“Ugēndūre iki gihugu”
“Ugēndūre iki gihugu iyo kiva kikagera”.—Itanguriro 13:17.
1. Ni ikintu gihambaye ikihe Imana yabwirije Aburahamu?
WOBA ukunda gutembera mu mitumba, kumbure ugafata urugendo uri mu muduga mu mpera z’umushamvu? Abandi bashima gufata urugendo bari kw’ikinga kugira ngo babe barinonora imitsi bongere bihweze ahantu hatandukanye bitonze. Abandi na bo bahitamwo gutembera n’amaguru nka bwo buryo bwo kumenya akarere no kukanezerererwa. Ingendo bene izo akenshi usanga atari ndende cane. Mugabo iyumvire ingene Aburahamu ategerezwa kuba yarumvise amerewe, aho Imana imariye kumubwira iti: “Va hasi, ugēndūre iki gihugu iyo kiva kikagera, kukw ari wewe nzogiha”!—Itanguriro 13:17.
2. Aburahamu amaze kuva mu Misiri yagiye hehe?
2 Rimbura ukuntu ibintu vyari vyifashe igihe ayo majambo yavugwa. Aburahamu ari kumwe n’umukenyezi wiwe be n’abandi, yari yagiye kuba arabaye mu Misiri. Mw’Itanguriro ikigabane ca 13 hatubwira ko bavuye mu Misiri bimurira imikuku yabo i “Negebu”. Ubukurikira Aburahamu “agenda aratāhira, ava i Negebu arinda ashika i Beteli”. Igihe havyuka ingorane hagati y’abungere biwe n’ab’umuhungwabo Loti kandi bikibonekeza yuko abo babiri botegerejwe kurondera amaragiriro abiri atari hamwe, Aburahamu abigiranye inda nziza yararetse Loti aba ari we abanza gutora. Loti yahisemwo “ikiyaya . . . co kuri Yorodani”, kikaba cari ikiyaya gitotahaye “cari kimeze nka rya tongo ry’Uhoraho”, mu nyuma na ho aja kuba i Sodomu. Imana yabwiye Aburahamu iti: “Unamura amaso yawe, uhēre ah’uhagaze aho, witegereze i burārūko n’i bumanuko n’i burasirazuba n’i burengerazuba”. Aburahamu ari ahantu hakirurutse i Beteli, yarashobora kubona iyindi mihingo y’ico gihugu. Yamara, ntivyari kugarukira aho. Imana yamusavye ‘kugendura ico gihugu’ maze akamenya ukuntu giteye be n’intara zaco.
3. Ni kubera iki bishobora kuba bigoye gusa n’uwubona mu bwenge ingendo Aburahamu yagize?
3 Urugero urwo ari rwo rwose Aburahamu yashikanyeko mu kugendura Igihugu c’Isezerano imbere y’uko ashika i Heburoni, ico gihugu ategerezwa kuba yari akimenyereye kurusha benshi muri twebwe. Zirikana ku bibanza vyavuzwe muri iyo nkuru ari vyo: Negebu, Beteli, Intara ya Yorodani, Sodomu na Heburoni. Vyoba bikugora gusa n’uwubona mu bwenge aho mwene utwo turere twari duherereye? Benshi birabagora kubera yuko mu basavyi ba Yehova ari bake bashoboye kugendera ibibanza basoma muri Bibiliya, bakagendura ico gihugu iyo kiva kikagera. Naho ibintu biri ukwo, turafise imvo yotuma twitwararika cane ivyo kumenya ivyerekeye ibibanza bivugwa muri Bibiliya. Uti kubera iki?
4, 5. (a) Mu Migani 18:15 hafitaniye isano gute n’ukumenya be n’ugutegera ibihugu bivugwa muri Bibibiliya? (b) Ibivugwa muri Zefaniya ikigabane ca 2 vyerekana iki?
4 Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Umutima w’umukerebutsi uronka ubgenge, n’ugutwi kw’abanyabgenge na kwo ni co kurondera” (Imigani 18:15). Hariho ivyigwa vyinshi bishobora gutuma umuntu aronka ubwenge ari bwo bumenyi, mugabo ubumenyi ntagakosa bwerekeye Yehova Imana be n’ivyo akora ni bwo buhambaye rwose. Nta mazinda yuko ivyo dusoma muri Bibiliya ari vyo shimikiro ry’ubwo bumenyi (2 Timoteyo 3:16). Ariko rero, urabona yuko hajamwo n’ubukerebutsi canke ugutegera. Ugutegera ni ubushobozi bwo kuraba mu kibazo kinaka, gutahura canke gutegera isano riri hagati y’ico kibazo n’ibihimba bikigize. Ivyo birakora ku bintu vyabayeho koko bijanye n’ibibanza bivugwa muri Bibiliya. Nk’akarorero, benshi muri twebwe turazi aho Egiputa canke Misiri iri. Mugabo dutegera ku rugero rungana iki amajambo avuga yuko Aburahamu yavuye mu Misiri akaja “i Negebu”, mu nyuma akaja i Beteli, hanyuma akaja i Heburoni? Woba utegera isano ivyo bibanza bifitaniye?
5 Canke ushobora kuba warakurikiranye urutonde rwo gusoma Bibiliya rwarimwo Zefaniya ikigabane ca 2. Ngaho wahasomye amazina y’ibisagara, ay’abantu, n’ay’ibihugu nka Gaza, Ashikeloni, Ashidodi, Ekuroni, Sodomu, na Ninewe hamwe na Kanani, Mowabu, Amoni na Ashuri. Ivyo bibanza vyose biravugwa muri ico kigabane kimwe. Vyoba vyaragushobokeye kubona mu bwenge ivyo bibanza vyabayemwo abantu bazwi, abantu bagize uruhara mw’iranguka ry’ubuhanuzi bwavuye ku Mana?
6. Ni kubera iki abakirisu bamwebamwe bahavuye baha agaciro amakarata (Raba uruzitiro.)?
6 Abatohoji b’Ijambo ry’Imana benshi barungukiye cane ku gusuzuma amakarata y’ibihugu bivugwa muri Bibiliya. Ivyo ntibabigira kubera gusa bashimishwa n’amakarata, ahubwo babigira kubera batahura yuko bakoresheje amakarata, bashobora kwongereza ubumenyi bwabo bwerekeye Ijambo ry’Imana. Amakarata arashobora kandi kubafasha kwongereza ugutahura kwabo, bakabona ingene ibintu basanzwe bazi bifitaniye isano n’ayandi makuru. Igihe tuzoba turiko turarimbura uburorero bumwebumwe, uraza kumbure kurushiriza gukengurukira Yehova no kurushiriza gutahura inkuru ziri mw’Ijambo ryiwe.—Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 14.
Uburebure bw’ingendo zagizwe buri n’ico buvuze
7, 8. (a) Ni ikintu ikihe gitangaje Samusoni yakoze kijanye n’igisagara ca Gaza? (b) Ni amakuru ayahe ashobora kwongereza uburemere bw’ivyo Samusoni yakoze? (c) Kumenya no gutegera inkuru ivuga ivya Samusoni bishobora kudufasha gute?
7 Mu Bacamanza 16:2, havuga ivya wa Mucamanza Samusoni igihe yari i Gaza. Izina Gaza rikunze kuvugwa mu makuru muri kino gihe, ari co gituma ushobora kuba ufise iciyumviro co muri rusangi c’aho Samusoni yari ari, mu karere k’Ubufilisitiya hafi y’Inkengera ya Mediterane. [11] Ubu na ho reka turabe ibivugwa mu Bacamanza 16:3: “Samusoni ariryamira gushitsa mu gicugu; hageze mu gicugu aravyuka, afata inzugi z’irembo ry’igisagara, n’ibikingi vyompi vy’irembo, abishingūra vyose hamwe n’igihindizo cavyo, abita ku bitugu, abidūgana ku mpinga y’umusozi urābana n’i Heburoni”.
8 Nta mazinda yuko inzugi be n’ibikingi vy’irembo vy’igisagara kizitiwe nka Gaza vyari binini kandi biremereye. Ibaze nka hamwe woba ugerageje kuvyikorera! Samusoni yaravyikoreye, mugabo yabitwaye hehe, kandi urugendo yategerejwe kugira rwari rumeze gute? Urabona, igisagara ca Gaza kiri ku nkengera, nko ku buringanire bw’ikiyaga. [15] Ariko rero, Heburoni coco kiri amaja mu Buseruko ku bukiruruke bw’imetero 900, hakaba haduga koko! Ntidushobora kumenya neza na neza ahari uwo “musozi urābana n’i Heburoni”, mugabo ico gisagara kiri ku bilometero nka 60 uvuye i Gaza, kandi haraduga rwose! None kumenya urugendo Samusoni yagize, ntibirushiriza kutwereka ko yakoze igikorwa gikomeye? Niwibuke kandi icatumye Samusoni ashobora gukora ivyo bikorwa: ‘Impwemu y’Uhoraho yamuzako akabushungwe’ (Abacamanza 14:6, 19; 15:14). Twebwe abakirisu muri iki gihe, ntitwitega ko impwemu y’Imana yoduha inguvu z’umubiri zidasanzwe. Yamara, iyo mpwemu nyene y’ububasha irashobora gutuma turushiriza gutahura ibintu vy’impwemu vyimbitse ikongera igatuma dukomera mu mutima (1 Ab’i Korinto 2:10-16; 13:8; Abanyefeso 3:16; Ab’i Kolosayi 1:9, 10). Ego cane, gutahura inkuru ivuga ivya Samusoni bituma turushiriza kujijuka yuko impwemu y’Imana ishobora kudufasha.
9, 10. (a) Gideyoni yatsinze gute Abamidiyani? (b) Kumenya ivy’intara zivugwa muri iyo nkuru bishobora gute kwongereza uburemere bwayo?
9 Intsinzi Gideyoni yatahukanye ku Bamidiyani ni iyindi nkuru ishimika ku kamaro ko kumenya uburebure bw’ingendo zivugwa mu nkuru zo muri Bibiliya. Abasomyi benshi ba Bibiliya barazi yuko Umucamanza Gideyoni hamwe n’ingabo ziwe 300 banesheje urunani rw’ingabo 135.000 zari zabateye, zikaba zari zigizwe n’Abamidiyani, Abamaleki, be n’abandi bari bacumbitse mu kiyaya c’i Yezireli, hafi y’umusozi Moreya. [18] Ingabo za Gideyoni zaravugije inzamba, ziramenagura imibindi kugira ngo zerekane imuri zari zifise, maze ziha akaruru ziti: “Inkota n’iy’Uhoraho na Gideyoni!”. Ivyo vyarateye umuvurungano mu bansi vyongera birabarandura umutima, gushika n’aho batangura kuzibagurana inkota (Abacamanza 6:33; 7:1-22). None ico ni co conyene cabaye, nk’aho womenga ni ikintu kimwe cabaye nk’aka kanya mu mwiza w’ijoro? Shishikara gusoma mu Bacamanza ikigabane ca 7 n’ica 8. Uraza kubona ko Gideyoni yomye inyuma ico gitero. Bimwebimwe mu bibanza vyinshi bivugwamwo usanga ari ibibanza bitazwi muri iki gihe, ari co gituma bishobora kutaboneka ku makarata ya Bibiliya. Naho ari ukwo, ibibanza bitari bike muri vyo biramenyekana, tukaba rero dushobora gukurikirana ivyo Gideyoni yakoze.
