ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/12 rup. 8-rup. 12 ing. 5
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yosuwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yosuwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • BARI MU ‘BIYAYA VY’UBUGARAGWA VY’I YERIKO’
  • (Yosuwa 1:1–5:15)
  • BASHISHIKARA KWIGARURIRA INTARA
  • (Yosuwa 6:1–12:24)
  • YOSUWA YANZIKA IGIKORWA CA NYUMA GIHAMBAYE
  • (Yosuwa 13:1–24:33)
  • ‘Nta kintu na kimwe kitashitse’
  • Ivyo Yosuwa Yibutse
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Yosuwa 1:9: “Gira umutima rugabo kandi ukomere”
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Yipfuza ko twererwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Abisirayeli binjira i Kanani
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/12 rup. 8-rup. 12 ing. 5

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yosuwa

ABISIRAYELI bashagaje mu Biyaya vy’i Mowabu mu mwaka wa 1473 B.G.C. Akamwemwe gategerezwa kuba kabasya igihe bumva amajambo agira ati: “Ni murondere impamba, kuko mu misi itatu muzojabuka rurya ruzi Yorodani, kugira ngo mwinjire ico gihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye ngo mucegukire” (Yosuwa 1:11). Imyaka 40 babwirizwa kumara mu bugaragwa iri mu guhera.

Haciye imyaka 20 irenga gatoya, ya ndongozi Yosuwa irahagarara hagati mu gihugu c’i Kanani maze ikabwira abakuru b’Abisirayeli iti: “None rāba amahanga agisigaye, hamwe n’amahanga yose naranduye, nabahesheje ubupfindo ibihugu vyabo ngo bibe amashamvu y’imiryango yanyu, uhereye kuri Yorodani ugashitsa ku kiyaga kinini gihera iburengerazuba. Kand’Uhoraho Imana yanyu azobakinagiza imbere yanyu, abirukane babave imbere, muheze mubone kwegukira igihugu cabo, nk’uk’Uhoraho Imana yanyu yababgiye”.—Yosuwa 23:4,5.

Igitabu ca Yosuwa, ico yanditse mu mwaka wa 1450 B.G.C., ni inkuru ya kahise ishwangamura umutima ivuga ivyabaye muri iyo myaka 22. Kubera ko turi kw’iyinjiriro ry’isi nshasha yasezeranywe, uko ivyacu vyifashe birasa n’uko ivy’Abisirayeli vyari vyifashe, abari barindiriye kwegukira Igihugu c’Isezerano. Nimuze rero turimbure igitabu ca Yosuwa tubigiranye igishika cinshi.—Abaheburayo 4:12.

BARI MU ‘BIYAYA VY’UBUGARAGWA VY’I YERIKO’

(Yosuwa 1:1–5:15)

Mbega ibanga rihambaye Yosuwa ahabwa igihe Yehova amubwira ati: “Mose umusavyi wanje yāpfuye; none rero va hasi, ujabukane aba bantu bose urwo ruzi Yorodani, muje mu gihugu mbahaye, mwebge Abisirayeli” (Yosuwa 1:2)! Yosuwa ategerezwa kurongora ihanga rigizwe n’abantu amamiliyoni nk’angahe akarishikana mu Gihugu c’Isezerano. Mu kwitegura, arungika abatasi babiri iYeriko, kino kikaba ari co gisagara bategerezwa kwigarurira ubwa mbere. Muri ico gisagara habamwo Rahabu wa mumaraya, uno akaba yarumvise ibitangaza Yehova yakoreye abasavyi biwe. Arakingira akongera agafasha nya batasi maze bakamusezeranira yuko bazomuziguriza.

