ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/10 rup. 28-31
  • Yakobo yaraha agaciro ivy’impwemu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yakobo yaraha agaciro ivy’impwemu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yari atandukanye cane na mwenewabo
  • Yakirwa na Labani
  • Ahezagirwa na Yehova
  • Woba witeguriye kunyinyana?
  • Yakobo Aja i Harani
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yakobo na Esawu basubira gukundana
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yakobo Ari n’Abana Benshi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Amahasa Adasa
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/10 rup. 28-31

Yakobo yaraha agaciro ivy’impwemu

UBUZIMA bwa Yakobo bwuzuye umuryano be n’amakuba. Kubera ishavu rikaze rya mwenewabo ryo gushaka kumwica, bitumye Yakobo ahunga kugira akize ubuzima. Aho kwabira umukobwa akunda, baramuhenze, abanje kwabira uwundi, amaherezo agira abagore bane kandi bivamwo ingorane nyinshi (Itanguriro 30:1-13). Imyaka 20 ayimaze akorera umuntu amurya imitsi. Aranyinyanye n’umumarayika maze ahakura imvune idahera. Umukobwa wiwe afashwe ku nguvu, abahungu biwe bakweze ubwicanyi, aranarira kubera abuze bimwe bibabaje umuhungu wiwe n’umugore wiwe yakunda. Kubera ukwimukira ahandi kandi ashaje kugira ahunge ikigoyi, ariyemereye yuko imisi yiwe yabaye “mike kandi mibi” (Itanguriro 47:9). Naho ashikirwa n’ibintu bimeze gute, Yakobo ni umuntu akomeye mu vy’impwemu yizigira Imana. Yoba yashize ukwizera kwiwe ahatari ho? Ni igiki twigira ku kurimbura ibintu bimwebimwe gusa mu vyashikiye Yakobo?

Yari atandukanye cane na mwenewabo

Icatumye Yakobo atumvikana na mwenewabo, ni uko yaha agaciro ivy’impwemu mu gihe Esau we yabisuzugura. Yakobo yaritwararika umuhango w’isezerano wahawe Aburahamu, maze arakorana umutima wiwe wose kugira abungabunge umuryango Imana yavuze ko wobaye samuragwa. Yehova rero ‘yaramukunze’. Yakobo ‘ntiyagira umugayo’, iyo ikaba ari imvugo ishaka kwerekana yuko yari ahebuje mu vy’inyifato runtu. Esau wewe yitaho buhoro intoranwa yiwe yo mu vy’impwemu ku buryo bw’uko yayigurishije kuri Yakobo ku kantu ata co kavuze. Igihe Yakobo, ashigikiwe n’Imana, yasaba ivyiwe maze akaronka umuhezagiro wari uwa mwenewabo, Esau yaciye arakara agomba kwihora. Yakobo yaciye ata ab’iwabo bose, mugabo ivyakurikiye, nta gukeka ko vyamugaruriye agatege.​—Malaki 1:2, 3; Itanguriro 25:27-34; 27:1-45.

Mu ndoto, Imana yareretse Yakobo abamarayika baduga bongera bamanukira ku curirizo, canke “ingazi y’amabuye agerekeranye”, cari hagati y’ijuru n’isi, iranavuga yuko yokingiye Yakobo n’urubuto rwiwe. Yavuze iti: “Muri wewe no mu ru[but]o rwawe ni ho imiryango yose yo mw isi izo[kwihesh]a umugisha. Kand’ehe rāba ndi kumwe nawe, nzokuzigamira ah’uzoja hose, kandi nzokugarukana mur’iki gihugu; kuko ntazokureka ntarakora ivyo nkubariye”.​—Itanguriro 28:10-15, NW, akajambo k’epfo.

Ese ukuntu vyari ibisubiriza umutima mu nda! Yehova yaremeje yuko imihango yahawe Aburahamu na Isaka yotungishije mu buryo bw’impwemu umuryango wa Yakobo. Yakobo yaramenyeshejwe yuko abamarayika bashobora gufasha abemewe n’Imana, vyongeye yarakuwe amazinda yuko Imana yomukingiye. Mu kwerekana ko akengurutse, Yakobo yaragize indagano yo kuba umwizerwa kuri Yehova.​—Itanguriro 28:16-22.

Yakobo ntiyatwaye intoranwa ya Esau ku nguvu. Imbere y’uko abo bahungu bavuka, Yehova yavuze yuko ‘Bukuru yoshumbiye Butoyi’ (Itanguriro 25:23). Hari uwobaza ati: ‘Ntivyari kworoha none iyo Imana ituma Yakobo ari we abanza kuvuka?’. Ivyakurikiye birigisha ukuri guhambaye. Imana ntibikira imihezagiro abumva yuko bayifitiye uburenganzira, mugabo iragirira abo yihitiyemwo ubuntu batabereye. Ivy’ukuba samuragwa vyaciye rero bija kuri Yakobo, atari kuri mukuru we, uwutabiha agaciro. Muri ubwo buryo nyene, kubera yuko Abayuda b’imvukira uko bari bagize ihanga bagaragaje agatima nk’aka Esau, basubirijwe Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu (Abaroma 9:6-16, 24). Umuntu ntiyigera atorana ukugiranira ubucuti bwiza na Yehova muri iki gihe ata kigoro agize, naho yoba yavukiye mu muryango canke ahantu batinya Imana. Abipfuza bose kuronka imihezagiro y’Imana, bategerezwa kurwana urugamba kugira babe abantu bashimwa na yo, bakenguruka koko ibintu vy’impwemu.

Yakirwa na Labani

Yakobo ashitse i Padan-aramu arondera umugeni mu ncuti ziwe, yarahuye na muvyarawe Rakeli, umukobwa wa Labani kw’iriba, maze akurako ikibuye cari kiripfundikiye kugira avomere amazi ibitungwa uwo mukobwa yari aragiyea. Rakeli yaciye anyaragasa i muhira kumenyesha ko Yakobo aje, Labani na we aca yirukanga kumusanganira. Nimba Labani yari yibutse ubutunzi umuryango wiwe waronse ubuhawe n’umusuku wa Aburahamu, emwe yarazerutse kubera yuko Yakobo yari iminwe misa. Mugabo Labani biraboneka ko yabonye ikintu ashobora kumukurako, na kwo kukaba kwari ukumukoresha yivuye inyuma.​—Itanguriro 28:1-5; 29:1-14.

Yakobo yariganye inkuru yiwe. Ntibitomorwa nimba yaracishijemwo uruyeri yakoresheje kugira aronke uburenganzira bwo kuba samuragwa, mugabo Labani amaze kwumva “ivyabaye vyose”, yavuze ati: “N’ukuri ur’ubura bganje”. Incabwenge imwe yavuze yuko iyo mvugo ari ubutumire buranga igishika Yakobo yahawe bwo kuhaguma canke ko ari ukwemera icese yuko ubucuti bw’amaraso bwategeka Labani kumukingira. Uko biri kwose, Labani ntiyatevye kubona ukuntu yorya imitsi mwishwawe.

Labani yatanguje ikintu cobaye umuzi w’amahane mu myaka 20 yokurikiye. Yabajije ati: “Mbega kuko dufitaniye akamwe, ico cotuma unkorera ku busa? Enda mbarira: nze nkugerere iki?”. Naho Labani yigize inarume w’umugiraneza, ubucuti bushingiye ku maraso yari afitaniye na Yakobo yabuhinduyemwo amasezerano y’ukumukorera. Kubera ko Yakobo yakunda cane Rakeli, yishuye ati: “Nzogukorera imyaka ndwi, uz’umpe umwigeme wawe mutoya Rakeli”.​—Itanguriro 29:15-20.

Muri iyo misi umuntu yĕmererwa umugeni abanje guha inkwano umuryango w’umukobwa. Mu nyuma Ivyagezwe vya Musa vyashinze yuko hatangwa shekeli z’ifeza 50 ku mukobwa yaba yafashwe ku nguvu akiri isugi. Incabwenge yitwa Gordon Wenham yiyemerera yuko iyo yari yo “nkwano ntarengwa” mugabo yuko inkwano nyinshi zaba ziri “munsi cane y’iyo” (Gusubira mu vyagezwe 22:28, 29). Yakobo ntiyari ashoboye gutanga amahera. Yaciye yemera gukorera Labani imyaka indwi. Wenham abandanya ati: “Kubera yuko abakozi badakora imisi yose baronka shekeli imwe n’igice ku kwezi mu bihe vya Babiloni ya kera (kuva kuri shekeli 42 gushika ku 84 mu myaka indwi yuzuye), Yakobo yahaye Labani inkwano nini cane kugira amuhe Rakeli”. Labani yaciye yemera adahigimanga.​—Itanguriro 29:19.

Imyaka indwi yabaye nk’“imisi mikeya” kuri Yakobo kubera yakunda cane Rakeli. Mu nyuma yarasavye umugeni wiwe yari yitwikiriye, ntiyicura na gato uruyeri rwa Labani. Iyumvire nawe ingene yumvise avunitse umutima mu gatondo asanze ataryamanye na Rakeli, ariko yaryamanye na mukuruwe Leya! Yakobo yabajije ati: “Ivyo wangize n’ibiki? Sinagukoreye kuri Rakeli? Icatumye umpenda n’iki?”. Labani yishuye ati: “I wacu ntibagenza bartyo, gutanga umutoya umukuru akir’aho. Mara imisi ndwi yo mu nkinga, mwe n’uyo, duheze tuguhe uwundi na we, nawe uzunkorere iyindi myaka ndwi” (Itanguriro 29:20-27). Kubera yuko Yakobo ata kundi yari kubigira kandi akaba yari yamaze kurugwamwo, nta kundi yari kubigenza atari ukwemera ivyo bamusavye nimba yashaka Rakeli.

Iyo yindi myaka indwi ntiyabaye nk’iya mbere, yo yari ibishe. Yakobo yari gushobora gute kwirengagiza uruyeri rwa Labani? Bite ho kuri Leya, uwari yarugizemwo uruhara? Birumvikana ko Labani atari arajwe ishinga n’amarushwa Leya na Rakeli bari bagiye kujamwo. Yari arajwe ishinga n’ivyiwe. Akababaro Rakeli yari afise kariyongereyeko ishari igihe Leya yavyara ningoga na ningoga abahungu bane yikurikiranya, mu gihe Rakeli we atari bwavyare. Rakeli, kubera ko yari ashashaye cane kuronka abana, yaciye atanga incoreke yiwe ngo imuvyarire, maze kubera uguhiganwa, Leya na we aca agira nk’ukwo nyene. Yakobo yasanze afise abagore 4, abana 12 n’urugo rutagiramwo agahimbare. Yamara, Yehova yariko atuma aba ihanga rikomeye.​—Itanguriro 29:28–30:24.

Ahezagirwa na Yehova

Naho Yakobo yashikirwa n’ibigeragezo, yarabona ko Imana yari kumwe na we nk’uko yabimusezeraniye. Na Labani yarabibona kubera yuko ibitungwa bikeyi yari afise igihe Yakobo yashika vyiyongereye bikaba isinzi igihe cose vyitwararikwa na mwishwawe. Kubera yuko Labani atashima kurekura Yakobo ngo agende, yamusavye kumucira ingero yomugerera yongeye kumukorera, Yakobo akaba yaciye asaba ibitungwa bifise amabara vyisangije vyavutse mu mukuku wa Labani. Bivugwa yuko muri ako karere, mu bisanzwe wasanga intama zera, impene na zo zikirabura canke zigasa n’uruvuvu; nkeyi gusa ni zo wasanga zifise amabara avanze. Kubera ko Labani yiyumviriye yuko ari ingero ntoyi, yaremeye ata guhigimanga, aca arasobanura mu bitungwa vyiwe ibitungwa vyose bifise amabara vyisangije, avyigiza kure kugira ntibivangane n’umukuku usigaye Yakobo yaragira. Biboneka ko yiyumvira yuko Yakobo ata nyungu nini yokuye muri ayo masezerano, ko atoronse n’ibice 20 kw’ijana vy’imyagazi y’impene n’iy’intama abungere ba kera bahembwa. Mugabo Labani yarihenda kubera yuko Yehova yari kumwe na Yakobo.​—Itanguriro 30:25-36.

Biyobowe n’Imana, Yakobo yaravukisha ibitungwa vyizavyiza bifise ya mabara nyene yarondera (Itanguriro 30:37-42). Ivyiyumviro yari afise ku vy’ukurondora ibitungwa ntivyari bifashe. Ariko rero, nk’uko incabwenge Nahum Sarna abisigura, “mu buryo buhuye na siyansi, umuntu ashobora kuronka ivyo arondera mu guhuza . . . ibitungwa vy’ibara rimwe vyavukanye utubuto mbikakamere tw’inguvu nke akabona kuronka ibitungwa vy’utudorodonzi”, kandi “ibitungwa nk’ivyo vy’imvange bibonekera ku . . . bukomezi bifise”.

Labani amaze kubona ukuntu bigenze, yaragerageje guhindura ya masezerano ajanye n’ibitungwa vyokwegukiye mwishwawe, ni ukuvuga ibifise amabara y’imihiro, y’utudorodonzi, canke amabara y’uruvange. Yariko yironderera inyungu yiwe bwite, mugabo uko Labani yahindura kwose nya masezerano, Yehova yaritwararika yuko Yakobo aguma asagamba. Nta kindi Labani yakora atari ukumurira imisaya. Yakobo ntiyatevye kuronka ubutunzi bwinshi, amasho menshi, abasuku benshi, ingamiya nyinshi be n’indogoba nyinshi, bitavuye ku buhinga bwiwe, ariko bivuye ku kuba yari afashwe mu mugongo na Yehova. Mu nyuma yasiguriye Rakeli na Leya ati: “So yagiye angunga, ahindura ingero zanje ibihetangabo cumi; arikw Imana ntiyamukundiye kugira ico ankorako . . . Imana yanyaze so ibitungwa vyiwe, i[r]abimpa”. Yehova kandi yarakuye amazinda Yakobo yuko yabona ibintu vyose Labani yariko aramugirira, mugabo yuko bitari bikenewe ko ahagarika umutima. Imana yamubwiye iti: “Subira mu gihugu canyu, no muri bene wanyu, . . . Nanje nzokugirira neza”.​—Itanguriro 31:1-13; 32:9.

Yakobo amaherezo amaze kwikura mu vyara vy’umuhumvyi Labani, yaciye agenda yerekeza iwabo. Naho hari haciye imyaka 20, yari agitinya Esau, kandi yarushirije kugira ubwoba igihe yumva yuko Esau yariko yegereza azananye n’abantu amajana ane. Yakobo yari gukora iki? Kubera ko yama ari umuntu akunda ivy’impwemu kandi akizigira Imana, yakoranye ukwizera. Yarasenze, aremera icese ko atari abereye ugutanga kwa cane kwa Yehova yongera aringinga Imana yishimikije umuhango yari yaramuhaye w’uko we n’umuryango wiwe yobarokoye mu maboko ya Esau.​—Itanguriro 32:2-12.

Haciye haba ibintu atari yiteze. Hari umuntu Yakobo atari azi, uwahavuye amenyekana ko ari umumarayika, yaniganye na we ijoro ryose, amukozeko rimwe gusa ku mutsi wo ku nyonga y’itako ryiwe, Yakobo aca arahinyagara. Yakobo yaranse kurekura uwo mumarayika atamuhezagiye. Umumenyeshakazoza Hoseya mu nyuma yavuze ko Yakobo ‘yamuririye, amwinginga’ (Hoseya 12:2-4; Itanguriro 32:24-29). Yakobo yari azi yuko ukubonekerwa n’abamarayika kwabaye imbere y’aho kwari kwerekeye iranguka ry’isezerano rya Aburahamu biciye ku rubuto rwiwe. Ni co gituma yihase, ararwana bimwe bikomeye kugira aronke umuhezagiro. Ico gihe, Imana yarahinduye izina ryiwe, irigira Isirayeli, bisobanura “Uwunyinyana n’Imana (Uwumira ku Mana)” canke “Imana iranyinyana”.

Woba witeguriye kunyinyana?

Kunyinyana n’umumarayika hamwe n’uguhura na Esau si yo makuba yonyene Yakobo yabwirijwe gutsinda. Yamara, ivyo twarimbuye hano birerekana ukuntu yari ameze. Mu gihe Esau atihanganiye inzara kugira azigame ivy’ukuba samuragwa kwiwe, Yakobo we yaranyinyanye mu buzima bwiwe bwose kugira aronke imihezagiro, mbere arananyinyana n’umumarayika. Nk’uko Imana yabisezeranye, Yakobo yararonse ubuyobozi be n’uburinzi biva ku Mana, aracika uwukomokwako n’ihanga rikomeye, aba na sekuruza wa Mesiya.​—Matayo 1:2, 16.

Woba witeguriye kwihata kugira ngo utoneshwe na Yehova, nk’aho woba uriko urabinyinyanira? Ubuzima muri iki gihe bwuzuye ingorane n’amakuba ku bantu bashaka gukora ivyo Imana igomba, kandi rimwe na rimwe usanga ari urugamba gufata ingingo zibereye. Ariko rero, akarorero keza Yakobo yasize karadusunikira bimwe bikomeye ku kwumira ku cizigiro c’impera Yehova yadushize imbere.

[Akajambo k’epfo]

a Ukwo guhura kwabaye nk’igihe nyina wa Yakobo ari we Rebeka yavomera amazi ingamiya za Eliyezeri. Maze Rebeka yirukanga i muhira kumenyesha ko hari ingenzi ije. Labani abonye ibintu vy’inzahabu mushikiwe yari yaronseko ingabirano, yaciye yirukanga guha ikaze Eliyezeri.​—Itanguriro 24:28-31, 53.

[Amafoto ku rup. 31]

Mu buzima bwiwe bwose, Yakobo yaranyinyanye kugira aronke imihezagiro

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika