Rwaruka, ivyo mukora biragira ico bikoze ku mutima w’abavyeyi banyu
“NTA wundi munezero mfise uruta uyu, kwumva kw abana banje bagendera mu kuri” (3 Yohana 4). Ayo majambo yanditswe n’intumwa Yohani, uwari yitereye mu myaka. Naho abana bavugwa muri ico canditswe ari abigishwa bakirisu, umuvyeyi atinya Imana arashobora gutahura bitagoranye inyiyumvo Yohani yari afise. Nka kurya nyene abavyeyi bagira ikintu gihambaye bakoze ku buzima bw’abana babo, ni ko n’abana bagira ikintu gihambaye bakoze ku buzima bw’abavyeyi babo.
Umwami Salomo wa Isirayeli yari azi ukuntu abana bashobora kugira ikintu kinini bakoze ku bavyeyi babo. Yanditse ati: “Umwana w’ubgenge anezereza se, arik’umwana w’igipfu ababaza nyina” (Imigani 10:1). Ni co gituma abana bose, ushizemwo mbere n’abakuze, vyoba vyiza barimbuye ico ivyo bakora bishobora kugira ku bavyeyi babo. Ni kubera iki none ivyo bibereye?
Iyumvire gatoyi utwigoro twose abavyeyi bawe batinya Imana bagize mu kukurera! Batanguye kukwitwararika no gusenga ku bikwerekeye utaranavuka. Umaze kuvuka, abavyeyi bawe bompi barahimbawe no kugiranira nawe ubucuti bukomeye kandi birashoboka ko bakengurukiye Imana kubera ako gateka keza igitangaza, yamara gahambaye, ibateye ko kukubera umuvyeyi bongera barayikengurukira kubera ibanga ryiza, ariko rihambaye, ibashinze ryo kukurera. Ico gihe babwirizwa kwitwararika akana gatoyi ata co kishoboje, kandi kubera ko ari abasavyi ba Yehova barabona ko ivyo bihambaye.
Kubera ko abavyeyi bawe ari abakirisu b’ukuri, barisunze Bibiliya be n’ibitabu bishingiye kuri yo kugira ngo baronke ubuyobozi bwo kwizigirwa bongera barasaba impanuro abandi bavyeyi. Barabandanije kandi kubwira Imana mw’isengesho ibibaraje ishinga ku bikwerekeye (Abacamanza 13:8). Uko wagenda urakura, ni ko abavyeyi bawe bagenda baramenya kamere zawe nziza ariko kandi ntibabuze no kumenya kamere zawe mbi (Yobu 1:5). Ushitse mu myaka y’ubuyabaga haradutse izindi ngorane. Rimwe na rimwe ushobora kuba waragararije, ivyo bikaba vyatumye abavyeyi bawe barushiriza gusenga, gusoma no kuzirikana ku kuntu bogufasha ngo ubandanye gusenga So wawe wo mw’Ijuru Yehova.
Abavyeyi bawe ntibigera bareka kukugaragariza igishika ca kivyeyi. Barabandanya kwitwararika ivy’uko womererwa neza haba mu vy’umubiri, mu bwenge, mu kuntu wiyumva be no mu vy’impwemu, mbere n’aho woba umaze gukura. Ariko rero muri ico gihe cose, abavyeyi bawe baribuka yuko ari wewe ubwawe wihitiramwo ingendo wokurikira mu buzima be n’uko batazi ukuntu ubuzima bwawe buzogenda. Uko biri kwose, ni wewe uzokwihitiramwo ingendo uzokurikirana.
Wumva none bitumvikana umuntu avuze yuko ata “wundi munezero” abavyeyi bafise uruta uwo kwumva ko abana babo “bagendera mu kuri”? Wumva kandi bitumvikana umuntu avuze yuko abavyeyi bababara igihe abana babo batagendeye mu kuri? Nkako, abana bakora ivy’ubupfu batuma abavyeyi babo bagira intuntu. Salomo yavuze ati: “Umwana w’igipfu n’umubabaro kuri se, kandi n’agaterantuntu kuri nyina yamuvyaye” (Imigani 17:25). Urazi ga ntuze intuntu abavyeyi bagira igihe umwana ahevye gusenga Imana y’ukuri!
Biribonekeza ko mwebwe urwaruka mugira ikintu kinini mukoze ku bo mu muryango wanyu be no ku bandi. Inyifato yanyu iragira ico ikoze kinini ku mutima w’abavyeyi banyu. Nimwatera akagere Imana be n’ingingo ngenderwako zayo, bizobabaza abavyeyi banyu. Ariko rero, nimwaguma muri intahemuka kuri Yehova mukongera mukaguma mumugamburukira, bizobanezereza. Nimwiyemeze kunezereza umutima w’abavyeyi banyu! Wumva hari iyindi ngabirano y’agaciro kuruta mwoshobora guha ababareze, bakabakingira kandi babakunda?