Nya batasi bagarutse, basanga Yosuwa hamwe n’abantu biteguriye kugenda ngo bajabuke Yorodani. Naho urwo ruzi rwuzuye, ntirubabera intambamyi, kubera ko Yehova atuma amazi ava ruguru yirundaniriza hamwe nk’ayo bagomeye akongera agatuma amazi yo hepfo aherera mu Kiyaga c’Umunyu. Abisirayeli bamaze kujabuka Yorodani, basagaza iGilugali, hafi y’i Yeriko. Haciye imisi ine, ku mugoroba w’umusi ugira 14 w’ukwezi kwa Abibu, barahimbaza Pasika mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko (Yosuwa 5:10). Bukeye, batangura kurya bimwebimwe mu vyeze muri ico gihugu, maze ivyo guhabwa manu bica birahagarara. Muri ico gihe, Yosuwa arakeba abantu bose b’igitsina gabo bavukiye mu bugaragwa.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

2:4, 5—Ni kubera iki Rahabu ayovya abantu batumwe n’umwami bariko barondera abo batasi? Rahabu arakingira nya batasi akemera gushira mu kaga ubuzima bwiwe kubera ko yizeye Yehova. Ku bw’ivyo rero, ntabwirizwa guhishurira abo bantu barondera kugirira nabi abasavyi b’Imana aho nya batasi bari (Matayo 7:6; 21:23-27; Yohana 7:3-10). Nkako, Rahabu “yatsindanishirijwe n’ibikorwa”, harimwo n’ico gikorwa co kuyovya intumwa z’umwami.—Yakobo 2:24-26.

5:14, 15—Uwo “mugabisha w’ingabo z’Uhoraho” ni nde? Uwo mugabisha aza gukomeza Yosuwa igihe batanguye kwigarurira Igihugu c’Isezerano, birashoboka rwose yuko atari uwundi atari “Jambo”, ni ukuvuga Yezu Kirisitu imbere y’uko aba umuntu (Yohana 1:1; Daniyeli 10:13). Emwe, kumenya yuko Yezu Kirisitu yaninahajwe ari kumwe n’abasavyi b’Imana muri iki gihe uko barwana intambara yo mu vy’impwemu, ni ikintu gikomeza!

Ivyigwa tuhigira:

1:7-9. Gusoma Bibiliya ku musi ku musi, kuzirikana ubudahorereza ku vyo ivuga, no gushira mu ngiro ivyo twiga ni ntahara kugira turoranirwe mu twigoro tugira two mu vy’impwemu.

1:11. Yosuwa arasaba abantu ngo bironderere impamba aho kwiraramira ngo Imana ibe ari yo iyibaronsa. Kuba Yezu yaraduhimirije kureka kwiganyira ku bijanye n’ivyo dukeneye mu buzima, hamwe n’umuhango yatanze w’uko “ivyo vyose [t]uzovyongerwa”, ntibisigura yuko tudakwiye kugira ico dukoze ngo twironse ikitubeshaho.—Matayo 6:25,33.

2:4-13. Rahabu amaze kwumva ibikorwa bihambaye Yehova yakoze akongera agatahura yuko ico gihe kitoroshe, arafata ingingo yo gushigikira abambaji ba Yehova. Nimba umaze igihe kinaka wiga Bibiliya ukaba kandi utahura yuko turi mu “misi y’iherezo”, ntiwoba none ukwiye gufata ingingo yo gukorera Imana?—2 Timoteyo 3:1.

3:15. Kubera ko raporo y’abo batasi bari barungitswe iYeriko ari nziza, Yosuwa aca agira ico akoze adatebaganye, ata kurindira ngo amazi ya Yorodani agabanuke. Ku vyerekeye ibikorwa bijanye n’ugusenga kw’ukuri, dutegerezwa gukorana umutima rugabo aho kurindira ngo ibintu bise n’ibimera neza kuruta.

4:4-8, 20-24. Ayo mabuye 12 yakuwe mu ruzi Yorodani yari kuba icibutso ku Bisirayeli. Ibikorwa vya Yehova vyo kurokora abasavyi biwe bo mu bihe vya none akabakiza abansi babo, na vyo nyene ni ikintu kibibutsa yuko ari kumwe na bo.

BASHISHIKARA KWIGARURIRA INTARA

(Yosuwa 6:1–12:24)

Abo mu gisagara c’i Yeriko ‘biyugaranye barahadadira . . . ; nta wurenga irembo, kandi nta wushika imbere’ (Yosuwa 6:1). None ico gisagara kiza kwigarurirwa gute? Yehova araha Yosuwa ubuhinga bwo kucigarurira. Kerakera impome ng’izo hasi, igisagara na co kiba kirasenyaguritse. Rahabu be n’abo mu rugo rwiwe bonyene ni bo barokoka.

Ubukurikira, barigarurira igisagara citwa Hayi kikaba ari umurwa w’umwami. Abatasi barungitswe muri ico gisagara bavuga yuko kibamwo abantu bakeyi, ari co gituma hadakenewe abantu benshi bo kugisangangura. Ariko rero, abasoda bababa 3.000 barungitswe gutera ico gisagara barakinagizwa n’abantu b’i Hayi. Kubera iki? Kubera yuko Yehova atari kumwe n’Abisirayeli. Akani wo mu muryango wa Yuda yaracumuye igihe batera Yeriko. Yosuwa amaze gutunganya iyo ngorane, aratera Hayi. Kubera ko umwami w’i Hayi yigeze kunesha Abisirayeli, arashashaye gutana mu mitwe na bo. Mugabo Yosuwa arakoresha ubuhinga butuma abantu b’i Hayi biyizigira kurenza urugero bigatuma yigarurira ico gisagara.

Gibeyoni ni ‘igisagara gihambaye, gisumba Hayi, kandi abantu baho bose ni abahizi’ (Yosuwa 10:2). Ariko rero, abantu b’i Gibeyoni bamaze kwumva yuko Abisirayeli batsinze Yeriko na Hayi, barakoresha amayeri kuri Yosuwa bigatuma abasezeranira kuzobana amahoro na bo. Amahanga ahakikije abona ko ukwo kwidohora guteye akaga kuri yo. Batanu mu bami b’ayo mahanga baragira urunani maze bagatera Gibeyoni. Isirayeli iratabara Abanyagibeyoni maze ikanesha rwose bene gutera. Izindi ntsinzi z’Abisirayeli mu gihe Yosuwa yari indongozi yabo zarimwo ibisagara vyo mu Bumanuko no mu Burengero, hamwe n’ukunesha urunani rw’abami bo mu Buraruko. Abami bose baneshejwe mu Burengero bwa Yorodani bashika kuri31.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

10:13—Ikintu kidasanzwe nk’ico gishoboka gute? “Mbega har’ikinanira Uhoraho”, we Muremyi w’ijuru n’isi (Itanguriro 18:14)? Yehova abishatse, yoshobora kuyobora ukundi izunguruka ry’isi ku buryo izuba n’ukwezi vyoboneka nk’aho bitava aho biri ku wuvyihweza ari kw’isi. Canke yoshobora kureka isi n’ukwezi bikabandanya kuzunguruka mugabo agakatisha imishwarara iva ku zuba n’iyiva ku kwezi ku buryo umuco w’ivyo bitangamuco bibiri ubandanya kwaka. Uburyo ubwo ari bwo bwose yakoresheje, “uwo musi nta wigeze guhwana na wo” muri kahise k’abantu.—Yosuwa 10:14.

10:13—Igitabu ca Yashari ni iki? Ico gitabu kiravugwa kandi muri 2 Samweli 1:18 mu kwerekeza ku cese citwa “Umuheto”, kikaba ari indirimbo yo gucura intimba ivuga ivya wa Mwami Sauli wa Isirayeli n’umuhungu wiwe Yonatani. Birashoboka yuko nya gitabu cari icegeranyo c’indirimbo n’ivyese vyavuga ibintu vyabaye kera canke vyo muri kahise, bikaboneka kandi ko cari kizwi cane mu Baheburayo.