10 Gideyoni yaromye inyuma abasigaye muri izo ngabo zari zigize urunani, zirinda zishika i Betishita hanyuma zishika amaja mu Buseruko i Abeli-mehola, hafi ya Yorodani (Abacamanza 7:22-25). Iyo nkuru igira iti: “Gideyoni ashika kuri Yorodani, ajabukana na za ngabo ziri kumwe na we amajana atatu, zicōmye inyuma y’abansi, zinaniwe” (Ni twe dushimitse.). Abisirayeli bamaze kujabuka, barakurikiye abo bansi amaja mu Bumanuko gushika i Sukoti n’i Peniyeli, hafi y’i Yaboki, hanyuma baduga imisozi bashika i Yogibeha (hegeranye n’igisagara ca Amman co muri iki gihe, mu gihugu ca Yorodaniya.). Urwo rugendo bagize rwari urw’ibilometero nka 80 babomye inyuma bongera barwana na bo. Gideyoni yarafashe mpiri abami babiri b’Abamidiyani maze arabagandagura, hanyuma asubira mu gisagara ciwe Ofura, ahahereranye n’ikibanza intambara yatanguriyemwo (Abacamanza 8:4-12, 21-27). Biratomoye rero yuko ivyo Gideyoni yakoze bitamaze gusa iminuta mikeyi yo kuvuza inzamba, kuzungagiza imuri, no kuvuza akaruru. Iyumvire kandi ingene ivyo vyongereza uburemere bw’aya majambo avuga ivyerekeye abagabo b’ukwizera. Agira ati: “Igihe condengana ndondoye ivya Gideyoni [be n’ivy’abandi bahinduwe] mu ntege nke ngo [ba]cike inkomezi, no kuba agahebuza mu ntambara” (Abaheburayo 11:32-34). Abakirisu na bo nyene boshobora kuruha ku mubiri; ariko none ntibihambaye kuguma dukora ivyo Imana igomba?—2 Ab’i Korinto 4:1, 16; Ab’i Galatiya 6:9.
Abantu biyumvira gute kandi bifata gute?
11. Ni urugendo uruhe rwagizwe imbere be n’inyuma y’uko Abisirayeli bashika i Kadeshi?
11 Bamwebamwe boshobora kwikora ku makarata ya Bibiliya kugira ngo bagenekereze ibibanza binaka. Mugabo wibaza yuko amakarata ashobora gutuma umuntu amenya ukuntu abantu biyumvira? Dufate akarorero ka ba Bisirayeli bavuye ku Musozi Sinayi berekeza mu Gihugu c’Isezerano. Bagiye barahagarara mu nzira, amaherezo bashika i Kadeshi (canke Kadeshi-baruneya). [9] Mu Gusubira mu vyagezwe 1:2 herekana yuko urwo rwari urugendo rw’imisi 11, urugendo rw’ibilometero nka 270. Bari ngaho i Kadeshi, Musa yararungitse abatasi 12 mu Gihugu c’Isezerano (Guharūra 10:12, 33; 11:34, 35; 12:16; 13:1-3, 25, 26). Nya batasi bagiye berekeje mu Buraruko baciye i Negebu, bikaba bishoboka ko baciye i Beri-sheba, hanyuma i Heburoni, maze bashika ku mbibe zo mu Buraruko z’Igihugu c’Isezerano (Guharūra 13:21-24). Kubera Abisirayeli bemeye raporo ica intege ya ba batasi cumi, babwirijwe kumara imyaka 40 bayerera mu bugaragwa (Guharūra 14:1-34). Ivyo bihishura iki ku vyerekeye ukwizera kwabo be n’umutima wabo wo kwizigira Yehova?—Gusubira mu vyagezwe 1:19-33; Zaburi 78:22, 32-43; Yuda 5.
12. Dushobora gushika ku kihe ciyumviro ku vyerekeye ukwizera kw’Abisirayeli, kandi ni kubera iki ico ari ikintu dukwiye kuzirikanako?
12 Zirikana kuri ivyo bintu ufatiye ku ndondabihugu. Iyo Abisirayeli bagaragaza ukwizera maze bagakurikira impanuro bahawe na Yosuwa be na Kalebu, biba none vyarabaye ngombwa ko bagenda urugendo rurerure kugira ngo bashike mu Gihugu c’Isezerano? Kadeshi hari nko ku bilometero 16 uvuye i Lahayi-loyi, aho Isaka na Rebeka bari barabaye. [7] Hari ku bilometero bidashika 95 uvuye i Beri-sheba, ahavugwa ko hari urubibe rwo mu Bumanuko rw’Igihugu c’Isezerano (Itanguriro 24:62; 25:11; 2 Samweli 3:10). Kubera ko bari bagize urugendo kuva mu Misiri gushika ku Musozi Sinayi maze bakagenda ibilometero 270 gushika i Kadeshi, basa n’abari kw’irembo ry’Igihugu c’Isezerano. Ku bitwerekeye, turi kw’iyinjiriro ry’Iparadizo yasezeranywe yo kw’isi. Ivyo none bitwigisha iki? Intumwa Paulo yafatanije ivy’Abisilayeli n’iyi mpanuro: “Nuko tugire umwete wo gushika mur’ubgo buruhukiro, hoye kugira umuntu agwa, akurikiye icitegererezo ca ba bandi co kutumvira Imana”.—Abaheburayo 3:16–4:11.
13, 14. (a) Ni ibiki vyatumye Abanyagibeyoni bagira ikintu kidasanzwe? (b) Ni igiki gihishura agatima Abanyagibeyoni bari bafise, kandi ivyo bikwiye kutwigisha iki?
13 Agatima gahushanye n’ako, ni ukuvuga agatima ko kwizigira Imana kugira ngo dukore ivyo igomba, karibonekeza mu nkuru yo muri Bibiliya ivuga ivy’Abanyagibeyoni. Yosuwa amaze kurongora Abisirayeli akabajabutsa Uruzi Yorodani maze akabashikana mu gihugu Imana yasezeraniye uruvyaro rwa Aburahamu, igihe co kwirukana Abanyakanani cari kigeze (Gusubira mu vyagezwe 7:1-3). Aho harimwo n’Abanyagibeyoni. Abisirayeli baratembagaje Yeriko na Hayi maze bacumbika hafi y’i Gilugali. Abanyagibeyoni ntibashatse gupfa nk’Abanyakanani bavumwe, ari co gituma baciye barungika ababaserukira kuri Yosuwa i Gilugali. Bigize nk’abantu bavuye mu ntara itari iya Kanani kugira ngo bashobore kugiranira n’Abaheburayo amasezerano y’amahoro.
14 Abo bene kubaserukira bavuze bati: “Twebwe abasavyi bawe tuvuye mu gihugu ca kure iyo bigwa, kand’ikituzanye ino ni ku bg’izina ry’Uhoraho Imana yawe” (Yosuwa 9:3-9, ni twe dushimitse.). Impuzu zabo be n’ibifungurwa vyabo vyasa n’ivyemeza yuko bari bavuye kure rwose, mugabo kubwa ngingo Gibeyoni hari nko ku bilometero 30 uvuye i Gilugali. [19] Kubera ko Yosuwa be n’abakuru b’ishengero bari baheze amazinda, baciye bagiranira amasezerano yo kuzobana amahoro na Gibeyoni be n’ibisagara bifatanye na Gibeyoni. None amayeri y’Abanyagibeyoni yoba gusa yari uburyo bwo kwirinda gusangangurwa? Yaragaragaje riho ko bari bafise icipfuzo co kuba abatoni b’Imana ya Isirayeli. Yehova yaremeje yuko Abanyagibeyoni boba “abashenyi n’abavomyi b’iryo shengero, n’ab’igicaniro [“ca Yehova”, NW]” bakaza barasenya inkwi z’igicaniro gitangirwako ibimazi (Yosuwa 9:11-27). Abanyagibeyoni barabandanije kugaragaza ko bafise umutima ukunze wo gukora ibikorwa bibayabaye mu murimo wa Yehova. Birashoboka cane yuko bamwebamwe muri bo bari mu Banetinimu bahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero bagarutse bavuye i Babuloni, kandi bagafasha mw’isanurwa ry’urusengero (Ezira 2:1, 2, 43-54; 8:20). Turashobora kwigana agatima bagaragaje mu kwihatira kuguma dufitaniye amahoro n’Imana no mu kugira umutima ukunze wo kurangura mbere ibikorwa bibayabaye mu murimo wayo.
Nitube abantu bigora
15. Ni kubera iki dukwiye kwitwararika indondabihugu ku vyerekeye Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu?
15 Indondabihugu y’ibihugu bivugwa muri Bibiliya iravugwa mu nkuru zo mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, nk’akarorero ingendo Yezu yagize, izo intumwa Paulo yagize be n’ubusuku baranguye (Mariko 1:38; 7:24, 31; 10:1; Luke 8:1; 13:22; 2 Ab’i Korinto 11:25, 26). Mu nkuru zikurikira, nugerageze gusa n’uwubona mu bwenge ingendo zivugwamwo.
16. Abakirisu b’i Beroya bagaragaje gute ko bakunda Paulo be n’uko bamuha agaciro?
16 Ku rugendo rwiwe rugira kabiri rw’ubumisiyonari (umurongo usa n’umuyugubwe [violet] kw’ikarata), Paulo yashitse i Filipi, ubu hahaba iri mu Bugiriki. [33] Yarashinzeyo intahe, arapfungwa hanyuma ararekurwa, araheza aja i Tesalonike (Ivyakozwe 16:6–17:1). Igihe Abayuda bateza akaguma, abavukanyi b’i Tesalonike bahimirije Paulo ngo aje i Beroya, hakaba hari ku bilometero nka 65 uvuye i Tesalonike. Paulo yararoraniwe mu busuku yaranguye i Beroya, mugabo Abayuda baraza maze bavyura imivurungano mu bantu. Kubera ivyo, “uwo mwanya bene Data banyuruza Paulo ngw ahave, aje ku kiyaga”, maze “abaherekeje Paulo bamugeza i Atenayi” (Ivyakozwe 17:5-15). Biboneka yuko abantu bamwebamwe bari baherutse guhindukirira ubukirisu bemeye n’umutima ukunze kugira urugendo rw’ibilometero 40 gushika ku Kiyaga Egée [Soma Eje], barariha amahera y’ubwato, maze bagira urugendo rw’ibilometero 500 mu bwato. Urugendo nk’urwo rwarashobora kubamwo agaka, mugabo abo bavukanyi baremeye guca muri ako kaga, gutyo baramarana umwanya munini n’uwo muntu w’ingenzi yaserukira Imana.
17. Ni igiki dushobora kurushiriza gutahura tumaze gutegera urugendo ruri hagati ya Mileta na Efeso?
17 Ku rugendo rwiwe rugira gatatu (umurongo w’urwatsi rutoto kw’ikarata), Paulo yarashitse ku kivuko c’i Melita. Yaratumyeko abagabo b’inararibonye bo mw’ishengero ry’i Efeso, hakaba hari urugendo rw’ibilometero nka 50. Sa nk’uwubona mu bwenge abo bakurambere bariko bahagarika ibindi bikorwa vyabo kugira ngo baje aho Paulo ari. Igihe bari mu nzira, bashobora kuba bagiye baganira n’igishika ku vyerekeye umubonano bari bimirije kugira. Bamaze kubonana na Paulo bakongera bakamwumva atura isengesho, “bose barari[ze] cane, bagwa Paulo mw izosi, baramugumbira”. Ivyo biheze, “baramuhereke[je], bamugeza ku bgato” kugira ngo ashishikare i Yeruzalemu (Ivyakozwe 20:14-38). Bategerezwa kuba bari bafise ibintu vyinshi bazirikanako n’ivyo baganirako igihe bari ku rugendo basubiye i Efeso. Ntukorwa ku mutima none n’ugukenguruka bagaragaje mu kugira urugendo rungana gutyo n’amaguru kugira ngo bifatanye n’umusuku w’ingenzi yashobora kugira ivyo abamenyesheje akongera akabaremesha? Ivyo woba hari ikintu wobikuramwo woshira mu ngiro mu buzima bwawe no mu kuntu wiyumvira?
Numenye ico gihugu be n’ibintu tubikiwe
18. Dushobora kwiyemeza gukora iki ku vyerekeye ibibanza bivugwa muri Bibiliya?
18 Uburorero duhejeje kurimbura burerekana akamaro ko kumenya igihugu Imana yahaye Abisirayeli, kandi ico gihugu ni co inkuru nyinshi zivugwa muri Bibiliya zishingiyeko (Vyongeye, turashobora kwagura ishusho yacu yo mu bwenge tukiga n’ivyerekeye ibihugu bivugwa mu nkuru zo muri Bibiliya vyari bikikije ico gihugu.). Uko turushiriza kwiga no gutegera ivyerekeye canecane Igihugu c’Isezerano, turashobora kwamiza ku muzirikanyi ikintu nyamukuru Abisirayeli basabwa kugira binjire muri ico gihugu c’“amata n’ubūki” bongere bakinezerererwe. Ico kintu basabwa kwari ugutinya Yehova n’ukwitondera amabwirizwa yiwe.—Gusubira mu vyagezwe 6:1, 2; 27:3.
19. Ni amaparadizo abiri ayahe dukwiye kubandanya gushirako umutima?
19 No muri iki gihe nyene, turakeneye gushitsa uruhara rutwega, na rwo rukaba ari ugutinya Yehova no kwumira ku nzira ziwe. Nitwabigira, tuzoba turiko turaterera agacumu k’ubumwe mu vy’ukwagura no gushariza iparadizo yo mu vy’impwemu iriho ubu mw’ishengero rya gikirisu rikwiye kw’isi yose. Tuzorushiriza kumenya ibiyigize be n’imihezagiro iva kuri yo. Vyongeye, turazi yuko hariho iyindi mihezagiro iturindiriye. Yosuwa yararongoye Abisirayeli abajabukana Yorodani maze abashikana mu gihugu cimbuka kandi kirangwamwo agahimbare. Ubu turafise imvo yumvikana yo kwitegana umwizero Iparadizo yo kw’isi, ni ukuvuga ca gihugu ciza kiri imbere yacu.
Woba uvyibuka?
• Ni kubera iki dukwiye kugira icipfuzo co kurushiriza kumenya no gutahura ivyerekeye ibihugu bivugwa muri Bibiliya?
• Ni ikihe kintu kijanye n’indondabihugu carimbuwe muri iki kiganiro cagucishije ubwenge rwose?
• Ni icigwa ikihe cibonekeje bimwe bidasanzwe kuri wewe igihe wariko uriga ibindi bintu vyerekeye indondabihugu ivugwa mu kintu kinaka cabaye?
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 14]
‘Raba ca gihugu ciza’
Ku mahwaniro y’intara yabaye mu 2003 no mu 2004, Ivyabona vya Yehova baranezerejwe no kuronka agatabu kavuga ngo ‘Raba ca gihugu ciza’. Ako gatabu gashasha, kaboneka mu ndimi nka 80, kuzuyemwo amakarata be n’ibicapo vy’amabara y’indobeke vyerekana uturere dutandukanye tw’isi tuvugwa muri Bibiliya, na canecane ca Gihugu c’Isezerano mu biringo bitandukanye.
Ikiganiro kiri kumwe n’uru ruzitiro kirerekeza ku makarata kanaka gikoresheje inomero z’impapuro ziboneka mu gitigiri kizize, nk’akarorero [15]. Nimba ufise ako gatabu gashasha, numare akanya wimenyereza imice ikaranga ishobora kugufasha kurushiriza kumenya no gutegera Ijambo ry’Imana.
(1) Amakarata menshi ari kumwe n’utujambo canke uruzitiro bishira ahabona urutonde rw’amajambo asigura utumenyetso tudasanzwe canke utundi tuntu tudasanzwe turi kw’ikarata [18]. (2) Menshi muri ayo makarata arimwo umurongo werekana uburebure bw’ahantu hanaka mu ngero z’uburebure zitwa miles no mu bilometero, uwo murongo ukaba uzogushoboza gutegera ukuntu akarere kanaka kangana canke ukuntu kareha [26]. (3) Hakunze kubonekamwo akampi karaba mu Buraruko, gatuma ushobora kumenya iyo werekeza [19]. (4) Akenshi ayo makarata usanga arimwo amabara kugira ngo yerekane ahantu hagenda hakirurutse gusumba ahandi muri rusangi [12]. (5) Ku mibari y’ikarata yinaka hashobora kuba hariko indome be n’ibiharuro kugira ngo ushobore kwiyumvira imirongo ihagaze n’iyikikamye, iyo ushobora gukoresha mu kuyihuza kugira ngo utore ahari ibisagara canke amazina binaka [23]. (6) Kw’ironderero ryerekana amazina y’ahantu riri ku mpapuro zibiri [34-35], urahabona inomero y’urupapuro mu giharuro kizize, akenshi gikurikiwe n’urudome ruri kumwe n’igiharuro, nk’akarorero E2. Umaze akanya ukoresha iyo mice, woshobora gutangazwa n’ukuntu yogufasha vy’ukuri kwongereza ubumenyi bwawe n’ugutegera Ijambo ry’Imana kwawe.
[Chart/Ikarata ku rup. 16, 17]
IKARATA Y’INTARA KAMA
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
A. Inkengera y’Ikiyaga Kinini
B. Ibiyaya vyo mu Burengero bwa Yorodani
1. Ikiyaya c’i Asheri
2. Akanyororondwe ka Dori ko ku nkengera
3. Amaragiriro y’i Sharoni
4. Ikiyaya c’Ubufilisitiya
5. Umwonga wo hagati na hagati mu Buseruko bushira Uburengero
a. Ikiyaya c’i Megido
b. Ikiyaya c’i Yezireli
C. Imisozi yo mu Burengero bwa Yorodani
1. Imirambi y’i Galilaya
2. Imirambi y’i Karumeli
3. Imirambi y’i Samariya
4. Shefela (imirambi idakirurutse cane)
5. Akarere k’imisozi k’Ubuyuda
6. Ubugaragwa bw’Ubuyuda
7. Negebu
8. Ubugaragwa bw’i Parani
D. Araba (Ikinyika)
1. Itororokanirizo ry’amazi ry’i Hula
2. Akarere gakikuje Ikiyaga c’i Galilaya
3. Umwonga wa Yorodani
4. Ikiyaga c’Umunyu
5. Araba (mu Bumanuko bw’Ikiyaga c’Umunyu)
E. Imisozi be n’Amataba vyo mu Buseruko bwa Yorodani
1. Bashani
2. Gileyadi
3. Amoni na Mowabu
4. Itaba ry’imisozi rya Edomu
F. Imisozi y’i Lebanoni
[Ikarata]
Msz. Herumoni
Moreya
Abeli-mehola
Sukoti
Yogibeha
Beteli
Gilugali
Gibeyoni
Yeruzalemu
Heburoni
Gaza
Beri-sheba
Sodomu?
Kadeshi
[Ikarata/Ifoto ku rup. 15]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
KANANI
Megido
GILEYADI
Dotani
Shekemu
Beteli (Luzi)
Hayi
Yeruzalemu (Salemu)
Betelehemu (Efurata)
Mamure
Heburoni (Makipela)
Gerari
Beri-sheba
Sodomu?
NEGEBU
Rehoboti?
[Imosozi]
Moriya
[Amazi]
Ikiyaga c’Umunyu
[Inzuzi]
Yorodani
[Ifoto]
Aburahamu yarajabutse ico gihugu
[Ikarata ku rup. 18]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Tirowa
SAMOTIRAKE
Neyapoli
Filipi
Amfipoli
Tesalonike
Beroya
Atenayi
Korinto
Efeso
Mileto
RODO