Isekeza ryo gutangaza Icibutso rizotangura ku wa 1 Ntwarante
1. Ni ryari tuzotangura gutangaza Icibutso, kandi kubera iki iryo sekeza rizoba rirerire muri uwu mwaka?
1 Ku wa gatanu, igenekerezo rya 1 Ntwarante, tuzotangura isekeza riba buri mwaka ryo gutumira abantu ngo bazokwifatanye natwe ku Cibutso. Icibutso kizoba ku wa 26 Ntwarante, ivyo bikaba vyerekana ko iryo sekeza rizoba rirerire gato kuruta mu myaka iheze. Ivyo bizotuma abantu benshi baronka ubutumire, na canecane nimba basanzwe baba mu cibare cegukira ishengero rifise icibare kinini.
2. Ni intunganyo izihe zihari ku bijanye no kwironsa ubutumire be no guhetura icibare?
2 Nimugire ivyo mutunganije: Abakurambere bazotanga ubuyobozi bw’ukuntu icibare coheturwa, harimwo n’ivy’uko ubutumire bwosigwa canke ntibusigwe ku mihana atari ho bari. Bishitse hakagira ubutumire busigara mumaze guhetura icibare inzu ku nzu, bwoshobora gutangwa mu gihe co kwamamaza ku mugaragaro. Umucungezi w’umurimo azokwiyemeza ko hari ubutumire bukwiye bwashizwe harya hatangirwa ibisohokayandikiro kugira ngo abamamaji babwironse, ariko ubwo butumire ntibuzoshirwaho bwose icarimwe. Dukwiye gutora gusa ubwo tuzokoresha mu ndwi imwe.
3. Ni igiki dukwiye kugumiza ku muzirikanyi igihe dutanga ubutumire?
3 Tuzobushikiriza gute? Ni vyiza guca make, kuko ivyo bizotuma dushikira abantu benshi bashoboka. Ku rupapuro rwa 4 hariho uburyo bwo kubushikiriza, tukaba dushobora kubuhindura bivanye n’icibare cacu. Ariko ntiwumve, ntidukwiye kwihuta igihe umunyamuhana yatwakiriye neza canke afise ibibazo. Igihe dutanga ubutumire mu mpera z’umushamvu, turakwiye gutanga n’ibinyamakuru igihe bibereye. Ku wa 2 Ntwarante, tuzokwibanda ku gutanga ubutumire aho kwibanda ku gutanguza inyigisho za Bibiliya.
4. Ni kubera iki dukwiye kugira uruhara muri iryo sekeza tubigiranye umwete?
4 Turizigiye ko abantu benshi bazokwifatanya natwe ku Cibutso. Insiguro izoshikirizwa izokwerekana Yezu uwo ari we vy’ukuri. (1 Kor. 11:26) Izokwerekana ukuntu urupfu rwiwe rudufasha. (Rom. 6:23) Kandi izoshimika ku gituma bihambaye ko tumwibuka. (Yoh. 17:3) Ese twogira uruhara muri iryo sekeza tubigiranye umwete!