Ivyigwa tuhigira:

6:26; 9:22, 23. Umuvumo Yosuwa yavumye igisagara c’i Yeriko igihe casangangurwa ushika haciye imyaka nka 500 (1 Abami 16:34). Umuvumo Nowa yavumye umwuzukuru wiwe Kanani ushika igihe Abanyagibeyoni bacika abaja (Itanguriro 9:25, 26). Ijambo rya Yehova ryama nantaryo riranguka.

7:20-25. Hari abovuga yuko ubusuma bwa Akani kari agacumuro gatoya, kumbure bakitwaza yuko butagiriye nabi abandi. Muri ubwo buryo nyene, boshobora kubona yuko kwiba utuntu dutoduto be no kurenga gatoya kw’itegeko rya Bibiliya ata co bitwaye. Ariko rero twebwe dukwiye kuba nka Yosuwa mu mwiyemezo twafashe wo kunanira imikazo yo gushaka gukora ibikorwa biteye kubiri n’amategeko canke ivy’ubushegabo.

9:15, 26, 27. Dutegerezwa gufatana uburemere ivyo twasezeranye kandi tukabishitsa.

YOSUWA YANZIKA IGIKORWA CA NYUMA GIHAMBAYE

(Yosuwa 13:1–24:33)

Kubera ko ubu Yosuwa ageze mu zabukuru, akaba ari mu gushikana imyaka 90, aratangura kugabanganya igihugu. Emwe, ico ni igikorwa amahero! Imiryango ya Reyubeni, Gadi be n’umuryango w’igice wa Manase yaramaze kuronka amashamvu yayo mu Buseruko bwa Yorodani. Imiryango isigaye ubu irahabwa ishamvu ku ruhande rw’i Burengerazuba biciye ku bupfindo.

Rya hema ari ryo taberunakulo rirashingwa iShilo mu karere ka Efurayimu. Kalebu ahabwa igisagara ca Heburoni, Yosuwa na we akaronka Timunati-sera. Abalewi bahabwa ibisagara 48, harimwo n’ibisagara 6 vy’ubuhungiro. Basubiye ku mashamvu yabo mu Buseruko bwa Yorodani, abarwanyi b’umuryango wa Reyubeni, uwa Gadi hamwe n’umuryango w’igice wa Manase barashinga igicaniro “kinini cībonekeza” (Yosuwa 22:10). Imiryango yo mu Burengero bwa Yorodani ibona ko ivyo bintu ari nk’igikorwa c’ubuhuni, maze hahakwa kwaduka intambara mu miryango, mugabo baririnda gusesa amaraso biciye ku guhanahana amakuru neza.

Yosuwa amaze igihe gitoya aba iTimunati-sera, akoranya abashingantahe b’Abisirayeli, abakuru babo, abacamanza, be n’abagabisha b’ingabo, abahimiriza kugira umutima rugabo no kuguma ari intahemuka kuri Yehova. Mu nyuma, Yosuwa arakoraniriza iShekemu imiryango yose y’Abisirayeli. Ng’aho, aradonda ivyo Yehova yakoze kuva mu gihe ca Aburahamu kubandanya, akongera akabahimiriza ‘gutinya Uhoraho, bakamusaba mu vy’ukuri ata buryarya’. Abantu baravyurirwa umutima wo kwishura bati: “Uhoraho Imana yacu ni we dusavye, kandi tuzomwumvira” (Yosuwa 24:14, 15, 24). Ivyo biheze, Yosuwa arapfa afise imyaka 110.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

13:1—Ivyo none ntibivuguruza ibivugwa muri Yosuwa 11:23? Oya, kubera ko ukwigarurira Igihugu c’Isezerano vyari bigizwe n’imice ibiri. Umuce wa mbere wari intambara yo kwigarurira ico gihugu muri rusangi yakuyeho abami 31 bo mu gihugu c’i Kanani, ikaba yasenyuye ububasha bw’Abanyakanani, umuce wa kabiri na wo ukaba wari ukwigarurira uturere twose tw’ico gihugu biciye ku ndwano z’imiryango be n’iz’abantu ku giti cabo (Yosuwa 17:14-18; 18:3). Naho Abisirayeli batirukanye Abanyakanani bose bari muri bo, abacitse kw’icumu ntibari babangamiye umutekano wa Isirayeli (Yosuwa 16:10; 17:12). Muri Yosuwa 21:44 havuga hati: “Uhoraho abaha impore impande zose”.

24:2—Se wa Aburahamu, ari we Tera, yoba yasenga ibigirwamana? Mu ntango, Tera ntiyari umusavyi wa Yehova Imana. Ashobora kuba yarasenga imana-kwezi yitwa Sini, kikaba cari ikimana casengwa cane iUri. Twisunze inkuru mpererekano z’Abayuda, Tera ashobora mbere kuba yari umuhinguzi w’ibigirwamana. Ariko rero, igihe Aburahamu yava iUri abitegetswe n’Imana, Tera yarajanye na we iHarani.—Itanguriro 11:31.

Ivyigwa tuhigira:

14:10-13. Naho Kalebu afise imyaka 85, arasaba igikorwa kigoye co kwirukana abantu baba mu ntara ya Heburoni. Ako karere kabamwo Abanaki, bakaba ari abantu bafise igihagararo kidasanzwe. Abifashijwemwo na Yehova, uwo murwanyi yakanongoreye arabirukana, maze Heburoni kigacika igisagara c’ubuhungiro (Yosuwa 15:13-19; 21:11-13). Akarorero ka Kalebu katuremesha kudatinya amabanga ya gitewokarasi agoye twoshingwa.

22:9-12, 21-33. Tubwirizwa kwiyubara tukirinda kwiyumvira ukutari kwo imvo abandi bakorana.

‘Nta kintu na kimwe kitashitse’

Yosuwa ageze mu zabukuru, abwira abagabo bajejwe amabanga muri Isirayeli ati: “[N]ta kintu na kimwe mu vyiza vyose Uhoraho Imana yanyu yabasezeraniye kitāshitse; vyose vyarasohoye” (Yosuwa 23:14). Ese ukuntu inkuru ya kahise ya Yosuwa ishira ahabona ico kintu mu buryo bushwangamura umutima!

Intumwa Paulo yanditse ati: “Ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba” (Abaroma 15:4). Turashobora guhera amazinda yuko icizigiro dufise mu vyo Imana yasezeranye atari impfagusa. Nta kintu na kimwe mu vyo yasezeranye kitazoshika; vyose bizosohora.

[Ikarata ku rup. 10]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Ibihugu vyigaruriwe igihe Yosuwa yari indongozi

BASHANI

GILEYADI

ARABA

NEGEBU

Uruzi Yorodani

Ikiyaga c’Umunyu

Mwg. wa Yaboki

Mwg. wa Arunoni

Hasori

Madoni

Lasharoni

Shimuroni

Yokineyamu

Dori

Megido

Kedeshi

Tanaki

Heferi

Tirusa

Afeka

Tapuwa

Beteli

Hayi

Gilugali

Yeriko

Gezeri

Yeruzalemu

Makeda

Yaramuti

Adulamu

Libuna

Lakishi

Eguloni

Heburoni

Debira

Aradi

[Ifoto ku rup. 9]

Woba uzi igituma Rahabu wamumaraya yatsindanishirijwe?

[Ifoto ku rup. 10]

Yosuwa yahimirije Abisirayeli ‘gutinya Uhoraho no kumusaba’

[Ifoto ku rup. 10]

Ibihugu vyigaruriwe igihe Yosuwa yari indongozi

[Ifoto ku rup. 12]

Ubusuma bwa Akani ntibwari agacumuro gatoya. Bwakweze akarambaraye

[Ifoto ku rup. 12]

“Ukwizera ni kwo kwatumye inzitiro z’amabuye z’i Yeriko zisenyuka”.—Abaheburayo 11:30

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika