ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/10 rup. 20-24
  • Rwaruka: Nimureke abavyeyi banyu babafashe kurinda imitima yanyu!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Rwaruka: Nimureke abavyeyi banyu babafashe kurinda imitima yanyu!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni kubera iki ukwiye kugamburukira abavyeyi bawe?
  • Gukwegerwa n’abo mudasangiye igitsina
  • Ububasha bwo kujijura bw’urunganwe rwawe
  • Barakwiye guterwa iteka
  • Kunezereza Umutima w’Abavyeyi
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Rwaruka, ivyo mukora biragira ico bikoze ku mutima w’abavyeyi banyu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Nokora iki abavyeyi banje bashwanye?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Bavyeyi, nimurere abana banyu mubigiranye urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/10 rup. 20-24

Rwaruka: Nimureke abavyeyi banyu babafashe kurinda imitima yanyu!

WIBAZA ko ingorane ikomeye kuruta izindi iraza ishinga umukapitene w’ubwato ari iyihe? Yoba ari iyo kuza kujabuka ibahari amahanga ata nkomanzi? Kenshi usanga atari iyo. Ubwato bwinshi ntibukunda gusabira hagati mw’igezi, ahubwo bukunda gusabira amaja ku nkengera. Kukaba nkako, gushikana ubwato ku kivuko bishobora gutera impanuka kuruta kwururutsa indege ku kibuga. Uti kubera iki?

Imbere y’uko umukapitene ashikana ubwato ku kivuko kanaka ata nkomanzi, ategerezwa kwirinda ingeramizi zose zoba ziri muri ico kivuko. Ategerezwa kuba azi ukuntu amazi yo munsi yiruka, muri ico gihe nyene akirinda guseka ubundi bwato. Ategerezwa kandi gukwepa ibirundo vy’umusenyi, ibitandara canke ibisigarira vy’ubwato, biri munsi y’amazi. Vyongeye, igishobora gutuma ivyo birushiriza kugora, hari igihe usanga ari bwo bwa mbere ashika kuri ico kivuko.

Kugira ngo atsinde izo ngorane, umukapitene w’inkerebutsi arashobora kurondera umudereva w’ubwato azi neza ivy’amazi y’aho hantu kugira ngo amufashe. Uwo mudereva ahagaragara i ruhande ya wa mukapitene mu kibanza co kunyongeramwo ubwo bwato, maze akaza aramuha ubuyobozi buranga ubuhanga. Bararabira hamwe za ngeramizi maze bagacisha ubwato mu duhora dutoduto utwo ari two twose dushikana ku kivuko.

Ubuhanga ntangere bw’uwo mudereva bugereranya imfashanyo ntangere ihari ku rwaruka rukirisu rutegerezwa gutegura ingene ruzoca mu mazi agoye gucamwo ari bwo buzima. Iyo mfashanyo ni iyihe? Ni kubera iki imiyabaga iyikeneye?

Nimuze tubandanye ca kigereranyo c’ubwato. Nimba uri umuyabaga, hari ukuntu umeze nka wa mukapitene w’ubwato mu buryo bw’uko uzoshika aho utegerezwa kwifatira mu minwe ubuzima bwawe. Abavyeyi bawe na bo bafise uruhara nk’urw’umudereva w’ubwato mu buryo bw’uko bagerageza kukuyobora mu bintu bimwebimwe bigoye kuruta ibindi vyose uzobwirizwa gucamwo mu buzima. Ariko rero, mu myaka y’ubuyabaga hari aho wosanga bigoye kwemera impanuro abavyeyi bawe baguha. Kubera iki?

Ingorane kenshi usanga ihagaze ku mutima. Umutima wawe w’ikigereranyo ushobora kugusunikira ku kwipfuza ibintu bibujijwe canke ku kwanka ikintu cose gisa n’ikikubuza umwidegemvyo. Bibiliya ivuga iti: “Imitima y’abantu yamogoreye gukora ibibi uhereye mu bgana bgabo” (Itanguriro 8:21). Yehova aratomora yuko hari ingorane nyakuri iri imbere yawe. Akuburira ati: “Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa” (Yeremiya 17:9). Turetse ko umutima witsimbatazamwo ivyipfuzo bibi, urashobora kandi kubesha uwukiri muto akiyumvira yuko azi vyinshi kurusha abavyeyi biwe kandi ari bo bazi utuntu n’utundi kumurusha. Ariko rero, hariho imvo zumvikana zotuma urondera gufashwa n’abavyeyi bawe igihe uriko usa n’uwutwara ubwato uca mu mazi ari yo myaka y’ubuyabaga itoroshe.

Ni kubera iki ukwiye kugamburukira abavyeyi bawe?

Ikiruta vyose, Yehova we yatanguje umuryango akubwira yuko ukwiye kwumvira ubuyobozi bw’abavyeyi bawe (Abanyefeso 3:15). Kubera ko Imana yashinze abavyeyi bawe ibanga ryo kukubungabunga, iguhanura iti: “Bana, mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu: kukw ivyo ari vyo bigororotse” (Abanyefeso 6:1-3; Zaburi 78:5). Naho ubu woba uri mu myaka y’ubuyabaga, abavyeyi bawe baracafise ibanga ryo kukuyobora, kandi utegerezwa kubumvira. Igihe intumwa Paulo yandika yuko abana bakwiye kwumvira abavyeyi babo, yakoresheje ijambo ry’ikigiriki rishobora gukoreshwa ku bana b’imyaka iyo ari yo yose. Nk’akarorero, nk’uko vyanditswe muri Matayo 23:37, ababa i Yeruzalemu Yezu yavuze ko ari “abana” bayo, naho benshi muri bo bari bakuze.

Abantu benshi b’abizerwa bo mu gihe ca kera barabandanya kugamburukira abavyeyi babo naho baba bamaze igihe kirekire bageze mu bigero. Naho Yakobo yari umugabo akuze, yaratahuye yuko yategerezwa kwumvira ibwirizwa rya se ryo kutubakana n’umugore adasenga Yehova (Itanguriro 28:1, 2). Nta nkeka ko Yakobo na we nyene yari yarabonye ko ingingo mukuruwe yafashe yo kwubakana n’Abanyakananikazi b’abapagani yari yaratuntuje abavyeyi biwe.—Itanguriro 27:46.

Turetse ibanga abavyeyi bawe b’abakirisu bashinzwe n’Imana ryo kukuyobora, ivyo ari vyo vyose ni bo bahanuzi bawe babishoboye kuruta abandi. Ivyo ni kubera ko ahanini bakuzi neza cane kandi bakaba bamaze imyaka itari mike bakugaragariza urukundo rutarimwo ubwikunzi. Nka kumwe kwa wa mudereva w’ubwato, bavuga ibintu bafatiye ku vyabashikiye. Ubwabo barashikiwe n’“ukwifuza kw’ubusore”. Kandi ari abakirisu b’ukuri, bariboneye agaciro ko gukurikira ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.—2 Timoteyo 2:22.

Kubera ko wifitiye hafi imfashanyo nk’iyo y’abantu bazi utuntu n’utundi, urafashwa kuvyifatamwo neza mbere no mu bintu bigoye kuruta. Fata nk’akarorero imigenderanire ugiranira n’abo mudasangiye igitsina. Abavyeyi bakirisu bashobora gute kukuyobora muri ivyo bintu bitoroshe?

Gukwegerwa n’abo mudasangiye igitsina

Abadereva bahanura abakapitene b’ubwato guca kure ibirundo vy’umusenyi biri munsi y’amazi. Ibirundo vy’umusenyi usanga vyoroshe ariko kandi birashobora guhenda umuntu kubera ko bitama ha handi. Abavyeyi bawe na bo nyene bashaka ko uca kure ibintu bishobora kukubera umutego mu bijanye n’uko wiyumva. Nk’akarorero, abavyeyi barazi yuko inyiyumvo umuntu agirira uwo badasangiye igitsina usanga zigera kure be n’uko zishobora kuba zigoye isigura. Ariko izo nyiyumvo ziramutse zivyuwe, zirashobora gutuma usaba nk’ubwato.

Akarorero ka Dina, karerekana akaga kari mu kwegereza cane ingeramizi. Kumbure ugushaka kumenya uduhita be n’icipfuzo co kwinezereza vyatumye Dina arondera kugendana n’abakobwa b’Abanyakananikazi, ata gukeka bakaba bari barashinyakaye. Ibintu mu ntango vyasa n’aho ari ukwinezereza ata co gutwaye, ntivyatevye kumukwegera akarambaraye: yarafashwe ku nguvu n’umusore wo muri ico gisagara ‘yubahwa gusumba’.—Itanguriro 34:1, 2, 19.

Ingeramizi nk’izo zunyurwa n’ibihe tubamwo bishira imbere ivy’igitsina (Hoseya 5:4). Abakiri bato benshi barashobora kwerekana ko kuryoherwa umuntu ari kumwe n’uwo badasangiye igitsina ari co kintu ceza umutima kuruta ibindi vyose. Ushobora kwezwa agatima n’ukwiyumvira uri kumwe n’umuntu ubona ko asa n’irirenga. Mugabo abavyeyi banyarukundo bazogerageza kukurinda ngo ntiwifatanye n’abakiri bato batubaha ingingo mfatirwako z’Imana.

Laura yiyemerera yuko kurondera kumenya utuntu bishobora guhuma amaso imiyabaga ntiheze ngo ibone akaga. Avuga ati: “Iyo abakobwa twigana bambwiye yuko batambanye n’abahungu bezabeza gushika mu gicugu, babivuga nk’aho ari ikintu c’intibagirwa. Ndatahura yuko kenshi barenza urugero, mugabo naho ari ukwo, nguma numva nshaka kumenya uko bigenda kandi nkiyumvira yuko kumbure ndiko ndacikwa n’ibiryoshe vyinshi. Naho nzi yuko abavyeyi banje bafise imvo yumvikana yo kumbuza kuja muri ivyo bibanza, nguma numva nkwegakwegwa”.

Ubwato nta fire bugira, bikaba rero bisaba igihe kirekire kugira buhagarare. Abavyeyi barazi yuko urukundo rw’igihababu rumeze gutyo nyene. Igitabu c’Imigani kigereranya umugabo atwarwa n’urukundo rw’igihababu n’inka ijanwa kubagwa (Imigani 7:21-23). Ntushaka kureka ngo ikintu nk’ico kigushikire, bigushikane ku gusaba nk’ubwato mu mutima no mu vy’impwemu. Abavyeyi bawe barashobora kubibona igihe umutima wawe uba watanguye kukuzimiza muri ivyo, maze bagashobora kuguha impanuro ku bijanye n’ivyo. Woba uzogira ubukerebutsi bwo kubatega yompi maze ukirinda ivyago?—Imigani 1:8; 27:12.

Urakeneye kandi gufatwa mu mugongo n’abavyeyi bawe igihe utegerezwa guhangana n’akosho k’urunganwe. Bashobora kugufasha gute?

Ububasha bwo kujijura bw’urunganwe rwawe

Umukuba ukomeye canke inguvu nyinshi z’amazi birashobora gukevya ubwato bugata inzira. Kugira ngo izo nguvu ntizijane ubwato aho badashaka, bategerezwa kubwerekeza ahandi. Muri ubwo buryo nyene, udafashe ingingo zitangira, akosho kajijura k’urundi rwaruka karashobora kugukevya mu vy’impwemu.

Nk’uko ivyashikiye Dina bivyerekana, “ūcudika n’ibipfu azokomereka” (Imigani 13:20). Wibuke ko Bibiliya ikoresha ijambo “igipfu” ishaka kuvuga umuntu atazi Yehova canke ahitamwo kutagendera mu nzira ziwe.

Ariko rero, vyoshobora kuba bitoroshe kwamirira kure ivyiyumviro vy’abo mwigana canke ingeso zabo. María José asigura ati: “Nipfuza kwemerwa n’urundi rwaruka. Kubera ko ntashaka ko biyumvira ko ntandukanye na bo, narabigana uko bishoboka kwose”. Ata n’ukubica n’ikanda, ushobora kuba uriko uroshwa n’urunganwe rwawe mu bijanye n’imiziki ukunda, ivyo wipfuza kwambara, canke mbere no mu buryo uvuga. Kumbure wumva umerewe neza uri kumwe n’abakiri bato bo mu runganwe rwawe. Ivyo ni ibisanzwe, mugabo bituma akosho kabo gakomeye gashobora kukwandukira bitagoranye, na ko kakaba gashobora kukwonona.—Imigani 1:10-16.

Uwitwa Caroline aribuka ingorane zikomeye haciye imyaka nk’ingahe ahanganye na zo. Avuga ati: “Kuva mfise imyaka 13, benshi mu bakobwa twagendana bari bafise abahungu bakundana. Namaze imyaka itari mike ndi mu mukazo wo gukurikiza akarorero kabo. Ariko rero, mawe yaranyoboye muri ico gihe kigoye. Yaramara amasaha n’amasaha anyumviriza, amfasha kuzirikana yongera amfasha kubona ko bikenewe yuko mba ndatenyenya kugira mwene iyo migenderanire gushika maze kwigirwa haruguru”.

Nk’ukwo kwa nyina wa Caroline, abavyeyi bawe barashobora kwumva ko bategerezwa kukugabisha ku vyerekeye akosho k’urunganwe canke mbere kukubuza ibikorwa bimwebimwe kibure abagenzi bamwebamwe. Nathan aribuka ingene yama yatase n’abavyeyi biwe ku bibazo nk’ivyo. Asigura ati: “Abagenzi banje barakunda kuntumira ngo dusohokane, yamara abavyeyi banje ntibashake ko nkwegana n’imigwi y’abantu benshi canke ko nja mu misi mikuru y’abantu benshi ata wubacungereye. Ico gihe, sinatahura igituma abandi bavyeyi barekerana abana kurusha abavyeyi banje”.

Ariko rero, mu nyuma Nathan yaratahuye. Yiyemerera ati: “Ndazi yuko ku binyerekeye, ‘ubupfu bwari buhambiriye ku mutima w’umwana’. Ubwo bupfu buriserura bitagoranye igihe umugwi w’abana ugendanye. Umwe aratangura agakora ikintu kibi, uwundi akarushiriza, maze uwa gatatu akiva inyuma. Abandi bose ntibateba guca bakurikira. Mbere n’abakiri bato bavuga ko basukurira Yehova barashobora kugwa muri uwo mutego”.—Imigani 22:15.

Nathan na María José, bompi bari bafise urugamba barwana n’umutima wabo igihe abavyeyi babo batabemerera gukora ivyo bahanurwa n’urunganwe rwabo. Naho ari ukwo, baragamburutse maze mu nyuma barahimbarwa n’uko bagamburutse. Hari umugani uvuga uti: “Tega ugutwi, wumvire amajambo y’abanyabgenge, kand’ushire umutima ku kumenya kwanje”.—Imigani 22:17.

Barakwiye guterwa iteka

Ubwato buhengamye buragora kuyobora. Iyo buhengamye cane hoho burashobora no kwubama bitagoranye. Kubera ko turi abanyagasembwa, twese duhengamira ku biranga ubwikunzi no ku bibujijwe. Naho abakiri bato bafise izo mpengamiro, barashobora gushikira ico twokwita ikivuko mu gihe bakurikije neza ubuyobozi bw’abavyeyi babo.

Nk’akarorero, abavyeyi bawe barashobora kugufasha kwamirira kure iciyumviro c’uko hari inzira iri hagati ya ya yindi yaga ijana mu buzima na ya yindi yagutse ijana mu mahonero (Matayo 7:13, 14). Ntivyumvikana kwiyumvira yuko ushobora kwinezereza gatoyi mu gukora ibitabereye yamara ntushike kure, ko ushobora “guhonja” yamara ntumire. Abagerageza gukurikira ingendo nk’iyo baba bariko baba “banyamujiryanino”, ni ukuvuga ko basukurira Yehova ku rugero runaka mugabo kandi bagakunda isi n’ibiri mw’isi, kandi mu vy’impwemu barashobora kwubama (1 Abami 18:21; 1 Yohana 2:15). Ni kubera iki ivyo bishika? Kubera yuko dufise impengamiro yo gukora icaha.

Ivyipfuzo twebwe abanyagasembwa dufise birakura igihe turetse bikadutwara. ‘Umutima wacu wibesha’ ntuzobumbwa no guhonja gusa. Uzodusaba ibirushirije (Yeremiya 17:9). Dutanguye kugenda akayombekere mu vy’impwemu, isi izoguma irushiriza kutugirako akosho (Abaheburayo 2:1). Woshobora kudaca n’ikanda ko uriko urahengama mu vy’impwemu, mugabo abavyeyi bawe bakirisu kumbure ntibazoreka kubibona. Ego ni ko, bashobora kuba batonyaruka nkawe mu vyo kwiga orodinateri, mugabo barazi twinshi ku kurusha ku bijanye n’umutima ugarariza. Ikindi, baripfuza kugufasha kugira ngo “urōngōre umutima wawe mu nzira” ishobora kukuronsa ubuzima.—Imigani 23:19.

Ego ni ko, ntiwoca witega ko abavyeyi bawe bazobona ibintu mu buryo butagira agahaze, igihe bategerezwa kuguha ubuyobozi mu bijanye n’ibintu bigoye nk’umuziki, ukwinezereza n’uburyo bwo kwitunganya. Abavyeyi bawe boshobora kuba badafise ubukerebutsi nka bumwe bwa Salomo canke ukwihangana nka kumwe kwa Yobu. Nka kurya kw’umudereva w’ubwato, rimwe na rimwe barashobora kurenza urugero mu vyo kugukingira. Naho vyogenda gutyo ubuyobozi bwabo buzogira agaciro niwatega yompi “inyigisho ya so, kandi ntute ibgirizwa rya nyoko”.—Imigani 1:8, 9.

Urundi rwaruka rushobora kuba rutyoza abavyeyi barwo. Yamara, nimba abavyeyi bawe bariko bihatira gukurikiza Ivyanditswe, baguma bakuri i ruhande, uko ivyawe bigereranywa n’ikiyaga vyoba vyifashe kwose, mu bihe vyose no mu makuba yose ucamwo. Nka kurya kw’umukapitene w’ubwato ahanurwa n’umudereva yakanongoreye, urakeneye ko abavyeyi bawe bakuyobora, bakwerekeza mu nzira y’ubukerebutsi. Impera zishobora kuba nyinshi cane.“Kuk’ubgenge buzokwinjira mu mutima wawe, kand’ukumenya kuzohimbara ubugingo bgawe. Amakenga azogushibamira, ugutahura kuzokuzigama, ngo bigukize inzira y’ikibi, n’abantu badadika, bata inzira zo kugororoka, ngo bagendere mu nzira z’umwiza. . . . Kukw abagororotsi bazokwībēra mu gihugu, kand’abatunganye bazokwamayo”.—Imigani 2:10-13, 21.

[Ifoto ku rup. 22]

Akosho k’urundi rwaruka karashobora kugukevya mu vy’impwemu

[Ifoto ku rup. 23]

Uribuka ivyashikiye Dina

[Ifoto ku rup. 24]

Nka kurya umukapitene w’ubwato arondera impanuro zivuye ku mudereva yakanongoreye, abakiri bato barakwiye kurondera ubuyobozi bw’abavyeyi babo

[Abo dukesha ifoto ku rup. 24]

Photo: www.comstock.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika