Yesaya 55:4; Daniyeli 7:13, 14.

Ivyigwa tuhigira:

38:26. Yuda yagize nabi mu vyo yagiriye umukazana wiwe w’umupfakazi Tamari. Ariko rero, igihe yamenya ko iyo nda ari iyiwe, Yuda yaremeye ikosa yicishije bugufi. Na twebwe dukwiye kwihutira kwemera amakosa yacu.

39:9. Inyifato Yozefu yagize imbere y’umugore wa Potifari yerekanye yuko ivyiyumviro vyiwe vyari bihuje n’ivyiyumviro vy’Imana ku bijanye n’inyifato runtu kandi yuko ijwi ryiwe ryo mu mutima ryarongorwa n’ingingo ngenderwako z’Imana. None ubwo tweho ntitwokwihata nk’ukwo nyene uko dukura mu bumenyi ntagakosa bwerekeye ukuri?

41:14-16, 39, 40. Yehova arashobora gutuma ibintu bihinduka ku bantu bamutinya. Igihe hateye ivyago, vyoba biranga ubukerebutsi twizigiye Yehova maze tukaguma turi abizerwa kuri we.

Bari bafise ukwizera kutanyiganyiga

Aburahamu, Isaka, Yakobo na Yozefu bari abantu vy’ukuri batinya Imana bafise ukwizera. Inkuru ivuga ubuzima bwabo iri mu gitabu c’Itanguriro, irakomeza ukwizera vy’ukuri ikongera ikatwigisha ivyigwa vyinshi vy’agaciro.

Urashobora kwungukira kuri iyo nkuru uko ushitsa igikorwa cawe c’ugusoma Bibiliya kw’umushamvu ku bw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Kurimbura ivyo bihejeje kuvugwa bizogufasha kubona ko iyo nkuru atari umugani.

[Akajambo k’epfo]

a Raba ikiganiro kivuga ngo “Ijambo rya Yehova ni rizima—Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Itanguriro—1” mu nomero y’Umunara w’Inderetsi yo ku wa 1 Nzero 2004.

[Ifoto ku rup. 26]

Aburahamu yari umuntu afise ukwizera

[Ifoto ku rup. 26]

Yehova yarahezagiye Yozefu

[Ifoto ku rup. 26]

Wa mugororotsi Loti n’abakobwa biwe barazigurijwe

[Ifoto ku rup. 29]

Yakobo yaraha agaciro ibintu vyeranda, na we woba ari ukwo ubigenza?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika